Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Vivons en Eglise » Eglise Universelle » Dans le monde » Hari umurushwa yatabaje, Umukama arumva (Zaburi 33,7). Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisko ku musi mpuzamakungu wahariwe aboro

Hari umurushwa yatabaje, Umukama arumva (Zaburi 33,7). Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisko ku musi mpuzamakungu wahariwe aboro

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Pope Francis Attends His Weekly Audience - June 5, 2013

Pape François (Crédit photo : Franco Origlia/Getty Images)

1. Aya majambo y’umwanditsi w’izaburi abaye ayacu iyo tubona ibihe vy’ububabare n’ugukumirwa benewacu benshi barimwo, aribo dukunda gufatira mw’ijambo rimwe ngo ni « aboro ». Uwuriko arandika aya majambo si uwigirisha, arazi vy’ukuri ico ariko aravuga.
Yarabaye we nyene mu bworo, ariko akabuhinduramwo uruvyino rwo kuninahaza no gukengurukira Imana. Na twebwe duhangana n’ubwoko butandukanye bw’ubworo.
Iyi zaburi iduhaye akaryo keza ko gusubira kuzirikana aboro b’ukuri abo ari bo, tukaba duhamagariwe kuberekeza ko amaso kugira ngo twumve amaborogo yabo, tunahamenyere ivyo bakeneye.

None abo boro bavugwa ni bande?
Ubwa mbere twarumvise ko Umukama yumviriza aboro bamuborogera, kandi ko yakira neza abamuronderako ubuhungiro, ab’umutima waseserejwe n’intuntu, irungu n’ugukumirwa. Umukama arumviriza abo agateka kabo kartyojwe, ariko bakaba bafise inguvu z’ukuraramura amaso hejuru kugira baronke umuco n’ikibaremesha. Arumviriza abacinyizwa n’ubutungane budashingiye ku ngingo, abakandamizwa n’abanyepolitike badahesha icubahiro izina ryabo, abagendana ubwoba ko bohava bahohoterwa, maze bakabona ko Imana ariyo Mukiza wabo.

Icamwa c’ico gisabisho ni umutima w’ukwiheba mu kwizigira Dawe wa twese yumviriza kandi yakira. Ni muri iyo ntumbero y’inkwirikizi zibabaje, dushobora gutegera ivyo Yezu yigishije yerekana abahiriwe, agatangura agira ati : « Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko ubwami bw’ijuru ari ubwabo. » (Mt 5,3).

Kubera icigwa umuntu akura mu guca muri iyo nzira, nayo ikaba idafatira ku vyo umuntu aba yarakoze kandi idashobora gusigurika mu buryo butomoye, tuharonkera icipfuzo c’ugusabikanya n’abandi iyo nyigisho, duhereye ku bameze nka barya umwanditsi w’izaburi avuga, ni ukuvuga abarushwa, abakumiriwe bakaba n’inkengerwa. Mu bisanzwe nta n’umwe yokwumvise ko akumiriwe mu rukundo rwa Data, na cane cane muri iki gihe, aho itunga kenshi ryiyongera, hanyuma ukamengo ihangiro rya mbere n’ukuryigungirako.

Twotegera gute inyifato y’umworo n’imigenderanire afitaniye n’Imana?

2. Izaburi irasigura inyifato y’umworo n’imigenderanire afitaniye n’Imana ikoresheje amavuga atatu.

Ubwa mbere « kuboroga ».
Kuba uri umworo ntibisigurwa n’ijambo rimwe gusa : ni akamo kamena amajuru kagashikira Imana. Amaborogo y’umworo yosigura ikindi giki atari ububabare n’irungu, ugucika inkokora n’ugupfana umwizero ? Twoshobora kwibaza tuti bigenda gute ngo amaborogo aduga ku Mana adashikira amatwi yacu, maze tukaguma umengo ntaco tunezwe, tukaba ba sindabibazwa ? Ku musi nk’uyu, duhamagariwe kwisuzuma, tukaraba ko dushobora vy’ukuri kwumviriza abarushwa.

