Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Opinions » Autres auteurs » « Ng’uyo Yezu araje. Musanganire ». Igihe c’Ubushikiro.

« Ng’uyo Yezu araje. Musanganire ». Igihe c’Ubushikiro.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ico ari co igihe c’Ubushikiro

Joannes Claudius MANARIYO

Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa y’Abanyaroma (Église Catholique Romaine), ni ikiringo kimara indwi zine, cugurura, uko umwaka utashe, urukurikirane rw’ukuntu bahimbaza ikinyegezwa ca Kristu. Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa yarazwe n’umweranda Ambruwaze (Église Catholique de rite ambroisien), ico kiringo kimara indwi zitandatu. Nk’uko n’ibindi biringo bisanzwe bifise umusi mukuru bigenda bitwerekezako, n’ikiringo c’Ubushikiro kirafise uwo kitwerekezako : kitwerekeza ku musi mukuru wa Noheli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kristu. Uwo musi mukuru (Noheli), twovuga ko watanguye guhimbazwa mu gice ca mbere c’ikinjana ca kane inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu, ni ho hashirwaho ikiringo c’ukuwitegurira, ubwa mbere ntacari kihari. Muri ico kiringo rero bǎrisonzesha bakongera bakibabaza. Ico kiringo kimaze kujaho, mu nyuma cafashe intumbero ya Liturujiya.

Ukuntu ico kiringo catanguye gushirwaho

Ico kiringo nticamye kiringanijwe muri Ekleziya. Catanguye guhimbazwa mu kinjana ca gatanu. Umwepiskopi Perpet w’i Tours twovuga ko ari we yatanguje ihimbazwa ry’ico kiringo. Mw’ikete yanditse yasavye abakristu ko kuva ku musi mukuru w’umweranda Maritino w’i Tours (uhimbazwa itariki 11 Munyonyo) gushika ku musi mukuru wa Noheli, boza barisonzesha gatatu mu ndwi. Hari abaciye batangura kwita ico kiringo « Ikarema y’Umweranda Maritino ». ivyo rero vyagirwa muri Diyoseze ya Tours gusa. Mu nyuma, mu mwaka w’ 581 harabaye Inama nkuru y’Ekleziya (yabereye i Mâcon). Muri iyo nama baciye basaba ko ivyo vyagirwa muri diyoseze ya Tours vyogirwa mu Bufaransa bwose. Mu myaka ya kurikiye, Ekleziya yose yanduruka irafata iyo ntumbero. Ekleziya Gatolika rero imaze gufata iyo ntumbero, yashimye ko ico kiringo coza kiramara indwi zine imbere y’umusi mukuru wa Noheli. Yarahejeje iratanga n’izindi ntumbero z’ukuntu abakristu bokwifata. Ntikivuga ngo bisonzeshe gatatu mu ndwi canke kangahe, ariko umwe wese yoshobora kubona intumbero yavyo abajije abungere biwe. Ubu hariho n’inyigisho zama zitegurwa zigatangwa muri ico kiringo.

Insiguro y’ico kiringo

Mu ntimatima y’ico kiringo, hiyumvirwa ukuza kw’Umukama : ukwigira umuntu kwiwe akaza kw’isi. Ariko kandi, hariyumvirwa ukugaruka kwiwe mu buninahazwa, aje gucira urubanza abazima n’abapfuye. Kandi no muri Liturujiya, ivyo biraheza bikaguma biboneka : mu bisomwa vyo mu Nkuru Nziza, mu ndwi za mbere barashimikira cane ku kugaruka kwa Kristu mu buninahazwa, hanyuma mu ndwi za nyuma (kuva kw’igenekerezo rya 17 Kigarama) bagashimikira k’Ukwigira umuntu kwa Jambo, Umwana w’Imana.

Ubushikiro rero, si ukwibuka ya myaka Abanyisrayeli bamara barindiriye Umukiza canke ukwitegurira umunsi mukuru wa Noheli gusa, n’aho n’ivyo birimwo. Ni nyabuna ikiringo umuntu atumiriwe kubamwo ku buryo biboneka ko yakiriye Umukama yigize umuntu akabana natwe. Kubaho gurtyo na vyo, bisigura kuvavanura n’inabi yose, kubaho mu butungane no mu rukundo nk’uko Kristu yabitwigishije, ukirinda kugirira inabi umuntu n’umwe canke ukwigira sindabibazwa mu ngorane z’abandi : « Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo batobato tuvukana, ni jewe mwakigiriye ; ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo batobato tuvukana, ni jewe mwanse kukigirira. » (Matayo 25, 40. 45). Twibuke ko Jambo wa Data yigize umuntu : ntiyigize umuzungu, yigize umuntu ; ntiyigize umwirabure, yigize umuntu ; ntiyigize umuhutu, yigize umuntu ; ntiyigize umututsi, yigize umuntu ; ntiyigize umutwa, yigize umuntu… Ngira ngo murabona ivyo ndiko ndavuga ivyo ari vyo. None rero, raba neza ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu mutima wawe. Umwana w’Imana yavukanishijwe n’uwo wese mubana canke mwama muhura, eka mbere na wa wundi wama wita umwansi wawe canke wa wundi wewe nyene wanka ! None rero, « murame mugavye kuko mutazi umunsi n’isaha » (Matayo 24, 44).

Hagati y’ukuza kwa mbere (ukwigira umuntu) n’ukuza kwa kabiri (ukugaruka kwiwe mu buninahazwa), hari ubuzima bw’Ekleziya yama iriko irahimbaza ikinyegezwa ca Kristu yaje kandi azogaruka. Uwo Kristu yaje kandi azogaruka, ntari kure, kuko n’ubu aguma yibonekeza nk’Umukiza wacu. Biragoye gutegera mu mutwe, ariko ni uko biri : « Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi » (Matayo 28, 20). Ntari kure yacu rero. Turi kumwe kandi nko mu masakaramentu hoho, atwiha wese : arimwo mw’ishengero ry’abantu bakoraniye hamwe basenga mu misa (n’ahandi), arimwo mu musaserdoti avuga imisa canke atanga ayandi amasakaramentu (murazi ko ari Kristu akora, umusaserdoti akaba igikoresho gusa), arimwo m’Ukaristiya, n’ibindi.

Kristu rero yama aza kandi ariko araza, ingo tumusanganire. Nitumusanganire nka Izaya yahora amumenyesha. Nitumusanganire nka Yohani Batista yamwerekanye nk’Umwagazi w’Imana ukura ibicumuro vy’isi, abatubona bashobore kumutubonamwo. Erega ibikorwa vyiza vyacu ni vyo ahanini bituma abantu bemera Kristu, kuko tuba tumushingiye intahe. Nitumwakire nka Bikira Mariya, we atarinze kuvuga ngo «Ntivyumvikana ! », canke ngo «Nzokwunguka iki ?», ariko akagira ati : « Jewe ndi umusavyi w’Umukama, nibimbere nk’uko ubuvuze. » Murumva ko ukwo ari ukwemera gukomeye natwe twosanganiza Kristu.

Ng’uyo Yezu araje, musanganire.
Ubushikiro bwiza !

 


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :