IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (53, 10-11)
Ishaka ry’Umukama rizoranguka
Umusuku wiwe, Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa. Ariko, niyitanga akabera abantu incungu, azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba ; kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka. Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza, azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose. Kubera ko yemeye akababara, iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi, azokwiremeka ibicumuro vyabo.
IZABURI 32 (33), 4-5, 18-19, 20.22
Icit. : Tworose urukundo rwawe, Mukama,
kuko ari Wewe twama twizigiye.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye ;
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.
Umutima wacu witeze Umukama,
ni we mahungiro yacu, ni we nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (4, 14-16)
Ntidutezure kw’ibanga twemeye
Ncuti zanje,
Ko dufise Umuherezankuka mukuru amaze kwinjira mw’ijuru, ari we Yezu Umwana w’Imana, ntidutezure kw’ibanga twemeye. Erega, ntidufise Umuherezankuka mukuru adashobora kutubabarira kubera intege nke zacu, na we nyene yarageragejwe nkatwe muri vyose ndetse igicumuro. Nitwegere rero ya ntebe y’umugisha ata co twinona, kugira ngo turonke ikigongwe n’umugisha ngo bidufashe mu gihe gikwiye.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umwana w’umuntu yazanywe n’ugukorera abandi
n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (10, 35-45)
(Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki)
Umwana w’umuntu yazanywe n’ukwitangako incungu
Umusi umwe,
Yakobo na Yohani, bene Zebede, baregereye Yezu, bamubarira bati : « Mwigisha, dushaka ko uturonsa ico tugira tugusabe.» Na we ati : « Ico mugomba ko ndabaronsa ni iki ? » Baramwishura bati : « Uradutera iteka twicare umwe iburyo, uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe.» Yezu arabishura ati : « Ntimuzi ico musaba. Mbe mushobora kunywa igikombe nza kunywa n’uguhabwa ibatisimu nza guhabwa ? » Na bo bati : « Turabishobora.» Yezu na we ati: « Igikombe nza kunywa muzokinywa kandi muzohabwa ibatisimu nza guhabwa, ariko ukwicara iburyo canke ibubamfu bwanje, sije ndabitanga, ni ivy’ababiteguriwe. » Bamwe cumi bavyumvise, baja mu vy’ugushavurira Yakobo na Yohani. Yezu arabahamagara, arababarira ati: « Ni ivyo muzi, abatwara ibihugu barazi kwerekana ko bategeka, abakuru barumvisha ububasha bwabo. Muri mwebwe, si ko vyogenda : uwushaka kuba mukuru muri mwebwe arabanza riho abe umusuku wanyu, na we uwushaka kuba uwambere muri mwebwe arabanza abe umuja wa mwese. Kanatsinda, Umwana w’umuntu ntiyaje ngo akorerwe, yazanywe n’ugukorera abandi n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu.»
(Igisomwa kigufi : 10, 42-45)
Umusi umwe,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ni ivyo muzi, abatwara ibihugu barazi kwerekana ko bategeka, abakuru barumvisha ububasha bwabo. Muri mwebwe, si ko vyogenda : uwushaka kuba mukuru muri mwebwe arabanza riho abe umusuku wanyu, na we uwushaka kuba uwambere muri mwebwe arabanza abe umuja wa mwese. Kanatsinda, Umwana w’umuntu ntiyaje ngo akorerwe, yazanywe n’ugukorera abandi n’ukwitangako incungu irokora isinzi ry’abantu.»
[…] Ben’icubahiro Barundi, Barundikazi mwese, Turakoranye kuri uyu munsi, ngo dushimire Imana yatugize intara yayo yitwa Uburundi. Turakoranye ngo twibuke ko dufise iyo tuva n’iyo tuja, tubifashijwemwo n’abatugiye imbere bakazirikana iteka ryacu nk’Abarundi, bakarigwanira, mbere bakanabizira, haraheze imyaka haraheze imyaka itari mike. Twibuka aho Umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y’Uburundi mu kwikukira kw’igihugu. Twibuka kandi Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, Incungu y’intwaro iva ku benegihugu biciye mw’ihiganwa n’amatora (démocratie), yagandaguwe mu 1993. Kumwe n’abo rero, twibuke n’abandi Barundi bafatanije n’izo ntwari mu guhananira iteka ry’Uburundi n’Abarundi. Nk’abemera, turahiriwe ko bihuriranye n’Umusi w’Imana, gutyo ngo dufashijwe n’iryo twigishwa n’Imana, ngo uyu musi ugire ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw’igihugu cacu. Twisunge rero Ijambo ry’Imana tumaze gushikirizwa muri ibi bisomwa vyeranda. […]
J’aimeJ’aime