IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 12-15)
Ubutumwa umuhanuzi atumwa n’Imana
Muri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yabariye umuhanuzi Amosi ati : « Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ariho urira utwawe, kandi abe ariho uvugira kw’izina ly’Imana. Ariko ntusubire kuvugira kw’izina ry’Imana ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, ariho hari ikigabiro ciwe. » Maze, Amosi yishura Amatsiya ati : « Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, canke uwukurikira umuhanuzi. Nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati : Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. »
IZABURI 84 (85) 9ab-10, 11-12, 13-14
Icit. : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.
Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro na yo amuherekeze.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (1, 3-14)
Igisomwa kigufi (1, 3-10)
Imana, Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, n’ihezagirwe,
Yo yaduhunze imihezagiro y’ubwoko bwose mw’ijuru muri Kristu.
Niyo yatwitoreye muri we isi itararemwa,
ngo tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe,
tugume mu rukundo.
Ni yo yatugenye kuva na kera
kuzoyibera abana ku bwa Yezu Kristu.
Iyo ni yo migabo y’ugushaka kwayo,
ngo yerekane ishimagizwa ry’ubuninanazwa bw’ingabirano
yatugabiye mu Mwana wayo nyagukundwa,
yaturonkeye kubw’amaraso yiwe
ubukiriro n’ikigongwe c’ibicumuro vyacu.
Ingabirano Imana yatuvotoreye ntizigira uko zingana :
ni zo ziduha ubwenge n’ubwitonzi
zikadufoborera ibanga ry’ishaka ryayo
n’imigabo yari yishingiye kuva na kera,
ngo iranguke muri Kristu, ubutigu bumaze kugera ;
kubera ubwitonzi bwiwe, yari yategekanije gukoraniriza vyose,
ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi,
mu nganji y’umwe rudende, Kristu.
(Igisomwa kigufi gihereraha)
Muri we, twebwe abana b’Israyeli, ni ho twasobanuriwe,
tugenwa hakiri kare kuzoba igihugu cayo,
nk’uko Yo igenza vyose yari yamye yabitegekanije uko ibishaka,
ngo tube abamye bizera Kristu,
ubuninahazwa bwayo bushimagizwe.
Muri Kristu, namwe ni ho mwumviye ijambo ry’ukuri
ari ryo Nkuru nziza y’ubukiriro bwanyu ;
kandi muri we ni ho mwemeye,
maze mushirwako ikimenyetso ca Mutima Mweranda,
ari we Mutima Imana yatwemereye,
akaba ari we ngwati y’iragi ryacu,
kugira ngo igihugu Imana yironkeye kirokoke rwose,
maze ubuninahazwa bwayo bushimagizwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
— Ese Se w’Umukama wacu Yezu Kristu yomurikira amaso y’imishaha yacu
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 7-13)
Yezu agirira ikigongwe ishengero
Umunsi umwe, Yezu yahamagaye bamwe Cumi na babiri, abarungika babiri babiri, abaha n’ububasha ku mitima ihumanye. Kandi ababwiriza kutagira ikintu batwara ku nzira, atari inkoni nsa : nta mpamba, nta saho, nta n’udufaranga mu mupfuko, yongera ati : « Nimwambare inkweto kandi ntimugire imitamana ibiri. » Arongera arababwira ati : « Inzu muzoramuka mwinjiyemwo, muyigumemwo murinde muva aho hantu. Ahantu bazobima indaro bakanka n’ukubumvira, murahava kandi mwikunkumure umukungugu waho, mubereke ko bizobasubirako.» Bagiye rero, barigisha ukwigaya, birukana amashetani menshi, basīga kandi amavuta abarwaye benshi kandi bakabakiza.