Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 2-5)

Umuhanuzi hagati y’ahagarariji

Umusi umwe, umutima waranyinjiyemwo, untuma mpaguruka, ndaheza numva Umukama ariko aranyagira, ambwira ati : « Mwana w’umuntu, ndakurungitse mu Banyisrayeli, muri kirya gihugu c’abagome bangararije. Bo na ba sekuru barancumuyeko gushika n’uyu musi. Ba bana b’ibigaba bakaba n’abantu b’intagondwa, ni bo ngutumyeko ngo ubabarire uti : ‘Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye…’ Bakumvira canke batakumvira, kuko ari ubwoko bw’abagarariji, bazoheza bamenye ko hari umuhanuzi hagati muri bo. »

IZABURI 122 (123) 1-2a, 2bcd, 3-4

Icit. : Tweza a maso ku Mukama,
         gushika azotugirire ikigongwe.

Ndakweza amaso,
Wewe uvyagiye mw’ijuru ;
Ehe raba ni kumwe umusavyi yeza amaso
iminwe ya shebuja.

Kumwe incoreke yeza amaso
iminwe y a inabuja,
natwe tweza amaso ku Mukama Mana yacu,
gushika azotugirire ikigongwe.

Tugirire ikigongwe, Mukama, tugirire ikigongwe,
kuko twahaze akagayo ;
umutima wacu waduhiwe
n’akagayo k’abanyabwishime.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 7-10)

Ndihayagiza mu magara make yanje,
kugira ngo Kristu abe ariwe ankomeza

Ncuti zanje,
Kugira ngo ivyiza vy’akatabonetse nahishuriwe ntibinteie kwishima, narashinzwe umusonga mu mubiri, intumwa ya shetani ija iranokeza ngo sinishime. Gushika gatatu kose, naratakambiye Umukama ngo abinyigizeyo. Ariko we yangize ati : « Inema yanje iragukwiye, kuko ubukomezi bwibonekeza mu magara make. » Ni co gituma ntatinya kwihayagiza mu magara make yanje, kugira ngo ubukomezi bwa Kristu bungereremwo. Niho nakîrana agahimbare uburyo buke mfise, agakengerwe, amakuba, urubamo n’amaganya mbona ku bwa Kristu. Aho hose ndi nta ntege, ni ho mba nkomeye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe ;
yandungitse kuburira Inkuru nziza aboro.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 1-6)

Umuhanuzi, ntiyumvirwa mu mavukiro yiwe

Umusi umwe, Yezu yafashe akayira asubira mu gihugu c’iwabo, n’abigishwa biwe baramuherekeza. Umusi w’isabato ugeze, aja mu kwigisha mw’isinagoga. Abantu benshi bamwumva barumirwa, bati : « Mbega, ivyo yabimenye ate ? Ubwo bwenge yabukuye hehe ? Ivyo bitangaro vyo akora abishobora ate ? None si wa mubaji, mwene Mariya, mwenewabo na Yakobo na Yozefu na Yuda be na Simoni ? Bashikibe bo ntibari aha muri twebwe ? Maze banka kumwemera. Yezu arababwira ati : « Umuhanuzi ntiyumvirwa mu mavukiro yiwe, mu ncuti n’imuhira iwabo. » Nta n’ibitangaro mbere yahakorera, atari abarwave bakeyi yakijije abakozako iminwe. Araheza ajorezwa n’ukutanyurwa kwabo. Yezu rero aja mu gukwira ibigwati yigisha.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :