Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » « Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose »

« Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


A MisigaroBavukanyi, kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 23 Nyakanga 2018, duhimbaza Idominika ya 25 yo mu mwaka B. Mu gihe hari abatari bake bama barondera kugirira inabi ababahanura, abandi na bo bakagiriranira inzankano, intambara n’indyane, uyu musi ikibazo kitujeko kiti: « Muri mwebwe, intambara n’imitongano biva hehe?» None, twishure ngw’iki? Mbaye nk’Umutumwa Yakobo, ubwo, ntibiva ku ngeso mbi zacu zirwanira mu mitima yacu?

Bavukanyi, muri iki gihe turimwo, benshi baraganzwa n’ishari n’amahane, gushika n’aho hari n’abazimanganya ubuzima bw’intungane bazihora ngo zirabasesera ubufu mu kudoma urutoke ku bikorwa vyabo bibi, kandi bamwe bakabigira mu bwiyorobetsi ntangere, kugira ngo bakingire izina ryabo ry’ubukristu. Uyu musi Umukama ahagurukije Umutumwa Yakobo ngo adukurire inzira ku gishitsi ko tudashobora dusabana umutima nk’uwo ngo tube twogira ico tugabana, kuko dusaba ngo twimerererwe neza gusa, tukirengagiza amabi dukorera bene wacu.

Uyu musi, ijambo ry’Imana riduhamagarira kubiba riho imbuto z’ubutungane, kuba abantu barwanira amahoro no kwicisha bugufi nk’abana bato. Nimuze rero twinjire muri ibi bisomwa vyeranda, tureke Umukama atubwire ukuntu twotsinda ishari n’amahane. Ubwitonzi, ubutungane n’amahoro bikomoka ku Mana, ng’ubwo ubwoko bw’ubukuru nyabwo duhamagariwe kwerekana muri bene wacu.

Ewe muvukanyi dusangiye ukwemera mu Mukama wacu Yezu Kristu, mw’ijambo ry’Imana tugize imisi twinovora, tubandanya tuzirikana ukuntu ukwemera kubonekera mu bikorwa. Ejo bundi, Yezu abonye ko abigishwa biwe bamaze kumenya uwo ari, ko ari We Kristu, yaciye ababurira ubwo nyene ko azokwicwa. None n’uyu musi nyene, arabamenyesheje ubugira kabiri ko Umwana w’Umuntu agiye kugwa mu minwe y’abantu, bamwice, amaze gupfa, umusi ugira gatatu, azozuke.

Mu gihe Yezu ariko abamenyesha inzira azocamwo ngo azanire isi urukiza, inzira y’ukubabara n’ugupfa, hanyuma akazuka, abigishwa biwe bo umengo nta co bibabwiye, ntibaramenya ico bakwiye gukora mu kubandanya ubutumwa bwabo, bibereye riho mu myitwarariko y’abantu nyene, barajwe ishinga n’ukumenya uwuzosigara ari mukuru muri bo. Basa n’abatategera urukiza Yezu azanye kw’isi. Kumbure, bo bibwira y’uko aho i Yeruzalemu baduze aria ho Yezu agiye gufatira ubutegetsi, ubona na none ko Yeruzalemu wari umurwa mukuru.

UBUKURU BWA YEZU SI UBW’AHA KW’ISI

Mu vy’ukuri, Yezu ntagiye i Yeruzalemu nk’uwugiye kuja kuja ku butegetsi, ajanywe n’ugucungura isi. Agiye gupfa, ariko azozuka ku musi ugira gatatu; Imana izomuhagarikira, imuzure, yame ari muzima. Ubukuru bwiwe ni ubw’uko aziyegereza ibihugu vyose biciye mu nzira y’umusalaba. Nkako, ubukuru nyabwo bw’umuntu buri mu kwicisha bugufi no mu gukenurira abandi. Ng’ubwo ubukuru Yezu yahisemwo.

Ubukuru bwa Yezu turanabubwirwa kandi na Pawulo mweranda, aho agira ati: « Yaricishije bugufi yigenza nk’umuntu, n’aho yamanye kamere y’Imana». Yezu yaremeye bwa bubabare twumva mu gitabu c’Ubwitonzi, ububabare bw’intungane, agatyekezo n’ibitutsi. Ababisha b’Umukama ntibashaka inganji yiwe, kuko bibaza ko ari iyije gukuraho iyabo.

Yezu Kristu niyashika i Yeruzalemu, iryo twumvise mu gitabu c’Ubwitonzi ni ho rizoranguka ngo: « Nimuze dutege umutego umuntu w’intungane, kuko adutesha ibikorwa vyacu, yama adutonganya ngo turenga amabwirizwa y’Imana, ngo dutukisha indero ya basokuru twaronse. Uwo muntu w’intungane niyaba ari umwana w’Imana, Imana izomuhagarikira imukure mu minwe y’abansi. Nimuze tumutuke tumuturubike, turabe ingene yitonda n’aho ukwiyumanganya kwiwe kugarukira. Ingo tumwice nk’umubisha, ko avuga ko hari uwumuhagarikiye ».

Uwo muntu w’intungane nta wundi ni Yezu we nyene, umweranda w’Imana. Aha ariko aramenyesha abigishwa biwe ko agiye kugwa mu minwe y’abantu, bamwice, ariko arabura iryavuzwe mu gitabu c’Ubwitonzi. Ni intungane nyene, kuko nta kintu kibi yakoze cotumye bamwica nabi.

