IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihárūra (11, 25-29)
Mutima Mweranda aja aho yishakiye
Muri irya misi, Umukama yamanutse mu gicu, aganira na Musa. Araheza afata Mutima yari umuvyagiyemwo, amukwiragiza kuri ba bakurambere mirongo indwi. Ngo babe bakimuronse, baca batangura kuvugira Imana, ariko ntivyaragama. Muri ico gihe, hari abagabo babiri bari basigaye mw’icumbi, umwe yitwa Elidadi, uwundi na we Medadi ; Mutima abinjiramwo na bo. N’aho batari bagiye iyo Ihema ryari riri, bari mu gitigiri c’abatowe; ni uko batangura kuvugira Imana aho nyene bari bacumbitse. Umuhungu umwe w’urnusore agenda ariruka abarira Musa ati: « Elidadi na Medadi bariko baravugira Imana mw’icumbi ryacu! » Yozuwe mwene Nuni, yabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, amubarira ati : « N’ubabuze, muhanyi ! » Musa aramubaza ati: « Mbe iryo shari uryerekanye ngo undwanire? Ese Umukama yobavyagizamwo Mutima wiwe, igihugu ciwe cose kikaba igihugu c’abamuvugira ! »
IZABURI 18 (19) 8, 10, 12-13, 14
Icit. : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.
Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.
Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yama itunganye.
Niho rero ari vyo biburira umusavyi wawe,
ukubizigama kukamugirira akamaro kenshi,
mbe ni nde yomenya kwiyubara akabi ?
Urankingira akabi kūbîra.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (5, 1-6)
Nta rukiza rw’itunga ribi
Umve rero, mwa batunzi mwe : Nimwiririre, muboroge, kuko amagorwa abaraririye. Itunga ryanyu riraboze, n’ivyambarwa vyanyu vyariwe n’umuswa ; inzahabu n’ifeza zanyu zaguye ingese. Iyo ngese ni yo izobagiriza, izomunga imibiri yanyu nk’umuriro. Mwarunze amahera, kandi tugeze mu misi y’imperuka ! Abakozi barashwabuye imirima yanyu, ariko ntimwabahemvye ; ingero yabo iriko irasemerera, amaborogo y’ababashwaburiye yarashikirlye amatwi y’Umukama Nyeningabo. Aha kw’isi, mwarishinze ibibahimbara n’ibibaryohera, murarya murahimba, abantu bariko baratikira. Mwaciriye urw’ugupfa umuntu w’intungane, mugirako muramwica ; na we arabarendekera.
INKURU NZIZA
Aleluya, Alleluya.
Ijambo ryawe, Mukama, ni ryo kuri ;
muri ukwo kuri, n’utugire beranda.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 38-43. 45. 47-48)
Ukuboko kwawe nikwakubera inyosha mbi, uraguca
Umusi umwe, Yohani, umwe wo muri bamwe cumi na babiri, yabariye Yezu ati : « Mwigisha, twabonye umuntu yirukana amashetani kw’izina ryawe, turaheza dushaka kubimubuza kuko atagendana natwe. » Yezu na we aramwishura ati : « Ntimube mukimubuza, kuko ata muntu ashobora gukora igitangaro kw’izina ryanje, hanyuma ngo ashoke amvuga nabi ; uwacu ntiyokwongera ngo atubere umukêbá. Umuntu wese azobaha urwato rw’amazi y’ukunywa, kuko muri aba Kristu, ni ukuri ndabibabariye, ntazobura impera. Na we uwuzobera inyanduniko y’igicumuro umwe wo muri aba batobato bemera, vyomubera vyo bamuboheye kw’izosi urusyo ruhindukizwa n’indogobwe, bakamuterera mu kiyaga. Ukuboko kwawe rero nikwakubera inyosha mbi, uraguca ; vyokubera vyo winjiye mu buzima uri n’ukuboko kumwe, hako uja mu nyenga n’amaboko yompi. Ikirenge cawe na co nicakubera inyosha mbi, gice ; vyokubera vyo winjiye mu buzima ucumbagira, hako utabwa mu nyenga n’ibirenge vyompi. Na ho ari ijisho ryawe rikubera inyosha mbi, rinogobore ; vyokubera vyo winjiye mu Bwami bw’Imana n’ijisho rimwe, hako utabwa mu nyenga n’amaso yompi, aho urunyo rwaho rudapfa n’umuriro ntuzime. »
Ko waduhaye Ijambo ry’Ubuzima, turagushimiye. Imana n’iguhezagire. None rero watubwiye ngo dushime ineza ikozwe, kandi ntitubuze abandi gukora ineza ngo ni uko batari mu mugwi wacu. n’ivyo turabishimye. Ariko rero, biragoye! Ko uri Patiri, ukaba wama uvugana n’Umukama Nyenububasha akaba na Nyenubuzima, twizeye ko uzoza uradusabira. Udusabire gukira amacakubiri, iyo aturuka hose !
J’aimeJ’aime