IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 13-14)
Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho
Mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru ; araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami kugira ngo amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.
IZABURI 92 (93), 1ab, 1c-2, 5
Icit. : Umukama arahangamye ku ngoma,
yikwije uuninahazwa.
Umukama ahangamye ku ngoma ;
yikwije ubuninahazwa,
Umukama yikwije ububasha bwiwe.
Isi na yo irashimangiye, ntinyiganyiga ;
niho rero intebe y’ubwami bwawe ishimangiye,
imyaka yose wamye uri wa wundi.
Iryo uvuze ntirihinyuka ;
ubweranda burabereye ingoro yawe,
Mukama, imyaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (1, 5-8)
Jewe ndi Alufa na Omega
Yezu Kristu ni We cabona c’intahinyuka, Mfura mu bari bapfuye, akaba ari We aganza abami bo kw’isi. Uwudukunda akadukiza ibicumuro vyacu mu maraso yiwe ngo yongere atugirire Imana Se abami n’abaherezankuka, ni We akwiye ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka : Amen.
Ng’uyo araje azananye n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomubona, n’abamusogose nyene bazomwitegereza, maze amoko yo kw’isi yose azomuborogera. Egome ! Amen !
Jewe ndi Alufa na Omega ; ni ko Umukama Imana avuga ; jewe ndi Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze, We Mushoboravyose.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Iragahezagirwa ingoma ya Sokuru wacu Dawudi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (18, 33b-37)
Ukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje
Umusi umwe, Pilato yabajije Yezu, ati : « Uri umwami w’Abayuda ? » Yezu aramwishura ati : « Ivyo ni wewe uvyivugiye, canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga ? » Pilato amwishura ati: « Mbega jewe ndi Umuyuda? Abo mu gihugu cawe n’abakuru b’abaherezankuka ni bo bakunzaniye. Wakoze iki ? » Yezu amusubiza ati: « Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si. Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si, abantu banje bari kundwanira, singwe mu minwe y’Abayuda ; eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi. » Pilato amubwira ati : «None ga, uri umwami ? » Yezu aramwishura ati: « Uvuze ko, ndi umwami. Kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi ; ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri. Uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje. »
Ubwami bwa Yezu si ubwo ngaha kw’isi. Dushimire Imana, kuko iyo Ubwami bwiwe buba ubwo ngaha kw’isi twobaye tugowe ! Mu bwami bwo ngaha kw’isi ko bishika bagatwaza igikenye, bagakandamiza abo batwara, bakabaremera, kandi batazokwmaho, badashoboye vyose, iyo Yezu, Umwana w’Imana Mushobora vyose na we agira ubwami nk’ubwo ngaha kw’isi, twogikwiwe he ? Kira noneho ! Ubwami bwiwe ni ubwami bw’urukundo, ni ubwami bw’ikigongwe, ni ubwami bw’ubutungane… Ubwami bwiwe ni ubwami bw’ukwitangira abantu… Warakoze, Mukama !
J’aimeJ’aime