IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (7, 7-11)
Itunga nya tunga ni umutima w’Ubwitonzi
Narasavye, ngabana ubwenge ;
naratakamvye, umutima w’Ubwitonzi unyinjiramwo.
Nanje ndawukunda kuruta intahe n’ingoma
imbere y’Ubwitonzi, itunga ryose ndariraba nk’ubusa.
Sinigeze ndabugereranya n’intabonwa,
inzahabu zo kw’isi zose zimeze nk’umusenyi iruhande yabwo,
ifaranga na ryo rikaba nk’ivyondo.
Narabukunze kuruta amagara n’ubutore ;
narabushimye kuruta umuco w’izuba,
kuko busayangana ubudahengeshanya.
Mbere, ivyiza vyose naronse, vyazananye na bwo,
iminwe yabwo yangabiye itunga ridaharurwa.
IZABURI 89 (90), 12-13, 14-15, 16-17
Icit. : N’udukwize urukundo rwawe, Mukama,
niho tuzoba mu kanyamuneza !
N’utwigishe guharura imisi yacu dusigaje,
kugira ngo tuhakure umutima w’ubuntu.
Ewe Mukama, garuka : uzoreka kutwikumira ryari ?
Babarira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umusi wose
mu karirimbo no mu kanyamuneza.
Hindura mu gahimbare imisi y’ibihano,
be n’imyaka twari mu makuba.
Igikorwa cawe niciserure ku basavyi bawe,
be n’agahimbare kawe ku bana bawe.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire !
N’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (4, 12-13)
Ijamho ry’Imana ni rizima
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha ; rirarusha gukariha inkota y’ubugi bubiri, rikanyengetera gushika iyo umutima n’ubwenge buhanira imbibe, gushika aho ingingo zitandukanira n’imisokoro ; maze, rigasobanura ivyipfuzo n’ivyiyumviro biri mu mutima. Kandi, nta kiremwa gisigara kitibonekeje imbere yaryo, ariko vyose biragaragara bigaseruka mu maso y’uwuzotubaza ivyo twakoze.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 17-30)
Igisomwa kigufi : 10, 17-27
Genda ugurishe ivyo utunze, hanyuma uze unkurikire
Umusi umwe,
Yezu yafashe inzira ahwana n’umuntu aza ariruka, akubita ibipfukamiro hasi imbere yiwe, amubaza ati : « Mwigisha mwiza, nokora iki ngo nshobore gutorana ubuzima budahera ? » Yezu na we ati : « Ni kuki unyita mwiza ? Nta wundi ari mwiza atari Imana yonyene. Urazi amabwirizwa : Ntiwice, ntusambane, ntiwibe, ntiwâgirize abandi ibinyoma, ntugirire inabi abandi, sonera so na nyoko. » Uno amugira ati : « Mwigisha, ivyo vyose natanguye kubikora nkiri muto.» Yezu aramwitegereza, yumva aramukunze ; hanyuma amugira ati : « Ikintu kimwe ni co ubuze. Genda ugurishe ivyo utunze, ubihe aboro, uzoronka itunga mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire. » Na we yumvise iryo arijirwa, agenda ababaye cane, kuko yari atunze vyinshi. Yezu agenduje ijisho irya n’ino, abwira abigishwa biwe ati: « Ese ingene bigora abatunzi kwinjira mu Bwami bw’Imana ! » Abigishwa batangajwe n’iryo jambo, Yezu arongera ati: « Bananje, ukuntu bigora abishimira amafaranga kwinjira mu Bwami bw’Imana ! Vyobura ingamiya igaca mu zuru ry’urushinge, umutunzi atarinjira mu Bwami bw’Imana. » Na bo birabatangaza rwose, bibatuma babwirana bati : None uwuzokira ni nde? » Yezu arabitegereza, araheza arabishura ati : « Ku bantu ni ibidashoboka, ariko ku Mana ho birashoboka, kuko ishobora vyose. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Petero aritora aramubarira ati: « Tweho, ni ivyo ubona, twarahevye vyose turagukurikira. » Yezu na we yishura ati : « Ndababwiye ivy’ukuri : Ntawuzoheba inzu canke benewabo canke bashikibe canke se canke nyina canke abana canke imirima, ku bwanje no ku bw’Inkuru nziza, ngo asibe ataronse ijana ubu muri iki gihe, amazu, benewabo, bashikibe, abavyeyi, abana n’imirima, n’aho uruhamo rwobagwako, n’ubuzima budahera mu gihe kizoza. »
[…] IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA (Umwâka B) […]
J’aimeJ’aime
La vraie richesse c’est l’esprit de sagesse, vous dites ? Je suis parfaitement d’accord avec vous ! Indiquez-nous (comme vous le faites toujours) où trouver l’esprit de sagesse. Bon Dimanche mon Père !
J’aimeJ’aime