Ukwibuka Incungu z’Ukwikukira n’Intwaro Rusangi mu Burundi
Umuganwa Ludoviko Rwagasore na Prezida Melchior NDADAYE
Ibisomwa Vyeranda : Izaya 53,10-11 ; Abahebreyi 4,14-16 ; Mariko 10, 35-45
Ben’icubahiro Barundi, Barundikazi mwese,
Turakoranye kuri uyu munsi, ngo dushimire Imana yatugize intara yayo yitwa Uburundi. Turakoranye ngo twibuke ko dufise iyo tuva n’iyo tuja, tubifashijwemwo n’abatugiye imbere bakazirikana iteka ryacu nk’Abarundi, bakarigwanira, mbere bakanabizira, haraheze imyaka haraheze imyaka itari mike. Twibuka aho Umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y’Uburundi mu kwikukira kw’igihugu. Twibuka kandi Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, Incungu y’intwaro iva ku benegihugu biciye mw’ihiganwa n’amatora (démocratie), yagandaguwe mu 1993. Kumwe n’abo rero, twibuke n’abandi Barundi bafatanije n’izo ntwari mu guhananira iteka ry’Uburundi n’Abarundi. Nk’abemera, turahiriwe ko bihuriranye n’Umusi w’Imana, gutyo ngo dufashijwe n’iryo twigishwa n’Imana, ngo uyu musi ugire ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw’igihugu cacu. Twisunge rero Ijambo ry’Imana tumaze gushikirizwa muri ibi bisomwa vyeranda.
Ukwitangira abandi (le martyre), ni isôko ry’imihezagiro
Bavukanyi, ng’ico iciyumviro uwanditse ibi twumvise mu gisomwa ca mbere yashitseko, ariko azirikana amagorwa igihugu ciwe caciyemwo kiri mu buja, agaheza akabishikiriza avyerekeza ku musuku w’Imana yemeye amagorwa ngo abiwe bahatorere akajisho. Gutyo muri we no mu bo abwira, hakomera iciyumviro ko amagorwa, ugutotezwa mbere n’ukwicwa birimwo, bishobora gutuma abantu bakubitiza agtima mpembero, bakarahira kurengerwa n’inabi bakorerwa, gutyo bakitanga ngo ibintu bihinduke, agateka n’akaranga kabo bigarukirwe.
Ni navyo tuzirikana mu gisomwa ca kabiri aho dutegera y’uko amagorwa ya Kristu atoba nk’ivyo umuntu akubitizako agatima akipfuza kuvyibagira vuba na bwa ngo, ngo yishimiye izuka rya Pasika ariko ata ku wa 5 Mweranda habaye. Kuri twebwe Abakristu cane cane, ntidutinya guhangana n’ibigoye, kuko nyabuna tuzi ko Kristu yapfuye akazuka, akatwereka atyo ko inabi, amagorwa, amaganya… bidafise ijambo rya nyuma. Ko yabiciyemwo akabitsinda, tumenye natwe guhangana na vyo vyaba ari ibiduhanamiye canke bihanamiye abacu, kuko dushobora kubitsinda nyene.
Egome cane bavukanyi, ni n’ico kidukoranije nk’Abarundi, bafise iteka ryabo kandi batokwemera ko rihonyangwa. Ni vyo vyaranze Umuganwa Ludoviko Rwagasore, ni vyo vyaranze Prezida Melchior Ndadaye, ni vyo vyaranze abo bose baravye agacinyizo n’ihohoterwa bakorerwa canke rigakorerwa Bene-Burundi, bagaheza bagahaguruka kuko bibwira bati: ineza izotsinda inabi, naho vyoteba, n’aho vyodutwara ubuzima. Bari baraciye mw’ishure, barize ivy’irya n’ino mu mateka y’abantu, bari bazi ko iteka bariko bagwanira rishobora kubahitana. Nogira nti ntivyabaguyeko giturumbuka, bari bazi ko biri mu bishobora kubashikira. Ariko bavuga bati hageze kugwanira iteka ryacu n’iry’abacu, “hākurāmba wōrāngwa”, “hakuba imbwa woba imva”. Kira noneho ko bari n’Abakristu, ari naco gituma mu kubibuka tunahera no ku nkuka ya missa, Ijambo ry’Umukama ntiryari n’ukubura kubamurikira, rikanabakomeza, kuko igihe cose turondera ineza y’umuntu, tuba turiko turangura ishaka ry’Imana. Mw’izabuli yitabiriza igisomwa ca mbere twabwiwe ngo: Umukama akunda ingingo n’ukuri. Kandi ngo “ubuninahazwa bw’Imana, ni umuntu ahagaze” (la gloire de Dieu, c’est l’homme debout- St Irénée de Lyon), atazingamitswe n’inabi yikwegamwo, canke yamaze kumenyera n’ukumenyerezwa gushika aho avuga ngo ni ko bimeze, “uko zivugijwe ni ko zitambwa” kandi tuzi ko i Burundi atariko biri (uwutamba ni we atanga urugero rw’umurisho, ni we avuga uko bamuvugiriza, abatimbo barabizi). N’intwaro ishingiye kw’ishaka ry’Abenegihugu niko iri, ni nayo abo turiko twibuka baharaniye, barakāngura n’abohava bibaza ngo ni ko bibwirizwa kuba.
Ugukomeza ubunywanyi n’Imana mu gisabisho.
