Kuri uwo musi mukuru nyene
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (11, 19a ; 12, 1-6a. 10ab)
Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi
Muri ico gihe, ingoro y’Imana iruguruka mw’ijuru, n’isandugu ry’Isezerano ry’Umukama rigaseruka mu ngoro.
Mw’ijuru haboneka ikimenyetso c’agatangaza : Umukenyezi yitwikiriye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi kandi afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri. Aribungenze kandi araboroga kubera ko yari ku mbanyi imubabaza cane. Hanyuma haboneka mw’ijuru ikindi kimenyetso : igisizimwe amahanga gitukura nk’umuriro, kikagira imitwe indwi n’amahembe cumi, umutwe wose wambaye urugori. Umurizo waco ukubura ica gatatu c’inyenyeri zo mu kirere uzikoragurira kw’isi. Nya gisizimwe gihagaze imbere y’uwo mukenyezi, ari ku mbanyi, kirindiriye ko ashikana ngo gice kirotsa umwana yibarutse. Noneho wa mukenyezi yibaruka umwana w’umuhungu, umwe azotwara amakungu yose, akayatwaza intahe ikomeye ; nya mwana baca bamujana iruhande y’Imana, hambavu y’intebe yayo ; na we nya mukenyezi ahungira mu gahinga, iyo Imana yamuteguriye ihungiro. Niho numva ijwi risamirana mw’ijuru riti : « Ng’iyi intsinzi, ububasha n’ubwami bw’Imana yacu, be n’inganji ya Kristu wayo.»
IZABURI 44 (45), 10bc.11.12bc.16
Icit : Iburyo bwawe, havyagiye umwamikazi.
Iburyo bwawe,
Havyagiye umwamikazi,
Yambaye inzahabu zavuye muri Ofiri.
Nyumviriza mwananje,
Itegereze kandi n’untege ugutwi,
Ibagira igihugu c’amavukiro yawe n’inzu ya so.
Umwami azoheza yipfuze
Ubutore bwawe.
Ni we Umukama wawe.
Baramujana bavuza impundu mu gahimbare ;
Binjirana urweze n’akanyamuneza
Mu ngoro I bwami.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 20-27)
Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire
Ncuti zanje,
Kristu yarazutse ava mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n’umuntu umwe, n’izuka ry’abapfuye rizanwa n’umuntu umwe. Nk’uko abantu bose bapfa muri Adamu, niko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo umwe umwe wese azoronka ikibanza bakwiranye : Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogarukira. Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n’Ububasha. Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umunsi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yatsinze ubwanyuma ni Urupfu, kuko ariho azoba yatsinze vyose.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Bikira Mariya yarurijwe mw’ijuru ;
Abamalayika bose baramwigina.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 39-56)
Mushoboravyose yangiriye ibitangaza : yarimitse abatobato
Muri irya minsi,
Mariya arahaguruka agenda yihuta mu misozi, aja mu gisagara ca Yuda. Ashitse mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti. Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, umwana arakakaza mu mbanyi. Elizabeti yuzuwe na Mutima Mweranda, aca ashira ijwi hejuru avuga ati : « Mu bavyeyi warahezagiwe, kandi n’umwana wibungenze arahezagiye ! Mbega iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa ndaritewe n’iki ? Mbaye ncumva amajambo y’indamukanyo yawe, umwana mfise arakakaza mu mbanyi, akanyamuneza kariko karamusya. Eka, urahiriwe, wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha!»
Mariya na we aravuga ati :
« Umutima wanje uraninahaza Umukama,
Umushaha wanje wahimbawe n’Imana yo Mukiza wanje.
Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
Kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.
Kuko Rugiravyose yangiriye ibitangaza :
Izina ryiwe ni ryeranda.
Agirira ikigongwe abamwubaha bose,
Abavyeyi n’abana.
Yarerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
Asanzaza bene umutima wishima.
Yarakuye ku ngoma abiganje,
Yimika abatobato.
Abashonje yarabahagije ivyiza ,
Abakungu na bo abarungika zirayoye.
Yarabungabunze Israeli umusavyi wiwe,
Yibuka ikigongwe ciwe ;
Nk’uko yari yavyemereye ba sokuru bacu,
Ko azotabara Ibrahimu n’akabuto kiwe imyaka n’imyaka.»
Araheza Mariya agumana na Elizabeti nk’amezi atatu, hanyuma arataha i muhira.
[…] on comprend la raison d’être des lectures (en KIRUNDI) de cette solennité qui ne nous racontent pas la fin de la vie de Marie, mais parlent de la […]
J’aimeJ’aime