UMUNTU WESE AGIZE INYIFATO Y’UGUCA BUGUFI NI WE ABA YEREKANYE UBUKURU

Yezu yavuze ko ataje gukorerwa, yaje riho gukora ngo abantu baronke ubuzima kandi ubuzima bwuzuye. Ni ho rero Yezu atumirira abigishwa kwicisha bugufi. Akarorero abaha ni umwana. Yezu yazanye umwana mutoyi, amushira hagati y’abigishwa biwe, ababwira ati: «Umuntu wese yakiriza yompi umwe muri utu twana ku bwanje ni je aba yakirije yompi; na we uwunyakirije yompi si je aba yakirije yompi, aba yakirije yompi uwantumye».

Mu mico y’abayahudi b’ico gihe, umwana nta gaciro kanini bamuha; yarabwa nk’akantu ubusa. Nta mwishimiro munini bamugiramwo, yari nk’ubusa, umuntu atagira akamaro, ataco akora kizana inyungu. Umwana kandi ni akarorero k’umuntu yizera uwundi, vyose abizera ku muvyeyi amenya igihe c’ukumurarikira, akamenya igihe c’ukumwuhagira; umwana azera vyose ku bavyeyi, we ntaco aba arishoborera. Umwana ni we rero Yezu ahayeko akarorero abigishwa biwe. Ukwizera Imana muri vyose. Umwana ni akorero k’umuntu aciye bugufi. Yezu yigereranije n’uwo mwana. Yezu, umuntu mukuru, Umweranda, Imana iva ku Mana, Imana nk’Imana, yarigize nk’ubusa, yigira muto.

Yezu avuga ati: «Uwakiriye umwe muri utu twana ku bwanje, ni je aba yakirije yompi». Aha, abana Yezu ashaka kuvuga ni abo bantu bato bato, abantu bakumirwa, abadatunze, abakengererwa, ba ntakaryango, abana batawe batagira kiraba, abakene, abahebwe n’imiryango yabo. Iyo nyigisho y’uguca bugufi ni yo tuyigishwa kandi na Yakobo mweranda. Yakobo atubwira ko ukwemera kwacu kwobonekera mu bikorwa.

Erega, tubaye abantu bicisha bugufi bivuye ku mutima ntitwogirira abandi ishari, nta bo twoteye amahane; twokwirinze umudugararo n’amoko yose y’ibikorwa bibi; twokwitwararitse kugira ubwitonzi bukomoka ku Mana, kuko aho buri hama ingingo, ingingo na yo ikavyara amahoro, impuhwe, umwumvikano, umutima w’ikigongwe, inda nziza. Imbuto z’ubutungane zibibwa mu mahoro zikavyara abantu barwanira amahoro. None ehe raba ingene ahobaye urukundo n’amahoro hama inambu y’ibintu, inambu y’ubukuru, ivyipfuzo bitarangutse bigatuma twica, ishari riradutwara tugaca dutera intambara.

Burya, no mu bihe turimwo, ingiro y’ababisha iracariho. Umuntu w’intungane kenshi aratyekezwa. Hari abantu b’intungane bagirirwa nabi bazira ko berekanye ukwemera kwabo, bagakumirwa, bagahamwa. Mwene abo bantu tubabonamwo Yezu yahamwe, Yezu yahebwe. Ni ibiterasoni ukubona abakirisu bashika n’aho bica bene wabo bivuye ku nambu ya cane. Erega « uta inkoko, ntuta ico ibitse », umuntu w’Imana n’aho womuzimanganya ntuba uzimanganije ico ashikirije atumwe n’Imana. Ni co gituma twari dukwiye gutega amatwi impanuro duhabwa n’abantu b’intungane batugarura, tukabumvira aho kubazimanganya.

Ese iri jambo ry’Imana ryoduha guheba imigenzo mibi yacu, tukaba izo mbuto z’ubutungane zibibwa mu mahoro zikavyara abantu barwanira amahoro; iyo ni yo nyifato y’umwana atagira inzigo muri we, umwana atagira ubwiyorobetsi muri we, ntagire amacakubiri n’izindi ngeso mbi; yamana akeye mu maso, nta mujinya, yama atekanye. Uwuzokwifata nk’umwana mutoyi ni we azogirwa mukuru wa bose. Ese twofatira akarorero kuri Yezu, we yerekanye ubukuru bwiwe mu kwicisha bugufi, akadupfira ngo dukire urupfu rudahera, We yaje gukora ataje gukorerwa.

Kw’izina rya Data, n’irya Mwana, n’irya Mutima-Mweranda. Amen!

Patiri Ildephonse MISIGARO

Iyi nsiguro tuyikesha Ibiro vy’Ukumenyesha amakuru vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ikaba yavuye aha hakurikira:
https://www.facebook.com/cedicom.buja/posts/2025181297774922?__xts__%5B0%5D=68.ARC-jR-aFmTWVmuKUqQ9yZR0ll_Sx0Xkau1zmiwtM72kEFjUp0IL9JPPweOCY_oN4BDyxtj6Yze9PUnCMyoIx5j4t2DhljvghM7ZS61FIqq9-5aDasAiwlwW1iORAZghM_jaGXNfwsC-w0OganchwcaYAy3iMo21eeIgPxmZthleDNeTvXrDzQ&__tn__=K-R


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :