Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisiko ku Munsi Mpuzamakungu ugira uwa 52 wahariwe amahoro, ku wa mbere Nzero 2019
1. « Amahoro muri iyi nzu ! »
Mu kurungika abigishwa biwe mu butumwa, Yezu yababwiye ati : « Inzu yose muzoramuka mwinjiyemwo, murabanze muvuge muti : « Amahoro muri iyi nzu ! » Aho nihaba hariho umuntu w’umunyamahoro, amahoro azomujako, ahandi ho, azobagarukako» (Luka 10,5-6). Ugutanga amahoro ni ryo shingiro ry’ubutumwa bw’abigishwa ba Kristu. Kandi iyo ngabirano y’amahoro ishikirizwa abo bose, baba abagabo canke abagore, bipfuza amahoro kubera ivyago n’uguhohoterwa bishikira ubuzima bw’abantu [1].
Iyo « nzu » Yezu avuga, ni umuryango uwo ari wo wose, umubano w’abantu uwo ari wo wose, igihugu ico ari co cose, umugabane w’isi uwo ari wo wose, kimwe kimwe cose mu karanga cisangije na kahise kakiranze ; imbere ya vyose bishingiye ku muntu uwo ari we wese, ata gutora canke gukumira. Iyo nzu kandi ni « inzu rusangi ya twese » : uyu mubumbe w’isi Imana yadusizeko ngo habe ari ho tuba kandi duhamagariwe kubungabunga n’umwitwarariko munini. Ico ni na co cipfuzo canje mu ntango y’uwu mwaka mushasha : « Amahoro muri iyi nzu ! ».
2. Ikibangamiye politike nziza
Amahoro ameze nka wa mwizero wayazwe n’umwanditsi w’Umufaransa yitwa Karoli Peguy [2] ; ameze nk’agapfundo k’agashurwe ka ntamagara kariko kararondera ukuntu kosamburira aho gashingiye hagati y’amabuye y’ihohoterwa. Turabizi : Uguharanira ubutegetsi vyanka vyakunda kwama kujana n’amabi y’indenzarugero hamwe n’akarenganyo. Ubundi politike yotegerejwe kuba uburyo bw’uguteza imbere umutima wo gukunda n’ukwubaka igihugu hamwe n’ugushinga imigambi iteza imbere umuntu bishingirako ; ariko iyo itabaye nk’ibanga abaritoranye bishinga ryo gufasha umuryango w’abantu, politike ishobora guhinduka inzira yo gucinyiza abantu, yo kubakumira, canke yo gusambura.
« Uwushaka kuba uwa mbere nabe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose » (Mariko 9,35). Nk’uko umweranda Papa Paulo wa 6 yabishimangiye : « Gufata politike mu mice yayo yose nk’igikorwa gihambaye, haba ku rwego rwo hasi, haba ku rw’intara canke ku rw’isi yose, ni ukwemeza ibanga rya muntu, umuntu uwo ari we wese, ryo gutahura ibintu uko bimeze n’uruhara ruhambaye rw’umwidegemvyo wo guhitamwo aba afise ngo ashobore kurangurira hamwe n’abandi ivyubaka ineza y’intara, y’igihugu n’iy’abantu bo kw’isi yose » [3].
Kukaba nkako, igikorwa n’ibanga rya politike biri
mu vyama biraje ishinga abo bose batorana umurimo wo gukorera igihugu cabo, gukingira abanyagihugu n’ugukora ngo hatsimbatazwe ivyo vyose bituma hubakwa kazoza k’iteka gashingiye ku ngingo. Ivyo bigizwe mu kwisunga ku buryo hubahirizwa rwose ubuzima, ukwishira n’ukwizana hamwe n’agateka k’abantu, politike icika vy’ukuri uburyo nyabwo bw’ukugendera urukundo.
3. Urukundo n’izindi ngeso runtu zijanye na politike iteza imbere ingingo zubahiriza zina muntu n’amahoro
Papa Benedigito wa 16 ni we yibutsa ko « umukristu wese ahamagariwe kugendera urwo rukundo afatiye kw’ibanga yahamagariwe hamwe n’uburyo afise bwo gutanga intererano mw’itunganywa ry’igihugu. […] Ukwitaho itunga rusangi, iyo bishingiye mu rukundo, biragira agaciro gasumbirije kuruta ugutunganya ivy’isi n’ivya politike gusanzwe […] Ibikorwa vy’umuntu iyo bivuye mu rukundo bikagenzwa narwo birafasha mw’iyubakwa ry’umugwa w’Imana ukwiye isi yose umuryango w’abantu uriko uratumbera » [4].
