Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)

Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu

Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»

IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23

Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.

Umukama ahoza ijisho ku batunganye,
akama ateze ugutwi ico bamutakambira.
Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.

Barasaba, Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.
Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.

Umweranda abona amarushwa menshi,
ariko Umukama ayamukiza yose.
Umukama abungabunga amagufa yiwe yose,
nta na rimwe rivunika.

Umubisha azokwicwa n’akabi,
abanka umweranda bazobibazwa.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
ntawumuhungirako azopfa yishuye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (5, 21-32)

Ikinyegezwa ca Yezu Kristu umukunzi w’Ekleziya yiwe

Ncuti zanje,
Nimugamburukanire mu cubahiro mufitiye Kristu ; abagore nibagamburukire abagabo babo nk’uko bogamburukira Umukama Yezu. Erega, umugabo ni we agaba umugore nk’uko Kristu ari we agaba Ekleziya, akaba ari we Mukiza w’uwusanzwe ari Umubiri wiwe. None rero, nk’uko Ekleziya igamburukira Kristu, n’abe ari ko n’abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose.

Namwe, bagabo, nimukunde abagore banyu, nk’uko Kristu yakunze Ekleziya : yarayiguze, kugira ngo ayigire nyeranda mu kuyuhagiza amazi y’ibatisimu n’ijambo ry’ubuzima, yagomba ko iseruka mu maso yiwe isayangana, itagira agatosi, ata minkanyari, ata kanenge namba, eka ari nyeranda, ata mahinyu. Uko ni ko abagabo na bo bategerezwa gukunda abagore babo nk’uko bikunda bo nyene. Uwukunda umugore wiwe aba yikunze we nyene. Erega. Nta n’umwe yigera yanka umubiri wiwe, arawugaburira akawubungabunga.

Ni ko Kristu yagiriye Ekleziya yiwe, kuko turi ingingo z’umubiri wiwe. Ni co gituma handitswe ngo : «Umugabo azoheba se na nyina, yunge ubumwe n’umugore wiwe, maze bompi babe umwe. » Iryo banga rirahambaye : mbivuze mbikuye kuri Kristu no kuri Ekleziya.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, araduha Mutima n’ubuzima ;
Ni wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Turi bwirukire nde wundi ? Ni wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera

Corpus DominiMuri irya misi,
Benshi mu bigishwa ba Yezu bavuze bati : « lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera? » Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati : « Ivyo birabatirimutsa ? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera. » Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: « Ni co gituma ndababwiye ko atawoza iwanje, Data atabimuhaye. » Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira. Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati : « Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati : « Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe uwufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :