Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki (5, 1-9)

Urugendo rugenda rugana Yeruzalemu nshasha

Yeruzalemu, kura ivyambarwa vy’umubabaro n’amarushwa,
ikwize ubuninahazwa bw’Imana ubutakikuvako ;
ambara umutamana w’ubutungane bw’Imana,
itwikire urugori rw’ubuninahazwa bw’Uwamaho.
Nka ko, Imana ishaka kuratira abari munsi y’ijuru ubutore bwawe,
kandi Imana izokwama igutazira iti :
« Mahoro ahagaze ku butungane,
Buninahazwa bwuzuye ubweranda.»
Yeruzalemu, haguruka uje ahakirurutse,
utereze akajisho mu buseruko ;
urabe abana bawe batororokanye bava mu mihingo yose,
nk’uko Nyenubweranda yabitegetse ;
barahimbawe kuko Imana yabagarukiye.
Abansi bari barabangaje, amaguru adakora hasi ;
none Imana yabagarukanye,
kandi baje bareruwe nk’abana b’abami.
Nka ko, Umukama yategetse
kuringaniza imirambi yose miremire n’imitumba,
gufurira imibande,
kugira ngo Israyeli ishogomange ata nkomanzi,
ihagarikiwe n’ubuninahazwa bw’Imana.
Amashamba na yo n’ibiti vyose bimoga neza
bizokingira izuba Israyeli,
nk’uko Imana yabitegetse ;
kuko Imana izorongora Israyeli mu kanyamuneza,
iyimurikire n’ubuninahazwa bwayo,
iyiyoboze imbabazi n’ubutungane.

IZABURI 125 (126), 1-2ab, 2cd-3, 4-5, 6

Icit. : Ivyo Umukama yatugiriye ni agatangaza,
         natwe turi mu kanyamuneza.

Igihe Umukama yabohora imbohe za Siyoni,
twari tumeze nk’abari mu ndoto ;
niho akamwemwe kashaka kutwica,
imvyino zikasana.

Niho abapagani bavuga bati :
« Ivyo Umukama yabagiriye ni agatangaza ! »
Ni ko, ivyo Umukama yatugiriye ni akaroruhore,eka natwe twari mu kanyamuneza.

Bohora se Mukama, imbohe zawe,
uzizane nk’imigende kw’isi ikamutse.
Ababivyi mw’ibiba babiba barira,
mw’igesa bakagesa bishongora.

Bagenda bararira,
bajanye imbuto z’ukubiba ;
maze, bagarukanye imikama y’ivyimburo,
bakaza barisiga.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (1, 4-6. 8-11)

Nimwitegurire wa Musi wa Kristu

Ncuti zanje,
Ukwo mbasabira kwose, ndabasabira n’akanyamuneza, kuko mwama muntabara mu gukwiza Inkuru nziza kuva ku musi wa mbere gushika n’ubu. Nico gituma nizjgiye rwose yuko Uwatanguye igikorwa ciza muri mwebwe azogiheraheza gushika ku musi wa Kristu|Yezu.

Egome, Imana ni yo cabona c’ingene mwese ndabafise ku mutima, muri Kristu Yezu. Mbere, ng’iki ico nsaba : urukundo rwanyu nirwongerekane ubudahengeshanya, mushobore kwitegereza no gutohoza vyose, mubashe gusobanura agasumba akandi, maze mube beranda n’intahinyuka, mwitegurire wa Musi wa Kristu, ubutungane bwiwe tugendera busasagare, Imana ininahazwe kandi ishimagizwe.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
niho umuutu wese azobona urukiza rw’Imana.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (3, 1-6)

Yohani Batista ategura inzira y’Umukiza

Jean-BaptisteMu mwaka ugira cumi n’itanu kuva aho Tiberiyo Sezari yimikiwe, Ponsiyo Pilato aganza Ubuyuda, Herodi ari icariho mu Bugalile, Filipo mwenewabo atwara intara ya Itureya na Tarakonitide, Lizaniya na we ari icariho mu Abileni, Hana na Kayifa na bo bari abaherezankuka bakuru, Yohani mwene Zakariya yashikirijwe ijambo ry’Imana mu bugaragwa iyo yari ari.

Araheza rero ahetura intara ya Yorodani yose, yigisha ibatisimu y’ukwisubirako ngo barekurirwe ibicumuro, nk’uko vyari vyanditswe mu gitabu c’amajambo y’Umuhanuzi Izaya, ngo : « Ijwi riterera akamo mu gahinga riti : Tegure inzira y’Umukama, muringanize aho azoca ; imikokwe yose ifurirwe, imisozi n’udutumba twose turinganizwe, inzira zigoramye zigororoke, izifise ibidunduri ziringanizwe : niho umuntu wese azobona Umukiza arungitswe n’Imana. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :