Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwaka B)

UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwaka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


presentation-of-jesus-at-the-temple-7669(Iyo habuze umusi w’Imana mu misi umunani ikurikira Noheli, bagira uwo musi mukuru kw’igenekerezo rya 30 Kigarama, kandi, imbere y’Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa bibiri vyabigenewe.
Mu guhimbaza uwo musi mukuru, iyo babishatse mu mwaka B, igisomwa ca mbere n’ica kabiri biba ibi bikurikira:

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (15, 1-6 ; 21, 1-3)

Uwuzova mu bura bwawe ni we azotorana ivyawe

Hanyuma y’ivyo, Umukama yabonekeye Abramu, amubwira ati: «Ntutinye, Abramu, jewe ndi inkinzo yawe; impera uzoronka ni nyinshi cane.» Abramu amwishura ati: «Mukama Mana, uzompa iki? Ko ngiye gupfa ata kana nsize kandi uwuzotorana ivyanje ari Eliyezeri w’i Damasi?» Abramu avuga ati: «Erega nta ruvyaro wampaye kandi uwuzotorana ivyanje ni umwe wo mu rugo rwanje.» Araheza Umukama aramuvumerera iri jambo ngo: «Uwo si we azotorana ivyawe, ariko umwe ava mu bura bwawe ni we azobitorana.»

Hanyuma, Umukama amujana hanze, amubwira ati: «Tereza amaso kw’ijuru, uheze uharure zirya nyenyeri niwaba ubishobora.» Yongera ati: «Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.» Abramu aca yemera Umukama, no kubera uko kwemera, Umukama amuraba nk’intungane.

Umukama agendera Sara nk’uko yari yabivuze, amugirira neza nk’uko yari yabimubwiye. Sara asama inda, avyarira umwana w’umuhungu Aburahamu mu busaza bwiwe, mu gihe Imana yari yamugeneye. Uwo mwana Sara yamuvyariye, Aburahamu amwita Izahaki.

IZABURI 104 (105) 1b-2, 3-4, 5-6, 8-9

Icit.: Umukama Imana yacu
         ntaho yigera yibagira isezerano ryiwe.

Nimushimire Umukama, mwambaze izina ryiwe,
mumenyeshe mu ntara zose ivyiza ntangere yabagiriye!
nimumuvyinire, mumucurarangire inanga,
mutangarire ivyiza vy’agatangaza yagize.

Murate izina ryiwe ryeranda,
imitima y’abarondera Umukama inezerwe!
Murondere Umukama n’ubukomezi bwiwe,
murondere inyonga ziwe mudatezuka.

Nimwibuke ivyiza vy’agatangaza yakoze,
ibitangaro vyiwe n’ingingo yashinze,
mwebwe ruvyaro rwa Aburahamu umusavyi wiwe,
namwe bana ba Yakobo Umukama yatoye akabatonesha.

Ntaho yigera yibagira isezerano ryiwe,
iryo yavumereye ko rizokwamaho
mu nzaruka igihumbi zikurikirana;
rya sezerano yasezeranye na Aburahamu,
ya ndahiro yarahiye Izahaki.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (11, 8. 11-12. 17-19)

Ukwemera kwa Aburahamu, Sara na Izahaki

Ncuti zanje,
Ukwemera ni kwo kwatumye Aburahamu agamburuka mu gihe yahamagarwa, akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana, kandi yagenda atazi iyo aja. Ukwemera ni kwo kwatumye na Sara nyene ashobora gusama inda n’aho yari ashaje, kuko yiyumviriye yuko uwabimwemereye akwiye kwemerwa. Ni co catumye umuntu umwe rudende – kandi uwo yari akaheze, – arondoka nk’inyenyeri zo kw’ijuru, nk’umusenyi udaharurwa wo ku nkombe z’ikiyaga. Ukwemera ni kwo kwatumye Aburahamu ahereza Izahaki mu gihe yageragezwa, kandi uwakiranye igishika isezerano agahereza umwana wiwe w’ikinege, umwe yari yabwiye ngo: «Muri Izahaki ni ho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa», yari yiyumviriye ko Imana ishobora n’ukuzura abapfuye; ni co gituma yamurokoreye umwana wiwe, ivyo na vyo bitubera ikimenyetso.

INKURU NZIZA
Ntihinduka, ni yo itegekanijwe.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 22-40)

Igisomwa kigufi: 2, 22. 39-40

Babonye hageze ko Mariya aja gutyororwa nk’uko Itegeko rya Musa ribivuga, abavyeyi ba Yezu bamujana i Yeruzalemu kumuhereza Umukama,

Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha

Nk’uko vyari vyanditswe mu mabwirizwa y’Umukama, ngo umwana w’imfura wese azoherezwa Umukama; kandi bari bajanywe n’uguhereza inkuka, udukundye tubiri canke utunuma tubiri, nk’uko Itegeko ry’Umukama ribivuga.
I Yeruzalemu na ho, hari hasanzwe umuntu yitwa Simeho. Uwo muntu yari intungane kandi yarakunda Imana; yari yiteze uruhoza rw’Israyeli, kandi Mutima Mweranda yari kumwe na we. Mutima Mweranda yari yaramumenyesheje ko atazopfa atarasanganira Kristu w’Umukama. Ni ko kuza mu gisengero yohejwe na Mutima. Abavyeyi ba Yezu bagasangwa bari bazanye akana Yezu ngo barangure imigenzo ibitegeka, Simeho aramwakira, ahezagira Imana ati:

«Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengukisha umusavyi wawe mu mahoro;
nkako, amaso yanje yihweje ubukiriro
wateguriye intara zose:
wa muco uboneshereza intara z’abapagani,
rya ninahazwa ry’icibare cawe Israyeli.»

Simeho arabahezagira, araheza abwira Mariya nyina wa Yezu ati: «Ha! Uwu mwana, abenshi mu Banyisrayeli bazomwandurako urupfu kandi yongere abere urukiza benshi: azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene, inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro vya benshi bizoheza vyibonekeze.»

Hariho umuhanuzikazi yitwa Anna, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Azeri. Yari ashaje cane. Yari yapfakaye amaze imyaka indwi abana n’umugabo wiwe; muri ico gihe yari ashikiriye imyaka mirongo umunani n’ine. Ntiyari akiva mu gisengero, yama aninahaza Imana ijoro n’umutaga mu kwisonzesha no mu gusenga. Muri ico kiringo nyene, ni ho yahezagira Imana, amenyesha uwo mwana abari biteze ko Yeruzalemu irokoka.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Ngo baheze kurangura ivyari vyategetswe n’Umukama, basubira mu Bugalile mu gisagara cabo Nazareti. Ni uko rero, umwana arakura, arakomera, aratera imbere mu bwitonzi; inema y’Imana vyari kumwe.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :