IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 4-8)
Eliya akomezwa n’umukate agaburiwe n’Imana
Muri irya misi,
Eliya yari yagenze urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araheza rero yicara musi y’igiti, yipfuza urupfu, avuga ati : « Ewe Mukama, ubwanje buraheze : akira ubuzima bwanje, kuko ntaruta ba sogokuruza. » Araheza yiryamira munsi y’ico giti, arasinzira. Maze, umumarayika araza aramukoma, aramubarira ati « Vyuka, ufungure ! » Akanuye, abona umukate ukaranze n’umukuza w’amazi, biri haruguru y’umutwe wiwe. Ni uko rero arafungura, aranywa arongera ariryamira. Umumarayika w’Umukama agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira ati : « Vyuka, ufungure, ahandi ho urugendo rwokunaniza kuko ari rurerure. » Ni uko rero aravyuka, arafungura, aranywa, izo mfungurwa azigendera imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, ashika kuri Horebi umusozi w’Imana.
IZABURI 33 (34) 2-3, 4-5, 6-7, 8-9
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.
Mushire hamwe dushemeze Umukama,
duhwanire guhaya izina ryiwe !
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.
Bane uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.
Umumarayika w’Umukama
yama iruhande y’abasavyi biwe, akabakingira.
Umvirize murabe ingene Umukama ari mwiza ;
hahiriwe uwumuhungirako.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 30-5,2)
Nimugume mu rukundo rw’Imana
Ncuti zanje,
Ntimugashavuze Mutima mweranda w’Imana yabashizeko ikimenyetso kizobaranga ku musi w’urukiza. Umwikomo, ubukazi, ishavu, induru, ibitutsi, ivyo vyose murabirwanya hamwe n’akabi kose. Ahubwo mugiriranire ineza, mugiriranire imbabazi kandi murekuriranire nk’uko Imana yabarekuriye muri Kristu. Nimwigane rero Imana nk’abana ikunda, kandi nimugendere mu rukundo nk’uko Kristu na we yadukunze, akatwigura, akitangako inkuka, akihereza Imana ngo atubere ingorore imoga neza.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru ;
uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 41-51)
Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru
Umusi umwe,
Abayuda baridogeye Yezu kuko yari yavuze ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru. » Baja barabwirana bati « None si Yezu mwene Yozefu, ntituzi se na nyina ? Ni kuki none avuga ati : Namanutse mva mw’ijuru ? » Yezu asubizayo arababwira ati : « Reke kwidoga. Ntawushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze ; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo : ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akākīra inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana ; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima. »