IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 1-2. 6-8)
Nimuzigame amahwirizwa y’Umukama
Muri irya minsi,
Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « None rero, yemwe Banyisrayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amateka ngira mbashikirize, muheze muyazigame ; niho muzobaho mukinjira mu gihugu Umukama Imana ya ba sogokuruza yabahaye, kikabegukira. Ntihagire ico mwongera canke musobanura mu vyo mbategetse ; amabwirizwa y’Umukama Imana yanyu araba ari yo masa mukurikiza nk’uko ndabibategetse. Ni uko rero, muze muyazigame, muyarangure, azobaronkera ubwitonzi n’ubwenge imbere y’ayandi makungu. Umusi bumvise ayo mabwirizwa yose, bazotangara bati : ‘Ni ukuri nta kindi gihugu gitunze abitonzi n’incabwenge nk’iki !’ Mbega, hari igihugu gifise imana iri hafi yaco nk’uko Umukama Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje ? Canke, hari igibugu gifise amabwirizwa n’amateka atunganye nk’aya mbashikirije uyu musi ?»
IZABURI 14 (15) 2-3a, 3cd-4ab, 5
Icit. : Ni nde, Mukama, azokwinjira mu ngoro yawe ?
Hazoshika umweranda yigenza neza,
akora ibituuganye,
avuga ukuri kuva ku mutima,
Kandi atambika ibara abandi.
Urya atagunga abandi,
atarabana akagaye mugenziwe.
Inkozi y’ikibi yo ayirabisha agakengerwe,
ariko yama asonera abubaha Umukama.
Urya agurana amahera, atarondera inyungu,
uwanka kwakira ingero yo kugura intungane.
Uwugira gutyo
Ntazokwigera atirigana.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (1, 17-18. 21b-22. 27)
Ijambo ry’Imana ni imbuto y’ubuzima kw’umukristu
Ncuti zanje,
Ingabirano nziza yose n’inema itunganye yose iva mw’ijuru, ikururuka iva kwa Data Muremyi w’icitwa umuco cose : muri we, nta guhinduka kuriho canke nta gitutu kiriho gitewe n’uguhindagurika. Yashatse kutwibarukisha ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube aba mbere mu biremwa vyiwe. Ni uko rero, akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe rishobora gukiza imitima yanyu. Nimube abarirangura, ntimube abaryumva gusa mwibesha. Ubuyobokeramana nyakuri butagira inenge imbere y’Imana ari yo Data, si ubundi : ni ukugendera impfuvyi i n’abapfakazi mu marushwa yabo, ni ukwirinda ata gatosi kuri iyi si.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Kuko yabishatse, Data yaratwibarukishije ijambo ry’ukuri,
kugira ngo tube abambere mu biremwa vyiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (7, 1-8. 14-15. 21-23)
Kwubaha ibwirizwa ry’Imana
Umusi umwe,
Abafarizayo n’abanditsi bakeyi bavuye i Yeruzalemu bakoranira iruhande ya Yezu. Hanyuma babona bamwe mu bigishwa biwe barishije intoke zityoye, ni ukuvuga batakaravye. – Abafarizayo rero n’Abayuda bose ntibarya batakaravye n’ubwira bwinshi, ni iragi ry’abakurambere batarenga, kandi bavuye mu kaguriro ntibarya batimijagiye amazi ; hari n’ibindi bimaramuziro bitari bike bagira vy’iragi ry’abakurambere : nk’ukwunyuguza ibikombe, ukwoza udukarabo n’inkōko. — Abo Bafarizayo n’abanditsi rero niko kubaza Yezu bati: « Mbega, ni kuki abigishwa bawe badakurikiza iragi ry’abakurambere, bapfa kurya n’intoke zityoye? » Yezu ababarira ati: « Umuhanuzi Izaya yarabadomyeko urutoke, mwa bangushi mwe, hamwe yandika ngo: ‘Abo bantu bansasako akarimi keza, ariko umutima wabo ntunyegereye. Bagira ngo bariko baransenga, ariko ni ivy’ubusa; inyigisho bigisha ni izadukanywe n’abantu.’ Ibwirizwa ry’Imana muterera aho, mukizigitirira kw’iragi ry’abantu. » Araheza Yezu ahamagara ishengero, ati: « Bange amatwi mwese mutegere ! Nta kintu c’imusozi cinjira mu muntu ngo kimutyoze ; ikiva mu muntu, ico ni co kimutyoza. Nkako, imbere mu mutima w’umuntu, ni ho hava ivyiyumviro bibi, ubusambanyi, ubusuma, ukwicana, uguhemukira abagenzi, umunoho, inda mbi, uburyarya, ubushegabo, ishari, ukwararaza, ubwishime, uburogorogo. Ayo mabi yose ava imbere mu mutima ni yo ahumanya umuntu. »