Muti none twebwe turi ng’aha, nk’abemera, ubwo butwari n’uwo mutima twobikura hehe? Bavukanyi, uyu musi ntidukoranye ngo dusubize amaso inyuma, turire kubera ibi canke biriya twaciyemwo, hanyuma ngo tugire duti Rwagasore na Ndadaye bari abagabo, hanyuma ngo biherere aho. Turīmbūra ubuzima igihugu cacu caciyemwo, tukaraba aho tugeze, ariko kandi tugakirurutsa umutima n’ubwenge ngo tumenye iyo tuja. Ico twomenya, iyo nzira ntiyoroshe. Yezu atubwiye ko ariko aja i Yeruzalemu. Ntagiye gusemagura amasoro (nk’uko Abarundi babivuga). Agiye mu bikomeye. Kandi nta gihe na kimwe cigera coroha, igihe cose kirafise ibigihanamira. Kugira rero dushobore guhangana n’ivyo vyose bibuza iteka umuntu, bigatyoza agashusho k’Imana yaremanwe, duhamagariwe kwumviriza Imana, kuko ata n’umwe ariho ayirusha kumenya agaciro kacu. Gutyo ni ho twomenya vy’ukuri iteka ryacu, iteka ry’abo Umukama yaduhaye ngo dufatanye urugendo, tusangire igihugu n’ivyiza bigitatse, twongere dufashanye n’ukugorora ivyo vyose vyoba intambanyi y’iteka rya muntu uw’ari we wese, duhereye aho tubaye, duhereye mu Burundi.
Nk’abakristu, duhamagariwe kutaba sindabibazwa, ntiduhave tugira ngo “ni nde yangize umucunzi wa mwene wacu”? Iyo Rwagasore agira iyo nyifato, yari kugira ati: ntaco mbuze ndi umwana w’Umwami, abo nabo birabasha. Iyo Ndadaye agira uko, yari kubandanya akora akazi yari afise (gukora mw’ibanki, canke ubundi buzi yari gukora…), ntiyari kuvuga ijambo ku musi w’Abakozi, avugira abatobato, agaca atabwa mw’ibohero nk’uko yari avyiteze ko vyohava bigenda. Nta mukirisu rero asenga yoba sindabibazwa mu biraba igihugu, mu biraba Bene-Burundi. Umwe wese ku rugero rwiwe, n’ivyo ashinzwe, yame abaza Imana ati: Mana ndabigenze nte?
Ubukuru nyabwo, ni ubwitangira abandi.
Ben’icubahiro Barundi, Barundikazi dusangiye iki gisabisho ceranda,
Uyu musi Umukama aranadukebuye ku bishobora kutugora igihe twobwa twipfuza kuja imbere y’abandi ngo tugire ico tubamariye. Ntivyoroshe. “Ahari abantu hama uruntu-runtu” ari naco gituma dushobora kubirondera ariko ku vy’ukuri turiko twirondera. Twumvise igisabiso Yakobo na Yohani bavuze: “Mwigisha dushaka ko uturonsa ico tugira tugusabe (…) Uradutera iteka twicare umwe i buryo, uwundi i bubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe”. Dushaka! Dushaka ko urangura ishaka ryacu! Esebavuka nyi twokwama twibuka ca gisabisho dusabamwo ko twokwama turangura ishaka ry’Imana, ntiducurike ibintu!
Aba bigishwa babiri ntibarategera, ariko n’abandi ntibumvise icigwa abahaye, baciye bigunga, barabasharika ngo ng’abo ibibanza barabidutanze. Tubitegere neza: Yezu ntiyanse na gato ko baba abakuru, ashatse ko bamenya ubukuru nyabwo aho bushingiye: ugutanga ubuzima bwabo ngo abandi barokoke, ukugira ico bamariye abo bajejwe. Erega na Yezu ntiyigeze yanka ubukuru. Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri kuko ndi we. Ko rero à jewe Umwigisha n’Umukama nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge” (Yohani 13, 13-14). Ng’ubwo ubukuru nyabwo. Ng’ubwo ubukuru budatinya guca bugufi, ngo busukurire abo bujejwe. Ng’iyo Ministère nyayo. Iyo abafise ivyo vyubahiro begereye abantu, ku vy’ukuri ntibibaganura na gatoyi. Ntihabuze aho mumaze kubibona.
Ben’icubahiro Barundi, Barundikazi,
Kuri uyu munsi twaramutse twibuka incungu zitanze mu kwigura igihugu cacu ngo gisubizwe intahe n’iteka, ngo Bene-Burundi barōngôrwe uko babishatse bivanye n’ivyo bigishijwe, dukengurukire Imana kuri izo ntwari Imana yaduhaye. Tuyikengurukire ku bo bakoranye bose, kuko n’aho havugwa bake, ntawifasha urugamba, babishoboye kuko bari bashize hamwe n’abandi. Turazi ko urupfu rwa Rwagasore rutijanye kuko rwatevye ruhitana n’Umushikirangoma Ngendandumwe, bari basangiye ivyiyumviro; turazi ko Prezida ndadaye yajanye n’abandi bakuru bari basangiye imigabo n’imigambi. Bitubere natwe icigwa, tumenye kuza turashira hamwe, kuko abashize hamwe ni bo bagira ico bashitseko. Nk’bakristu, twisabire ngo ntitwigere twibagira ko twese dusangiye iteka twahawe n’Imana, duharanire iryacu tutibagiye n’iry’abandi kuko “atawusomera induru zivuga”. Twisabire twebwe twese twashimye gutangura uru rubanza dusenga, kugira ngo Imana itugire indemeshamahoro, inkingi z’amahoro, kuko “Umukama akunda ingingo n’ukuri” (Zabuli 33, 4-5). Amen.
Patiri Lambert RIYAZIMANA
Roma, ku wa 21 gitugutu 2018
[…] figure de l’aveugle de Jéricho domine l’Evangile. A la différence de Jacques et Jean (dimanche passé : la question de Jésus est la même : que voulez-vous que je fasse pour vous ?), il ne veut pas […]
J’aimeJ’aime