Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (17, 10-16)

Umupfakazi w’i Sarepta acumbira Eliya

Elie à l'Horeb

Muri irya misi,
Umuhanuzi Eliya yafashe inzira, ija i Sarepta. Agishika kw’irembo ry’igisagara, agize atyo abona umugore w’umupfakazi ariko aratoragura udukwi. Eliya aramuhamagara aramubarira ati : « Ntabara urabe ico wonzaniramwo utuzi two kunywa.» Akiriko aragenda kuyazana, aramuhamagara ati: «Urantabara unzanire n’utwo notamira.» Wa mugore amwishura ati: « Ndakurahiye Imana nzima ko ataco mfise co kurya, atari agafu kari ku rushi gasigaye mu gaseke n’uturanguzwa tw’amavuta mu gakarabo. Mbere ubu ngira ntoragure udukwi tubiri, kugira ngo ngende imuhira ndakicumbire, twe n umwana wanje, tukarye duheze duhwere.» Eliya aramwishura ati: « Ntutinye : genda ugire nk’uko uvuze; mugabo ubanze uncumbireko gatoya, ukanzanire hano, uheze ubone kwicumbira, mwe n’umwana wawe; kuko ariko Umukama Imana y’Israyeli avuze ngo: « Muri ako gaseke ifu ntizokwigera ihera no muri ako gakarabo amavuta ntazokama, gushika umusi Umukama azorekurira imvura kw’isi.»

Ni uko rero aragenda, agira nk’uko Eliya yavuze; kandi uwo mugore, abo mu rugo rwiwe be na Eliya babifungura igihe kirekire. Ifu ntiyahera muri ako gaseke, amavuta na yo ntiyakama muri ako gakarabo, nk’uko Umukama yari yabivuze aciye kuri Eliya.

IZABURI 145 (146), 7, 8-9a, 9bc-10

Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.

Canke : Aleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni we ahumura impumyi,
ni we agorora abahetamye,
ni we akunda abantu b’intungane,
ni we ahagarikira ba kavantara.

Ni we arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni we Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (9, 24-28)

Kristu yaritanze rimwe rizima ngo akize ibicumuro vya bose

Kristu ntiyinjiye mu ngoro yagizwe n’abantu, – iyubatswe n’abantu ni ikigereranyo c’iy’ukuri ; – yarinjiye mw’ijuru, kugira ngo aduserukire mu nyonga z’Imana. Ntakeneye guhereza inkuka yiwe kenshi na kenshi, nk’uko umuherezankuka mukuru yahora yinjira mu ngoro rimwe mu mwaka guhereza amaraso atari ayiwe; koko, iyo biba bityo, aba yarinze kubabara kenshi kuva aho isi iremewe.

Ubu noneho, yaraserutse rimwe rizima, ubutigu bugeze, kugira ngo aranduze igicumuro inkuka yiwe. Nk’uko abantu bagenewe gupfa rimwe, hanyuma bagaseruka mu rubanza, ni ko na Kristu, aho amariye kwitanga rimwe rizima ngo akure ibicumuro vya bose, azoseruka ubwa kabiri, atazanywe n’igicumuro, ariko azanywe n’abamuroreranye igishika ngo abarokore.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 38-44)

Igisomwa kigufi : 12, 41-44

Abandi bashizemwo umusesekara ariko we yakoze mu bworo bwiwe

Obole de la veuveUmusi umwe,Yezu yabariye ishengero ry’Abayuda, ati: « Muririnda abigisha bakunda kwambara imitamana iremvye, kugirwako bwakeye ku mbuga ahabona, kwicara ku ntebe z’imbere mu masinagoga, kwitanganiza imbere mu batumire, bakongera bakarya utuntu tw’abapfakazi, bakivugisha ibisabisho birebire : urubanza bazocirwa ni agahambaye. »

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Hanyuma, (Umusi umwe) Yezu yicara imbere y’ishinguriro ry’amaturo y’igisengero, araba aho ishengero ritereramwo ifeza, abakungu benshi batereramwo menshi. Haza umupfakazi w’umurushwa atereramwo ikuta n’isenge. Buno nyene, Yezu akebura abigishwa biwe, arababwira ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : urya mupfakazi yabarushije bose. Abandi bose bashizemwo umusesekara, ariko we yakoze mu bworo bwiwe, yatanze itunga ryiwe ryose, ivyari kumutunga vyose.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :