Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (35, 4-7a)

Ibitangaza vy’urukiza ruva ku Mana

Humuriza abo imitima yatuntuye, uti : « Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse, Imana yabibutse, ni yo ije kubakiza. »

Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi y’intumva azibûke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare. Mu bihugu bitazi amazi, azokwisuka, imvura izoba nyamwondo mu ntara zagadutse. Umusenyi uturira uzohinduka igitanga, ahagataye hazocika amasôko.

IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10

Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni we ahumura impumyi,
ni we agorora abahetamye,
ni we akunda abantu b’intungane,
ni we ahagarikira ba kavantara.

Ni we arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni we Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (2, 1-5)

Ba nyaguhirwa ni abashima ubworo

Ncuti zanje,
Mu kwemera Umukama wacu Yezu Kristu Nyenubuninahazwa, ntimuvange agatima ka nkunzi. Mw’ikoraniro ryanyu, nihinjiramwo umuntu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu zisayangana, hakinjiramwo n’umworo acoceye, kumbure muzokwitegereza uwambaye ibisayangana mumubarire muti: « Wewe vyagira ngaha kuri iyi nyegamo », uno mworo na we mumubarire muti : « Nawe guma uhagaze harya », canke muti : « Icara hasi hambavu y’ibirenge vyanje. » Mugize gutyo, ntimwoba musobanuye bamwe mu bandi, ntimwoba mubaye abacamanza bakurikiza ingingo zibangamye ? Tege amatwi, benewacu nkunda : none, aboro mu vy’isi si bo Imana yatoreye kuba abatunzi mu kwemera, si bo yagize ba samuragwa bazotorana Ubwami yemereye abayikunda?

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Yezu yariko arigisha Inkum nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’iudwara zose z’igihugu.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (7, 31-37)

Arabakiza abatumva bakumva, ibiragi na vyo bikavuga

Umusi umwe,
Yezu yavuye i Tiri aca i Sidoni, amasubiza ku kiyaga c’Ubugalile, aza mu ntara ya Dekapoli. Baraheza bamuzanira umuntu atumva kandi w’ikiragi, bamusaba ngo amwubikeko ibiganza. Yezu rero amukura mw’ishengero aramwihereranya, amushira intoke mu matwi, araheza acira amate ayamukoza ku rurimi ; hanyuma arangamira hejuru ariruhutsa, ati : « Efata», ni ukuvuga ngo : « Zibūka ». Nya matwi arazibūka, buno nyene rwa rurimi ruragoboroka, wa muntu avuga atobora. Yezu rero arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babibwira, ariko uko yabibabuza, ni ko barushirizaho kubikwiza hose. Bari batamariwe, bavuga bati : « Agira neza vyose, abatumva arabakiza bakumva, ibiragi na vyo bikavuga. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :