Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya mbere y’Ubushikiro. (Umwaka B)

Idominika ya mbere y’Ubushikiro. (Umwaka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)

Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza

DSCN5280Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.
Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe ?
Garukira abasavyi bawe
N’imiryango y’iragi ryawe.

Icompa ugastura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe !
Waramanutse, imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye atari Wewe.

Uhora usanganira abakorana akanyamuneza ivy’ubutungane,
n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka.
Ariko waragize ishavu kuko twacumuye,
Tukaguhemukira kuva kera.
Mugabo rero, tuzobona gukira.
Twese twarabaye nk’abahumanye,
Ubutungane bwacu bwose bukamera nk’impuzu yatyoye ;
Twese twarakambiranye nk’ikibabi,
Ibicumuro vyacu bikadutwara nk’umuyaga
Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
Nta waruka akwihekako ;
Kuko waduhishije inyonga zawe,
Ukadutana ibicumuro vyacu.
Ariko noneho, Mukama, uri Dawe ;
turi ibumba, nawe uri umubumvyi ;
twese turi igikorwa iminwe yawe yikoreye.

IZABURI 79 (80), 2ac. 3b. 15-16. 18-19

Icit : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
Tuzoca turokoka.

Wewe Mwungere w’Israeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe ;
Vyura ubugabo bwawe,
Uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
N’urabire mw’ijuru, wihweze :
N’ugarukire uwo muzabibu
Wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,
Umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
Ntaho tuzosubira kukuvirira :
Dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe!

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (1, 3-9)

Turiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Turabipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu. Simpengeshanya gukengurukira Imana ku bwanyu kubera inema y’Imana mwagabiwe muri Kristu Yezu, kuko muri We mwabaye abatunzi muri vyose, mu matungo yose y’ijambo n’ay’ubumenyi, ku ngero intahe mushingira Kristu ishemeye muri mwebwe.

Ni co gituma ata ngabirano n’imwe mubuze, mu gihe mwiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We kandi azoguma abakomeza gushika ku mpera, kugira ngo ntihagire ico bazobagiriza ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu.

Imana ni Rudatanamundagano, Yo yabahamagariye kwunga ubumwe n’Umwana wayo Yezu Kristu, Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
Uheze udutabaze urukiza rwawe.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 33-37)

Murabe maso kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira

Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Nimugabe, mube maso, kuko mutazi aho uwo musi uzoshikira. Ni nk’umuntu yamaze urubanza : mu kuva i muhira, agashikiriza vyose abantu biwe, agasiga asinze umwe umwe igikorwa ciwe, uwugarira na we akamwihanikiriza ashimitse ngo abe maso. Murabe maso rero kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira, ko ari ku mugoroba canke mu gicugu canke mu nkokó canke mu gitondo. Yohava abashikira giturumbuka agasanga musinziriye. Ivyo ndababariye, ndabibwiye bose : Murabe maso ! »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :