IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (6, 2-6)
Urakunda Umukama n’umutima wawe wose
Ng’ibi ivyo Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli : Urubaha Umukama Imana yawe, imisi yose uzomara kw’isi, urakurikiza amategeko n’amabwirizwa yiwe yose ndaguhaye uyu musi. Niho uzoramba, wewe, abana n’abuzukuru bawe. None rero, Israyeli, urama uteze ugutwi, ushire ku muzirikanyi ico cose kizokuzanira ubuhirwe, ukarondoka mu gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Umukama Imana ya ba sogokuruza yabikwemereye.
Umviriza, Israyeli we : Umukama Imana yacu ni we musa ari Imana. Urakunda rero Umukama Imana yawe, n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose. Ayo majambo nkubariye uyu musi, ntakigere akuva ku muzirikanyi.
IZABURI 17 (18) 2-3a, 3bc-4, 47.51ab
Icit. : Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje.
Ndagukunda, Mukama, wewe bukomezi bwanje,
uri Umukiza wanje, wankijije akagobero ;
Umukama ni we gitandara canje, ni we mahungiro yanje,
Imana ni yo Mukiza wanje, ni yo mpungirako.
Ni yo ntwari yanje, ni yo nkinzo yanje,
ni yo nzeyeko gutabaruka.
Ndatabaza Umukama akwiye gushemezwa,
nkaba nkize abansi banje.
Imana iragahoraho ! Iyo ntwari yanje iragahezagirwa !
Uwampaye gutsinda arakaninahazwa !
Umukama ntahengeshanya kurokora umwami,
agakunda uwo yitoreye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (7, 23-28)
Kristu n’Umuherezankuka w’Intashinguka
Ncuti zanje,
Mw’isezerano rya mbere, abaherezankuka benshi bagiye barakurikirana kuko urupfu rwababuza kwamaho. Ariko Yezu, ko yamaho mu myaka yose, afise ubuherezankuka butayegayega. Niho ashobora gukiza rimwe rizima abamwisunga mu kwegera Imana, kuko We yama ari muzima ngo ababere mu ngoro.
Ng’uwo rero Umuherezankuka mukuru twari dukeneye: ni mweranda, ni muziracaha, azira agatosi, nta co asana n’abononyi kandi ari hejuru y’ab’ijuru bose. Ntakeneye nk’abandi baherezankuka guhereza inkuka imisi yose, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe, hanyuma na ho ku bw’ibicumuro vy’igihugu, kuko ivyo yabigize rimwe rizima mu kwitanga we nyene. Mw’ibwirizwa rya Musa, abahora bagerwa kuba abarezankuka ni abantu bagoyagoya. Ariko hanyuma, aho Imana ivyemereye igashirako n’indahiro, Umwana wayo yaragenwe kuzokwama ari intungane ishitse.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje ;
na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 28b-34)
Urakunda Umukama Imana yawe. Urakunda mugenzawe
Muri irya misi,
Umwanditsi umwe yegereye Yezu aramubaza ati : « Ibwirizwa rya mbere mu mabwirizwa yose ni irihe ?» Yezu aramwishura ati : « Ni iri : Tega amatwi, Israyeli : Umukama Imana yacu ni we musa Mukama ; urakunda rero Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’amagara yawe yose. Irya kabiri ni iri : Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Nta rindi bwirizwa risumba ayo. »
Wa mwanditsi amubwira ati : « Ni ko, Mukama, uvuze ukuri kwamye, yuko Imana ari imwe nsa kandi ko ata yindi iriho atari Yo nyene , kuyikunda n’umushaha wose, n’ubwenge bwose, n’amagara yose, gukunda umugenzi kandi nk’uko twikunda, birengeye na kure imbagwa zose n’imperezwa. » Yezu ngo yumve yishuranye uburyo amubwira ati : « Nturi kure y’Ubwami bw’Imana. » Ntawabaye acubahuka kugira ico amubaza.