IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 20-22. 24-28)
Samuweli azoba uw’Umukama ubuzima bwiwe bwose
Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w’umuhungu, amwita Samuweli, ati :« Ni uko namusavye Umukama. » Maze, umugabo wiwe Elikana araduga ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose ngo ashikanire Umukama imbagwa y’uwo mwaka be n’ivyo yari yaramuraganiye. Ariko, Ana we ntiyadugayo, abarira umugabo wiwe ati : « Umwana niyamara gucuka niho nzoduga, ndamujane, yishikirize Umukama, aheze agumeyo imisi yose. »
Amaze kumucutsa na ho, aramudugana, ajana n’ikimasa kimaze imyaka itatu, n’ingero imwe yitwa yefa y’ifu, be n’umubindi w’umuvinyu ; araheza amwinjiza mu Ngoro y’Umukama i Silo, umwana na we akaba umukorezi waho. Barabaga nya kimasa kandi bazanira Heli uwo mwana. Maze, Ana aravuga ati : « N’uzirikane, Mukama ! Uko uri muzima, Muhanyi, jewe ndi wa mugore yari ahagaze iruhande yawe kandi yariko arasaba Umukama. Uyu mwana ni we nasaba kandi Umukama yampaye ico namusavye. Nanje rero, ndamuhebeye Umukama ; azoba uwihebeye Umukama mu buzima bwiwe bwose.» Baraheza barapfukamira Umukama aho nyene.
IZABURI 83 (84) 2-3, 5-6, 9-10
Icit. : Hahiriwe abibera mu ngoro yawe, Mukama !
Ese ingene ingoro zawe zihimbaye,
Mukama, Nyeningabo !
Umushaha wanje warashashaye,
ushaka gucikira inyubakwa z’Umukama.
Eka bane abibera mu ngoro yawe barahiriwe,
bo bagushimagiza urudahengeshanya ;
hahiriwe abantu bakuzeyeko amagara,
bahoza ku mutima kuza iwawe.
Ewe Mukama, Nyeningabo, ntega ugutwi,
wumvirize igisabisho canje, se Mana ya Yakobo.
Mana, Wewe nkinzo yacu, raba,
itegereze uwo witoreye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2. 21-24)
Twitwa abana b’Imana, n’ukuba bo turi bo
Bakunzi banje, itegereze namwe urwo Data yadukunze : We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na we itamumenye. Bakunzi banje, kuva ubu turi abana b’Imana, nayo ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na we, kuko tuzomubona nkuko ari.
Bakunzi banje, umutima wacu n’utatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana. Ico cose dusaba Imana tugihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo, tugakora ibiyinezereza mu nyonga zayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo : ni uko twokwemera izina ry’umwana wayo Yezu Kristu. Tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana na yo ikamugumamwo ; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima yaduhaye.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Utwugururire umutima, Mukama,
ngo twumvirize amajambo y’Umwana wawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 41-52)
Abavyeyi ba Yezu bamusanga yicaye mu bigisha hagati
Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yezu bahora baja i Yeruzalemu ku misi mikuru ya Pasika. Aho Yezu amariye imyaka cumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nk’uko bama babigira ku misi mikuru ya Pasika. Imisi ya Pasika imaze guhera, barataha; umwana Yezu asigara i Yeruzalemu, na bo abavyeyi biwe batabizi. Bagira urugendo rw’umusi umwe bakeka ko ari kumwe n’abo bazananye. Baraheza bamuronderera mu ncuti no mu bo bazinanyi. Ngo bamubure basubira i Yeruzalemu kumurondererayo. Bamaze gatatu, bamusanga mu gisengero yicaye mu bigisha hagati, abumviriza yongera ababaza ; abamwumva bose batangazwa n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura. Ngo bamurengukeko baratamarirwa. Nyina wiwe amubwira ati : « Mbega mwananje, watugiriye ibiki ? Urabona aho twahereye tukurondera twe na so, turi mu maganya ! Na we abishura ati : « Mwandonderera iki ? Ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data? » Mugabo rero bo ntibategera ivyo ababwiye. Baraheza baramanukana basubira i Nazareti, akama abagamburukira. Nyina wiwe na we agumiza ku mushaha ayo majambo yose. Yezu arakura, akurana ubwitonzi, igihagararo n’ubwiza mu maso y’lmana n’ay’abantu.