Kugira dutegere akamo kabo, turakeneye agacerere n’ukwumviriza. Ukwo tubandanya tuvuga, niko bitugora kubumva. Kenshi ndagira impungenge ko utwigoro twinshi dukorwa, naho tuba dukenewe kandi dukwiye gushigikirwa, ari utwo kwifasha twebwe nyene aho kuba utwo kwumviriza vy’ukuri amaborogo y’umworo.
Ibintu bimeze uko, igihe aboro bataka batakamba, usanga inyifato yacu ibura intumbero y’ukuri iboneka, bikatunanira gutahura ingorane barimwo.

Mur’ico gihe tuba tubaye imbohe za kamere n’imico y’ubu idutuma tumera nk’abiraba mu cirore umuntu yibako, bigatuma n’ibikorwa vyo kwitaho abandi bitaba ibishemeye ngo bigire ico bikijije mu gihe umuntu atemeye kurangura ivyiza abona ko bishobora no kumuzanira ingorane.

3. « Kwishura » ni ryo rivuga rya kabiri.
Umucuraranzi w’izaburi yavuze ati : Umukama ntiyumva gusa amaborogo y’umworo, ariko arishura. Inyishu, nkuko ivyabaye vy’urukiza bivyerekana, ni isabikanya ryuzuye urukundo ry’ivyo umworo aba abayemwo. Uko ni ko vyagenze igihe Ibrahimu yashikiriza Imana iciyumviro ciwe cerekeye kuronka uruvyaro, n’aho be n’umugore wiwe Sara bari bageze mu za bukuru, batararonka akana (raba Amamuko 15,1-6).
Ni vyo vyashitse igihe Musa muri rwa rubeya rw’umuriro rwava mu gisaka yahishurirwa izina ry’Imana, akongera akaharonkera n’ubutumwa bw’ukuja gukura igisata cayo mu marushwa carimwo mu Misiri (raba Ihunguka 3 ,1-15). Iyo nyishu yagiye ishimangirwa igihe cose Bene Israyeli bari mu rugendo rwo mu bugaragwa : mu gihe cose bumva ububabare bw’inzara n’inyota (raba Ihunguka16,1-16 ;17.1-7) no mu bihe vyose basubira kugwa mu bukene butagira izina, bakikura kw’isezerano bagiraniye n’Imana, bagasenga ibigirwamana (raba Ihunguka 32,1-14) .

Ku murushwa inyishu y’Imana yama ibonekera mu kintu kiza kumuremurura, kikamubera urukiza rumuvura ibikomere vyo ku mutima no ku mubiri, kigasubizaho ubutungane, kikanamufasha gusubira kuronka ubuzima bw’iteka.
Inyishu y’Imana kandi ni umuhamagaro kuri uwo wese yemera Imana kugira ngo na we ashobore gukora nk’ivyo Imana ikora naho aguma arangwa n’amagara make ya kiremwa muntu.

Umusi mpuzamakungu wahariwe aboro ni inyishu.

Umusi mpuzamakungu wahariwe aboro ugomba kuba inyishu isanzwe y’Ekleziya yo kw’isi yose ishikirijwe aboro b’ubwoko bwose no mu mpande zose, kugira ntihagire n’umwe yumva ko akamo kiwe katwawe n’umuyaga. Niko usanga ivyo dukora bimeze nk’ima ry’amazi rikorokeye mw’ibahari nini y’ubworo.
Iryo ma ritoyi rirashobora kuba ikimenyetso c’ugusabikanya n’abari mu bukene, bagashobora kwumva ko bari kumwe na bene wabo. Ntushobora gutora umuti w’ivyo aboro bakeneye utumye uwundi muntu akubera mu kibanza ; wewe nyene urumviriza amarira yabo ugaca witanga ubwawe. Ukwitanga kw’abemera ntitwogushira mw’ijambo rimwe ryo gufasha, naho ubwavyo bikenewe kandi ari naco ca mbere ; bisaba cane cane kugira « umwitwarariko w’ugukunda » (raba inyigisho ya Papa Fransisko Evangelii Gaudium, 199) utuma umuntu asonera uwundi kuko ari umuntu kandi akamuronderera iciza.

4. « Gukira » ni irivuga rya gatatu.
Mu nyandiko nyeranda, Umworo ni uwubaho mu kwemera kutayegayega, akemeza ko Imana imwitwararika kandi ikamusubiza iteka. Ubworo ntawuburondera ; ahubwo ni icamwa c’ukwigungirako, c’ubwishime, umwina w’itunga n’akarenganyo.
Ivyo biri mu bintu vyamye bibabaza abantu, bikaba ibicumuro bikomeretsa abantu ataco biyagiriza, bikaba bifise ingaruka zidasanzwe mu mibano y’abantu. Igikorwa c’Imana kibohora ni igikorwa c’urukiza kuri abo bamutura agahinda n’ububabare bwabo.
Ibohero ry’ubworo risamburwa n’ububasha bw’Imana. Amazaburi atari make arigisha yongera ahayagiza ivyabaye vy’urukiza bivugwa mu buzima bwa bamwe mu boro : « Nkako ntanenagura canke ngo anene uwurembejwe n’amarushwa, ntamuhisha amaso yiwe, iyo amutakambiye aramwumvira. » (Izaburi 21,25). Gushobora kwihweza inyonga z’Umukama ni ikimenyetso c’urukundo rwiwe, ko ari hafi n’urukiza rwiwe. « Warabonye amarushwa ndimwo, uramenya amaganya y’umutima wanje ; watumye mpagarara ahagutse » (Izaburi 30,8-9). Kwereka umworo inzira yocamwo ni ukumukura mu « mitego y’umuhigi » (raba izaburi 90,3), kumukingira umutego uteze imbere y’ibirenge vyiwe, kugira ashobore gutambuka neza n’ukurabisha ubuzima ijisho ritekanye. Urukiza rw’Imana rumeze nk’ukuboko kuramvuye kwerekeza ku mukene, ikiganza cakira, kigakingira, kigafasha kwumva urukundo umuntu aba akeneye. Ni uko kuba hafi mu biboneka no mu kuri gushobora kubamwo inzira y’ukuri y’ukubohoka : « Uwa Kristu wese n’umubano wose w’abakristu bahamagariwe kuba ibikoresho Imana ikoresha ngo ibohore yongere ihagurutse aboro, ku buryo nabo bashobora kubaho neza nk’abandi bakaronka ikibanza kibereye mu ndinganizo y’itunganywa ry’imibano y’abantu ; ivyo bisaba ko duca bugufi mu kwama tugavye, mu kwumviriza amaborogo y’umworo tukamufasha » (raba inyigisho ya Papa Fransisko Evangelii Gaudium, 187).

5. Naragize ikigumbagumba mu kubona ko aboro benshi bameze nka Baritimayo dusanga mu nkuru Nziza yanditswe na Mariko ( raba Mariko 10, 46-52). Baritimayo yari impumyi yasega, yari yicaye ku nzira (raba akarongo ka 46) ; yumvise Yezu ariko arahaca « atangura gusemerera » asaba « Umwana wa Dawudi » ngo amugirire impuhwe (raba akarongo ka 47). « Benshi batangura kumwamira ngo acereze, ariko we arushirizaho gusemerera » (akarongo ka 48). Umwana w’Imana yarumvise amaborogo yiwe aca amubaza ati : « Wipfuza ko nokugirira iki ? » Wa muntu w’impumyi amubwira ati : « Mwigisha ! Nipfuza kubona » (akarongo ka 51).

Iki kigabane c’Inkuru Nziza ya Mariko kiratwereka ico izaburi yabura nk’umuhango. Baritimayo yari umworo abuze ibintu nyamukuru : kubona n’ugukora. Muri iki gihe ibintu bisa n’ivyo bingana iki bituma abantu babaho mu buryo budashemeye ?
Kubura uburyo mu bintu bishobora kubeshaho umuntu, gukumirwa mu gihe utagifise ubushobozi bw’ugukora nkuko bisanzwe, uburyo butandukanye busa n’ukuba mu buja mu buzima bw’imibano n’aho tubona ibitari bike bimaze gukorwa mw’iterambere ry’isi…. Nka kurya kwa Baritimayo, uyu musi aboro benshi bari ku mabarabara barondera kuremururwa mu ntumbero y’ivyo babayemwo. Abenshi baribaza igituma basubira inyuma gushika mu marushwa nk’ayo barimwo, ntibabone n’uburyo boyavamwo ! Baguma barindiriye ko hogira uwubegera akababwira ati : « izigire, va hasi ; araguhamagaye » (akarongo ka 49).

Ibitandukanye tubona ubu kandi biboneka kenshi ni amajwi yumvikana atera imirarwe, abakankamira ngo bacereze kandi biyakire ukwo bameze. Ni amajwi ataremesha avuga nabi, ashingiye mu bwoba buterwa n’aboro, aterekana gusa ko abo boro batishoboye, ahubwo ko batuma umutekano uhungabana, hakaguma uruhagarara, bagatuma imico ihinduka, bigasaba rero ko bakumirwa bakigizwa kure. Usanga haca haronderwa indinganizo zo kubatandukanya n’abandi bantu, umuntu ntabone ko aba ariko ariyigiza kure y’Umukama wacu Yezu Kristu, wewe atabigiza kure, ahubwo abiyegereza ngo abahoze.
Ese ukuntu iyi nyigisho y’umuhanuzi Izaya ku nyifato y’ubuzima bw’abemera itumbereye: « ugucagagura imvuto zatewe n’ububisha, ukubohora imigozi y’umutwaro, uguha umwidegemvyo abacinyizwa, n’ugukura imitwaro yose. […] ugusangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, uguha indaro umurushwa atagira aho aba, ukwambika uwo uzobona agenda gusa » (Izaya 58,6-7). Bene ubwo buryo butuma ibicumuro birekurirwa (rapa Ikete rya mbere rya Petero 4,8), ubutungane bukabandanya inzira yabwo, maze no mu gihe dutakambiye Umukama akatwishura ati : « Ndi hano » (Isaya 58,9).

6. Abarushwa ni bo ba mbere bashobora kwumva ko bari kumwe n’Imana bakongera bakayishingira intahe ko itigera ibavirira mu buzima bwabo. Imana ni Mudahemuka ku co yemeye ; naho hoba mu mwiza, igishika c’urukundo rwiwe n’uruhoza rwiwe ntivyigera bibura. Kugira ngo aboro bave mu makuba yabo, bisaba ko bokwumva abavukanyi bababa hafi bakabitwararika, bakabugururira umutima wabo n’ubuzima bwabo, bakababona nk’abagenzi n’abanyamuryango.  Uko ni ko dushobora gutahura « ububasha bw’icungurwa ry’ukubaho kwabo » tukabona n’ukubashira hagati mu rugendo rw’Ekleziya » (raba inyigisho ya Papa Fransisko Evangilii gaudium 198).

Kuri uyu musi mpuzamakungu, dutumiriwe kwitanga dufatiye ku majambo y’izaburi : « Aboro bazorya bahage » (Zaburi 21,27). Turazi ko mu rusengero rw’i Yeruzalemu, inyuma y’uguhereza inkuka haca haba umwanya wo gusangira ibifungurwa. No mu madiyoseze atari make baragerageje igikorwa nk’ico mu mwaka uheze, kandi vyarakomeje ihimbazwa rya mbere ry’umusi mpuzamakungu wahariwe aboro. Abatari bake barashoboye kuronka aho bakiranwa igishika mu ngo, barahimbarwa n’akanyamuneza ko gusangira imfungurwa y’umusi mukuru no gushigikirana kuri abo bose bari bipfuje gusangira kivukanyi mu buryo buciriye hagufi.

Nipfuza kandi ko muri uyu mwaka no muri kazoza uyu musi mpuzamakungu woba nk’ikimenyetso c’akanyamuneza n’ubushobozi bwisubiriza bwo kubonana dusangira.
Gusengera hamwe mu mubano no gusangira imfungurwa ku musi w’Imana ni akamenyero keza katwibutsa umubano w’abakristu ba mbere, aho umwanditsi w’Inkuru Nziza Luka atwereka akaranga n’ukwicisha bugufi kwabo : «Barashishikara mu vyo kwigishwa n’abatumwa n’ukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate no mu gusenga. […] Abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga. Baramuka bagurishije ivyo batunze canke ivyimburwa, bakagabura ikiguzi umw’umwe akaronka ivyo akeneye.» (Ibikorwa vy’Abatumwa 2, 42.44-45).

7. Ntawoharura utwigoro twa misi yose tugirwa n’umuryango w’abakristu ngo werekane ko wiyegereza aboro kandi uremurura abari mu bworo butandukanye twama tubona aho duherereye. Gufashanya n’ayandi mashirahamwe adashingiye ku kwemera Imana, ariko arangwa n’ugufashanya ku neza ya kiremwa muntu, bituma hegeranywa imfashanyo twebwe tutoshobora kuronka turi twenyene. Muri iyi si yuzuye ubukene, kumenya ubushobozi buke dufise, amagara make n’uburyo buke bwacu, biduhamagarira gufashanya n’abandi, bikaduha akaryo ko kugira aho twigejeje gusumba.

Ukwemera hamwe n’ibwirizwa ry’urukundo na vyo biradukabura, ariko turazi ko hari n’ubundi buryo butari buke bwo gufasha no gushigikirana usanga ku ruhande rumwe bisangiye ihangiro, igihambaye kuri twebwe kikaba ukutibagagira igikuru : gushikana umuntu uwari we wese ku Mana no ku Bweranda. Ukuganira dufatiye ku vyo umwe wese yigishijwe n’ubuzima n’ukugiranira imigenderanire twicishije bugufi, ntitwishire hejuru, ni yo nyishu nziza kandi ishingiye mw’Ijambo ry’Imana dushobora gutanga.

Si ukuvuga ko ari ugushaka kugira uruhara rwa mbere mu maso y’aboro, ariko ni ukumenya twicishije bugufi ko ari Mutima Mweranda akabura muri twebwe ico dushobora gukora kigatanga inyishu y’Imana yama iri hafi yacu. Mu gihe twahawe kuba hafi y’abarushwa, dutegere neza ko Imana ari yo ya mbere yatwuguruye amaso n’umutima ngo duhinduke. Aboro ntibakeneye ababahiganirwako, bakenera urukundo ruzi kutiyerekana kandi rwibagira n’iciza rwaranguye. Abafise uruhara vy’ukuri ni Imana hamwe n’aboro bo nyene. Uwuriko arafasha ni igikoresho mu minwe y’Imana cerekana ukubaho kw’Imana hamwe n’urukiza rwayo.

Ni co Paulo Mweranda atwibutsa mw’ikete yandikiye abakristu b’Abanyakorenti, bagiriranira ishari hagati yabo ku vyerekeye ingabirano ziruta izindi. « Ijisho ntiryoshobora kubwira ikiganza riti: sindagukeneye, eka n’umutwe ntiwoshobora kubwira ibirenge uti: Sindagukeneye » (1 Abanyakorenti 12, 21).
Umutumwa Paulo atwigisha ikintu gihambaye mu gihe yerekana ko ibihimba vy’umubiri bifise intege nke ari vyo bikewe kuruta (raba 1 Abanyakorenti 12, 22); ko ingingo z’umubiri twiyumvira ko « zidafise icubahiro nk’izindi ari zo dukikiza icubahiro kuruta izindi, kandi ingingo twiyumvira ko zirusha izindi gutera isoni ari zo tugirira urupafasoni kuruta izindi. Na yo izidateye isoni ntaco zikeneye » (1 Abanyakorenti 12, 23-24).

Mu gushikiriza iyo nyigisho nkoramutima ishimikiye ku ngabirano za Mutima, Paulo Mweranda arigisha inyifato rukristu umubano wose wogira imbere y’abafise intege nke n’abari mu bukene. Abigishwa ba Yezu-Kristu bokwitandukanya n’inyifato y’agakengerwe no kuguma urata ayo bagowe. Bahamagariwe ahubwo kububaha, bakabaha ikibanza ca mbere, bakumva ko bari kumwe nabo imbere ya Yezu. « Igihe cose mwabigiriye n’umwe muri abo batobato muri benewacu, ni jewe mwabigiriye » (Matayo 25, 40).

8. Duca dutegera ubutandukane bunini buri hagati y’ukwo tubayeho n’ukwo isi yihayagiza ibayeho mu gukurikira n’ukwigana abafise ububasha n’itunga, igakumira aboro, ikabagereranya n’umwavu uteye isoni. Amajambo y’umutumwa adutumirira guha iteka ryuzuye Inkuru Nziza, iteka rishigikira abo bose bameze nk’ingingo za nta ntege nke kandi zisanzwe zigize Umubiri wa Kristu: « Iyo ingingo imwe ibabaye, ingingo zose zibabarana na yo, canke iyo ingingo imwe itewe iteka, ingingo zose zinezeranwa nayo » (Abanyakorenti 12, 26).
Ni na vyo Paulo Mweranda yigisha no mw’ikete yandikiwe Abanyaroma abahimiriza ati: «Nimunezeranwe n’abanezerewe, nimurirane n’abarira. Nimwame muhuza ivyiyumviro, ntimuhahamire ibiri hejuru, mukunde riho gukwegakwegwa n’ibiciye bugufi » (Abanyaroma 12, 15-16). Uwo ni wo muhamagaro w’umutumwa wa Kristu, ihangiro twokwama twerekeza kugira ngo tubandanye dutsimbataza muri twebwe « umutima umwe nk’urya nyene Kristu Yezu yari afise » (Abanyafilipi 2,5).

9. Iryo ni ijambo ry’umwizero ukwemera kudushikiriza nk’impfunyapfunyo isanzwe.
Kenshi aboro baranegura ukuntu twigira ba sindabibazwa, ikaba inkurikizi y’ukwama ubona ukwo wamye ubona ibintu, bikaguma ukwo no muri k’ubu. Amaborogo y’umworo ni akamo k’umwizero gaserura icizere ko azoteba aremururwa. Ni umwizero ushimikiye ku rukundo rw’Imana itigera iheba uwuyishizemwo umwizero (raba Abanyaroma 8,31-39).
Umweranda Tereziya w’i Avila niwe yanditse mu co yise Inzira y’ukuba intungane ibushitse ati: « Umutima ushima ubworo ni iciza cegeranirijwemwo ivyiza vyose vyo kw’isi. Urashikiriza ububasha burengeye, kuko ushobora kuganza ivy’isi vyose iyo ushobora kubikengera » (2,5). Ni mu gihe dushobora guhitamwo iciza c’ukuri kibereye tuba abafise vyose mbere y’Imana, tukaba abitonzi muri twebwe n’imbere y’abandi . Mu gihe umuntu ashoboye guha amatungo insiguro y’ukuri n’ikibanza abereye araheza akagenda akura, akaba umuntu abushitse, agashobora n’ugusabikanya ivyo atunze n’abandi.

10. Ndatumiriye cane cane abavukanyi banje abepiskopi, abasaserdoti n’abadiyakoni kuko aribo bubitsweko ibiganza mu gikorwa c’ukwitangira aboro (raba Ibikorwa vy’Abatumwa 6,1-7), ndatumuriye n’abihebeye Imana hamwe n’abakristu benshi b’abarayike bitanga batiziganya ngo Ekleziya itorere inyishu akamo k’aboro, mu maparuwase, mu migwi n’imihari, bahimbaze uyu musi mpuzamakungu nk’igihe kidasanzwe c’ukumenyesha Inkuru Nziza ku buryo bushasha.
Aboro baratumenyesha Inkuru Nziza mu kudufasha gutegera ku musi ku musi ubwiza bw’ Ijambo ry’Imana. Ntitwirengagize iki gihe kidasanzwe c’inema y’Imana.
Kuri uyu musi, twese nitwifate nk’abafitiye umwenda aboro kugirango tugiye turahanahana ukuboko, haranguke uguhura n’urukiza rufasha gukomeza ukwemera, rugaragaza mu ngiro urukundo, rugatanga n’umwizero mu gutera imbere ata nkomanzi mu nzira aho Kristu aza guhwana natwe.

Bigiriwe i Vatikano, kuwa 3 Ruheshi 2018, aho twibuka Umweranda Antoni w’i Paduwa.

FRANSISIKO

Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro vy’Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa bw’ugukwiza hose Inkuru nziza


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :