IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 42-44)
Elize agwiza imikate
Muri irya misi,
Haza umuntu umwe agemurira wa muntu w’Imana yitwa Elize, amugemurira imikate mirongo ibiri n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze, Elize aravuga ati : « Nimubihe abo bantu bose babifungure. » Maze, umusuku wiwe aramwishura ati : « None utu noduhereza abantu ijana ? » Na we ati : « Pfa kubaha, babifungure, kuko ari ko Umukama agize, ati : ‘Barafungura banabisigaze’. » Ni uko, abitereka imbere yabo, barafungura barabisigaza, nk’uko Umukama yabivuze.
IZABURI 144 (145) 10-11, 15-16, 17-18
Icit. : Uragaranzura ibiganza, Mukama,
tugahaga twese.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigane hose ubutwari bwawe !
Bose bakweza amaso, barakwizigira,
kandi ukabafungurira aho basonzeye hose :
uragaranzura ibiganza,
ukamara inzara ibiri n’ubuzima vyose.
Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyikumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 1-6)
Umukama umwe, ukwemera kumwe, Ibatisimu imwe
Ncuti zanje,
Jewe imbohe ku bw’Umukama, ndabasavye mugendere ibanga mwatorewe : icishe bugufi, itonde muri vyose, mwiyumanganye, muze murarekuriranira bivuye ku rukundo, mushishikare kuzigama ubumwe bw’umutima mubwungisha amahoro. Nk’uko mwatowe ngo mutorane ukwizera kumwe, ni ko hari Umubiri umwe na Mutima umwe. Umukama ni umwe, ukwemera ni kumwe, Ibatisimu ni imwe, Imana ni imwe, ari yo Muvyeyi wa bose, asumba bose, agenza bose kandi ari muri bose.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya,
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 1-15)
Umunsi umwe,
Yezu yijabukiye hakurya y’ikiyaga c’i Bugalile arico ca Tiberiyadi. Ishengero akabi riramukurikira, kuko ribonye ibimenyetso akorera abarwaye. Yezu aduga ku gasozi yicaranaho n’abigishwa biwe. Pasika, umunsi mukuru w’Abayuda, yari yegereje. Yezu rero ngo araramure amaso, abona isinzi ry’abantu riza rimugana. Abwira Filipo ati : « Mbe ubona twogurira hehe imikate y’ukubagaburira ? » Yavuze gutyo ngo amugeze, kuko yari azi neza ico aza gukora. Filipo amusubiza ati : « N’imikate y’amadenariyo amajana abiri ntiyokwira kugira ngo umwe umwe aronke n’akamanyu na gatoyi. » Umwe mu bigishwa biwe, Andreya, mwenewabo na Simoni Petero, amubwira ati : « Hano hari umuhungu afise imikate itanu n’ifi zibiri ; ariko utwo twomarira iki ishengero ringana gutyo ? » Yezu rero agira ati : « Babwire bicare. » Na ho hakaba hari ubwatsi bwinshi. Baragandagaza bari nk’abagabo ibihumbi bitanu. Yezu rero yakira ya mikate, arakenguruka, araheza ayigaburira nya batitu yongera agabura na za fi nyene bose bageza aho bashaKa. Bamaze guhaga, abwira abigishwa biwe ati : « Nimwegeranye ibimanyu bisigaye, ntihagire ibipfa ubusa. » Na bo baregeranya ivyasigaye kuri ya mikate itanu y’ingano barya, buzuza ibiseke cumi na bibiri.
Abantu ngo babone ico kimenyetso Yezu agize, bavuga bati : « Ni ukuri, atari wa muhanuzi bavuga ko azoseruka kw’isi ! » Yezu rero amenye ko bagomba kumwimika, aca yisubirira mu mitumba wenyene.