Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (2, 18-24)

Bazocika umubiri umwe

Mu ntango y’irema, Umukama yavuze ati : « Si vyiza ko umuntu aguma wenyene, nzomuronderera umugenzi bakwiranye. » Umukama arongera kubumbabumba ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere, hanyuma abizanira umuntu ngo arabe uko avyita : kimwekimwe cose categerezwa kugumya izina cahawe n’umuntu. Umuntu rero arakwiragiza amazina ibikoko vyose, inyoni zo mu kirere n’ibitungwa vyo mu murima, mugabo nta mugenzi bakwiranye yasanzemwo. Umukama rero arungikira umuntu itiro ryinshi, arasinzira. Amukuramwo igufa rimwe ry’urubavu, mu nyuma arateranya aho ryavuye. Umukama afata rero rya gufa yakuye mu rubavu rw’umuntu, arikoramwo umugore, hanyuma amuzanira nya muntu. Uno rero aca ashira ijwi hejuru ati : « Ubu ho rero, uyu ni igufa ry’amagufa yanje, kandi ni umubiri w’umubiri wanje. Azokwitwa umugore kuko yavuye mu mugabo. » Ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n’umugore, bagacika umubiri umwe.

IZABURI 127 (128), 1-2, 3, 4-5, 6

Icit. : Umukama n’aduhezagire
          mu misi yose y’ubuzima bwacu.

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe !
Uzotungwa n’ibikorwa vy’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa.

Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe ;
abana bawe bazoba nk’amashami akikije ingundu,
bakikije ameza yawe.

Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa umuntu yubaha Umukama.
Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire,
ubone Yeruzalemu iroraniwe
mu misi yose y’ubuzima bwawe.

Mbere uzobona abuzukuruza bawe.
Amahoro n’ahangame kuri Israyeli !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (2, 9-11)

Yezu ni Umucunguzi akaba n’umuvukanyi wacu

Benewacu,
Yezu yashizwe umwanya mutoyi munsi y’Abamarayika, ubu noneho, kubera amagorwa y’urupfu rwiwe, tubona ko yambitswe urugori rw’ubuninahazwa rumutera icubahiro kubera amagorwa y’urupfu, yapfiriye abantu bose kubera ubuntu bw’Imana.
Nka ko, uwiremetse vyose akabibeshaho, kuko ashaka kujana abana benshi mu buninahazwa, birabereye ko yotungisha amagorwa indongozi y’ubukiriro bwabo, kuko uwutagatifuza n’abatagatifuzwa bamuka bose kuri umwe. Ni co gituma adatinya kubita benewabo.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Dukundanye, Imana iratugumamwo,
n’urukundo rwayo rukaba rarangukiye mnri twebwe,
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 2-16)

Igisomwa kigufi : 10, 2-12

Mariage Vénérande et BonnaventureUmusi umwe,
Abafarizayo begereye Yezu, baramubaza, mu kumugeza, ko vyarekuwe ko umugabo yirukana umugore wiwe. Arabishura rero ati : « Musa yabategetse iki? » Na bo bati : « Musa yarekuye kwirukana umugore, ariko ukamuha ikete ryemeza ko yirukanywe. » Yezu arabishura ati: « Iryo bwirizwa yarishinze kubera ukutagondwa kwanyu. Ariko mu ntango y’irema, Imana yaremye umugabo n’umugore. Ni co gituma umugabo azoheba se na nyina, akunga ubumwe n’umugore wiwe, bompi bakaba umwe musa. Ntibakiri babiri rero, bacitse umwe. Ntihagire umuntu azotandukanya ico Imana yifatanirije ! » Bashitse imuhira, abigishwa biwe bongera kumubaza iryo jambo. Na we arababwira ati: « Uwirukanye umugore wiwe akabira uwundi, yagirizwa ubusambanyi. N’umugore avanye n’umugabo wiwe akaja ku wundi, na we nyene yagirizwa ubusambanyi. »

Igisomwa kigufi giherera aha

Bamuzanira utwana ngo adukoreko ; abigishwa biwe na bo baja mu gutukagura ababazanye. Yezu abibonye, arashavura, arababarira ati: « Reka utwo twana tunyegere, ntimutubuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abasa na two. Ni ivy’ukuri ndabibabwiye : uwutakira Ubwami bw’Imana nka kurya abana babwakira, ntazobwinjiramwo. » Hanyuma ababumbatiye, arabahezagira abagaranzurirako ibiganza.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :