IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (3, 9-15. 20)
Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana
Umugabo amaze kurya kuri ca giti, Umukama Mana yaciye amuhamagara ati : « Mbega, uri hehe ? » Umugabo na we aramwishura ati : « Numvise ishwashwa ryawe mu ndimo, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza. » Na We asubizayo ati : « Ni nde yakubwiye ko uri gusa ? Woba wariye ivyamwa vy’igiti nari nakubujije kurya ? » Wa mugabo yishura ati : « Ni wa mugore wampa yanzaniye ivyamwa vyaco, nanje ndarya. » Umukama abwira umugore ati : « Wagize ibiki ? » Umugore na we aramwishura ati : « Ni inzoka yampenze ndarya. »
Umukama abwira rero inzoka ati : « Ko warikoze, uragacibwa mu bindi bikoko vyose, ibitobito n’ibiba mw’ishamba. Uzogenda urikwega hasi, kandi indya yawe ni ivu gushika gupfa kwawe. Nzobankanisha, wewe n’umugore, abawe n’abiwe bazozirana. Azoguhonyora ku mutwe, nawe umukomore ku gitsintsiri. »
Umugabo yita umugore Heva, kuko yabaye nyina w’abantu bose.
IZABURI 97 (98) 1, 2-3ab, 3cd-4
Icit : Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yagize ivyiza vy’agatangaza.
Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yagize ivyiza vy’agatangaza ;
urukiza turukesha We,
ruva ku kuryo kwiwe kweranda.
Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga,
yuko ari We akiza kandi yuko ari We ntungane.
Yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango w’Israyeli.
Ba kavantara bose bariboneye
Ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (1, 3-6. 11-12)
Imana yatwitoreye muri Kristu isi itararemwa
Imana, Se w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ihezagirwe,
Yo yaduhunze imihezagiro yose y’umutima y’ubwoko bwose mw’ijuru muri Kristu.
Ni Yo yatwitoreye muri We isi itararemwa,
Ngo tube beranda kandi ntitugire amahinyu imbere yiwe,
tugume mu rukundo.
Ni Yo yatugeneye kuva na kera
Kuzoyibera abana kubwa Yezu Kristu.
Iyo ni yo migabo y’ugushaka kwayo,
ngo yerekane ishimagizwa ry’ubuninahazwa bw’ingabirano
yatugabiye mu Mwana wayo nyagukundwa.
Muri We kandi, twebwe abana b’Israyeli, ni ho twasobanuriwe,
tugenda hakiri kare kuzoba igihugu cayo,
nk’uko Yo igenza vyose yari yamye yabitegekanije
uko ibishaka,
ngo tube abamye bizera Kristu,
ubuninahazwa bwayo bushimagizwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Mwaramutse, Mariya, wuzuye inema, Umukama muri kumwe ;
urahezagiwe mu bandi bagore bose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)
Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe
Umusi umwe,
Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi ; nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati : « Mwaramutse, wewe wuzuye ubutore, Umukama muri kumwe. » Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuga.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati : « Humura, Mariya, waragiriwe ubuntu n’Imana. Uza gusama inda, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba umuntu ahambaye kandi azokwitwa Umwana wa Rudasumbwa. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi ; azogaba umuryango wa Yakobo imyaka yose, n’ingoma yiwe ntizohera. »
Mariya na we abaza nya mumarayika ati : « Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo ? » Umumarayika aramwishura ati : « Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bwa Rudasumwa bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana. Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama inda y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi ni ukwa gatandatu, n’aho bahora bamwita intavyara, kuko ata kinanira Imana. » Mariya ati : « Jewe ndi umusavyi w’Umukama ; nibimbere uko ubivuze. » Nya mumarayika aca arigira.