IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (33, 14-16)
Imburizi y’Umucunguzi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe kiregereje c’aho nzorangura ijambo naraganiye umuryango wa Israyeli n’uwa Yuda. Muri iyo misi, nzotera mu nda ya Dawudi akabuto k’ubutungane kazovyagiza ingingo n’ubutungane mu ntara. Muri iyo misi, igisata ca Yuda kizorokoka, Yeruzalemu na yo igume mu mutekano ; ng’iri izina bazoyitazira : «Imana-Butungane-bwacu ».
IZABURI 24 (25) 4b-5b, 8-9, 10.14
Icit. : Ni Wewe, Mukama,
nerekezako umushaha.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abaziraiye.
Abatobato akabatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.
Inzira z’Umukama zuzuye urukundo n’ukuri
ku bazigama isezerano ryiwe n’amabwirizwa yiwe.
Umukama aremera abamwubaha,
akongera akabahishuka isezerano ryiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (3, 12-4, 2)
Twitegurire dute ukuza kw’Umukama ?
Ncuti zanje,
Umukama n’abagwirize kandi n’abasasagarize urukundo mufitaniye kandi mufitiye bose, nk’urwo tubafitiye na twebwe nyene ; maze n’aremeshe imishaha yanyu mu bweranda butagira amahinyu imbere y’Imana Dawe wa twese, gushika umusi Umukama wacu Yezu azoseruka azananye n’aberanda biwe bose.
Mu bisigaye, benewacu, turabinginga tubahanura mu Mukama Yezu : nk’uko mwigishijwe natwe ingene mutegerezwa kwigenza n’ukunezereza Imana, ni ko mwigenza ubu noneho, n’abe ari ko mubirushirizaho. Ni ko, musanzwe muzi ya mabwirizwa twabahaye kubw’Umukama Yezu uko ameze.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya
Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
uheze udutabaze urukiza rwawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (21, 25-28. 34-36)
Ubukiriro bwanyu buregereje
Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: « Hazoba ibimenyetso mu zuba, mu kwezi no mu nyenyeri ; kandi no kw’isi hazoba amaganya menshi mu bihugu, igihe ibiyaga n’inzuzi bizokwasirana ; abantu bazokwicwa n’ubwoba n’igihumura, biteze ibizoba kw’isi, kuko n’ubukomezi bw’ijuru buzonyiganyiga. Niho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu afise inganji nyinshi n’ubuninahazwa bwinshi. Ivyo bintu bitanguye gushika, murame muraramuye umutwe, kuko ubukiriro bwanyu buzoba bwegereje.
Nimwirinde, imishaha yanyu yoye gutimbishwa n’ivy’uguhurahura, n’ivy’ukuborerwa n’ivy’ukwitwararika ubu buzima, wa musi woye kubagwako giturumbuka nk’umutego ; kuko ari ko urya musi uzogwa ku bantu bose iyo bava bakagera. Nimwame mugavye rero, musabe imisi yose, kugira ngo mubashe gukira ayo mabi yose aza kuza, mushobore n’uguseruka imbere y’Umwana w’umuntu.»
[…] IGIHE C’UBUSHIKIRO: IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C) […]
J’aimeJ’aime