Iyi ni indinganizo abanyapolitike bose bashobora guhurirako barengeye aho bashingiye mu vy’imico canke mu vy’ukwemera Imana, mu gihe baba bashaka gukorera hamwe ngo bateze imbere ineza y’umuryango w’abantu bagendera za ngeso runtu ziranga igikorwa ciza ca politike : ubutungane, ingingo, ukwubahana, ukuvuga ukuri, ukutiyorobeka, ukugumya ibanga. Kuri ivyo, birakwiye ko hasubira kwibutswa « ubuhirwe bujanye n’ivya politique » bwashikirijwe na wa mukardinali Fransisiko Gisaveri Nguyen Van Thuan wo mu gihugu ca Vietnam yitavye Imana mu mwaka w’i 2002, akaba yabaye intadohoka mu gushingira intahe Inkuru Nziza :
Hahiriwe umunyapolitike atahura neza ibanga ryiwe kandi akarirangurana umutima.
Hahiriwe umunyapolitike umuravye ubona ko ari umwizigirwa.
Hahiriwe umunyapolitike akorera itunga rusangi ntiyishinge gukorera inyungu yiwe gusa.
Hahiriwe umunyapolitike atigera adohoka kw’ibanga.
Hahiriwe umunyapolitike yubaka ubumwe .
Hahiriwe umunyapolitike yitanga ngo ibintu bihinduke rwose.
Hahiriwe umunyapolitike azi kwumviriza.
Hahiriwe umunyapolitike adatinya [5].
Igihe cose habaye isubirwamwo ry’ugushinga amabanga biciye mu matora, igihe cose c’amatora, igihe cose c’ugusubira gutunganya indinganizo z’ivy’igihugu, kiba ari igihe ciza co gusubira kugaruka kw’isoko ritumbereza ubutungane n’ingingo. Turavyemera rwose : politike nziza ni iyubaka amahoro ; irubahiriza igateza imbere ingingo ngenderwako z’agateka ka zina muntu, zikaba zinatuma tuba ba magiriranire, gurtyo abantu b’ubu n’abazovuka mu nyuma bakagenda bapfundika agahivu k’ukwizigirana n’ugushimirana.
4. Ingeso mbi za politike
Muri Politike, hambavu y’ingeso nziza, urasanga kandi hariho ingeso mbi, zaba izivuye ku bushobozi buke bwa muntu, zaba izifatiye kw’ifutanywa ry’ibintu vy’aho umuntu aba canke mu nzego. Biragaragara kuri bose ko, ingeso mbi zo mu buzima bwa politike, zitesha agaciro inzego iyo politike igirirwamwo, hamwe n’uburongozi, zigatesha agaciro ingingo zifatwa n’ibikorwa abanyepolitike baragura.
Izo ngeso mbi zitesha agaciro akaranga intwaro rusangi yotegerejwe kugira, maze zigateza isoni ibijanye n’uburongozi, zigatuma amahoro mu gihugu ahungabana : ibiturire – mu mice yavyo yose ifatiye ku kwikwegerako ivyari bigenewe bose canke gucura bufuni na buhoro abantu – , ukudashira imbere ingingo, ukutubahiriza amategeko rusangi, ukurondera amatungo mu buryo budatunganye, ugutsimbataza intwaro ishingiye ku gikenye, canke ukwitwaza ko ari « ineza nyamukuru y’igihugu », akamenyero ko gutsimbatara ku butegetsi, ukwanka abanyamahanga hamwe n’iyindi mirwi y’abantu, ukwanka kwitaho ineza y’isi tubako, ugucukura birenze urugero ubutare n’ubundi butunzi buva mw’isi kugira umuntu yironderere inyungu yihuta, ugukengera abantu babaye impunzi kubera ugutotezwa.
5. Politike nziza iteza imbere uruhara rw’urwaruka n’ukwizerana
Iyo ubutegetsi muri politike ata kindi burondera atari ugukingira inyungu z’abantu bamwe bamwe, kazoza kaba kageramiwe, maze urwaruka rukahakura umutima w’ukwinubana kuko rubona ko rwamaze gukumirwa mu vy’igihugu, ntirubone uburyo bwo kugira uruhara mu mugambi wo kwubaka kazoza.
Mu gihe na ho politike yiyerekana vy’ukuri mu kuremesha ingabirano n’umwizero mu migambi urwaruka rufise, amahoro aca ashwara imitima akabonekera no mu maso. Iyo politike ica ivyara umwizero ufasha ibintu gutera imbere, hamwe umuntu agira ati « ndakwizeye kandi ndakwemera », bigatuma abantu bashobora gusangira ikivi mu guteza imbere itunga rusangi.
Politike iba ari iy’amahoro mu gihe yigaragariza mu kubona no mu guha ikibanza ingabirano n’ubushobozi bw’umuntu uwo ari we wese. « Ni iki cosumvya ubwiza ukuboko kuramvuye ngo gufashe? Ukuboko kwagizwe n’Imana ngo gutange kandi kwakire. Imana ntiyashatse ko kuba ukwo kwica (raba Amamuko 4,1 n’uturongo dukurikira) canke ngo kube ukwo kubabaza, ahubwo kwagizwe ngo kuvure kandi gufashe kubaho. Hambavu y’umutima n’ubwenge, ukuboko kurashobora kuba nakwo nyene igikoresho c’ibiganiro » [6].
Umuntu wese arashobora kuzana ibuye ryiwe mu nyubako y’inzu rusangi. Ubuzima bwa politike nyayo, bushingiye ku ngingo n’ukuganira mu kuri hagati y’abantu, bwama bwisubiza itoto mu gihe bwiyemeje ko umukenyezi wese, umugabo wese, urunganwe rwose, bose bafise muri bo imbitso ishobora kugaragaza ububangutsi bushasha mu vy’imigenderanire, mu vy’ubwenge, mu vy’imico no mu vy’Imana.
Umwizero nk’uwo ntaho wigera woroha kuremesha kuko imigenderanire y’abantu ari urusobangane. Biranateye umwitwarariko cane cane ubu kuko turi mu gihe hari ukwinubana gushingiye ku bwoba bwo gutinya uwundi canke umunyamahanga, ku bwoba bwinshi bwo gutakaza uturusho wari ufise, ivyo bikaba vyibonekeza no mu gisata ca politike aho usanga haduka inyifato zo kwiyugarana nka nyabumba canke ukwiyitirira igihugu gukumira abandi, maze ivyo bigatosekaza umuvukano iyi si yacu igize urunani yari ikenye rwose. Uno munsi gusumba ejo hahise, ibihugu vyacu birakeneye « abubaka amahoro » bashobora kuba intumwa n’ivyabona vy’ukuri vy’Imana Data, yipfuriza ineza n’ubuhirwe umuryango w’abantu.
6. Twiyamirize ingwano n’urwenge rw’ugutera ubwoba
Inyuma y’imyaka ijana Ingwano ya mbere y’isi yose irangiye, mu gihe turiko turibuka urwaruka rwaguye muri izo ntambara n’abantu batari mu basirikare bahacumukuriye, uno munsi gusumba ejo hahise, turazi neza icigwa gikomeye twakuye muri izo ngwano z’abavukana, na co kikaba ari uko amahoro atigera ashobora kwubakwa n’ukuremesha inguvu zingana z’ibirwanisho canke ukunganisha ubwoba.
Ukugumiza uwundi mu bwoba ni nk’ukumugira igikoresho n’ukumwambura agateka. Ni na co gituma twemeza ko ukugenda ukwiza iterabwoba n’igwirirana ritagira ingero ry’ibirwanisho bidahuye namba n’akarangamutima k’ineza hamwe n’ukurondera umwumvikano nyawo. Ugucura bufuni na buhoro abantu batari bwirwanire bituma imice y’abantu itandukanye yirukira mu buhungiro mu kurondera aho yoronka agahengwe k’amahoro. Amajambo y’abanyapolitike yagiriza abimukira amabi yose akaka n’umwizero aboro nta nsiguro afise. Ahubwo dutegerezwa kwemeza ko amahoro ashingiye mu kwubahiriza umuntu uwo ari we wese utaravye kahise kiwe, mu kwubahiriza ingingo n’itunga rusangi, mu kwubahiriza ibiremwa vyose twaragijwe hamwe n’itunga ry’akarangamutima k’ineza ryama rihererekanwa uko urunganwe rubisikanya n’urundi.
Umwitwarariko wacu uratwerekeza kandi mu buryo budasanzwe ku bana baba mu mice y’isi usanga ubu iri mu ntureka, hamwe no kuri abo bose bitanga kugira ngo ubuzima bwabo hamwe n’uburenganzira bwabo bukingirwe. Ubu kw’isi, umwana umwe kuri batandatu arashikirwa n’ihohoterwa rifatiye ku ngwano canke ku ngaruka zayo, mu gihe we nyene adatwawe mu gisirikare canke ngo agirwe imbohe y’imirwi yitwaje ibirwanisho. Ni na co gituma intahe ishingwa n’abo bitangira gukingira agateka k’abana n’ukububaha ifise agaciro ntangere umuntu aravye kazoza k’abantu kw’isi.
7. Umugambi munini w’amahoro
Muri ino minsi, turiko turahimbaza imyaka mirongo indwi iheze hemejwe icese ku rwego mpuzamakungu ingingo z’agateka ka zina muntu, zikaba zemejwe hahejeje kuba ya Ngwano igira kabiri y’isi yose. Twibuke rya jambo umweranda Papa Yohani wa 23 yashikiriza avuga ati : « Ubu, mu gihe umuntu agenda atahura ibijanye n’ivyo afitiye uburenganzira kubera agateka kiwe, haca havuka akandi gatima ko kwumva muri we ivyo aca ategerezwa kwitaho : amateka yiwe ajanye ubwa mbere n’ibiserura agateka kiwe ategerezwa guharanira, maze abandi bose bagatahura ko bategerezwa kwemeza ayo mateka n’ukuyubahiriza » [7].
Kukaba nkako, amahoro aza nk’icamwa c’umugambi munini wa politike ishingiye ku ruhara rw’umwe umwe no gutahura ko abantu ari ba magiriranire. Ariko kandi, ayo mahoro ni igikorwa gitegerezwa kwakirwa buri munsi. Amahoro ni uguhinduka ku mutima no ku mushaha; ari naco gituma bica vyoroha kubona imice itatu ntatana y’ayo mahoro yo mu mutima no mu kibano :
– kugira amahoro muri wewe, mu kwanka kuba intagondwa, ukirinda ishavu n’ukuba inkomwa hato, hanyuma kumwe umweranda Fransisiko w’i Sales yabivuga, umuntu « akagerageza kwiyorosha yiyorohereza we nyene» kugira ngo ashobore « kugenda yorohereza abandi » ;
– kugira amahoro n’uwundi muntu : umubanyi, umugenzi, umunyamahanga, umworo, uwubabara? ; ukubahuka kumutumbera no kwumviriza iryo afise ku mutima ;
– kugira amahoro n’ibindi biremwa, mu kubona ubwiza bw’ingabirano y’Imana hamwe n’uruhara rw’umwe umwe muri twebwe, kuko turi ababanyi b’ino si, n’abafise uruhara mu kwubaka kazoza.
Politike y’amahoro, izi neza amagara make ya muntu kandi ikayakira iyarengera, ishobora kwama ivoma ingoga mu karangamutima ka rwa ruririmbo Magnificat, Mariya, Nyina w’Umukiza Kristu akaba n’Umugabekazi w’Amahoro, aririmba kw’izina ry’abantu bose : « Agirira ubuntu abamwubaha bose, uko imvyaro zikurikirana. Yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora, asanzaza bene umutima wishima. Yarakuye ku ngoma abahambaye, yimika abicisha bugufi […] ; yibuka ubuntu bwiwe yaraganiye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe imyaka yose, nk’uko yari yaravyemereye ba sokuru bacu » (Luka 1,50-55).
Bigiriwe i Vatikano, igenekerezo rya 8 Kigarama 2018.
Fransisiko
[1] Cf. Lc 2, 14 : « Gloire à Dieu au plus haut des cieux, et paix sur la terre aux hommes, qu’il aime ».
[2] Cf. Le Porche du mystère de la deuxième vertu, Paris 1986.
[3] Lett. ap. Octogesima adveniens (14 mai 1971), n. 46.
[4] Enc. Caritas in veritate (29 juin 2009), n. 7.
[5] Cf. Discours à l’exposition-colloque « Civitas » de Padoue, « 30 giorni », n. 5 de 2002.
[6] Benoît XVI, Discours aux Autorités du Bénin , 19 novembre 2011.
[7] Enc. Pacem in terris (11 avril 1963), n. 44
Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n’Ibiro vy’Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa bw’ugukwiza hose Inkuru nziza