Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » TIMOTE NA TITO BERANDA, Abepiskopi. Abo bibuka.

TIMOTE NA TITO BERANDA, Abepiskopi. Abo bibuka.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 1-8)

Jewe Pawulo umutumwa wa Kristu Yezu ku bw’ugushaka kw’Imana, ngo menyeshe umuhango w’ubuzima buri muri Kristu Yezu, ndakwandikiye Timote, mwana nkunda, ndakwipfurije umugisha, ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu.

Ndakengurukira Imana, yo nkorera kumwe kwa ba sokuru, umutima utagira agatosi, igihe nama ndakwibuka ijoro n’umutaga mu bisabisho vyanje. Iyo nibutse amosozi yawe, ndicwa n’inkumbu z’ugusubira kukubona kugira ngo nuzure akanyamuneza. Nama nibuka kwa kwemera kwawe kutagira amahinyu, kumwe kwabanje gutsimbatara muri nyogokuru Loyisi no muri nyoko wawe Ewunike, kumwe nyene nzi ata gukekereza yuko kuri no muri wewe.

Ni co gituma nguhanuye gukabura ya ngabirano Imana yaguha aho nakwubikako ibiganza.  Nkako Imana itaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ukwigumya. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru nziza, uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana.

CANKE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (1,1-5)

Jewe Pawulo umusuku w’Imana, umutumwa wa Yezu Kristu ngo nshikirize abatowe n’Imana ukwemera n’ubumenyi bw’ukuri kuberekereza kuyiyobokera mu mwizero bafise w’ugushikira ubuzima budahera bemerewe imyaka itaravugwa n’Imana itabesha, kandi yamenyesheje mu gihe yitoreye ijambo ryayo muri ya Nkuru nziza nashinzwe kwigisha kubera itegeko nahawe n’Imana Mukiza wacu, ndakwandikiye Tito, mwananje nyakuri kubera ukwemera dusangiye, nkwipfurije umugisha n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu.
 Icatumye ndagusiga i Kereti kwari ukugira ngo utunganye ivyasigaye kandi ngo mu gisagara cose watiremwo abakurambere nk’uko nari nabikubwiye.

IZABURI 95

Icit. : Nimumenyeshe isi yose
Ibitangaza vyagizwe n’Imana.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari we aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Na none Umukama ni kamiranzovu akwiye kuninahazwa,
ariganje ntabangabanganwa n’ivyiyita imana iyo biva bikagera,
ivyiyita imana vyose vyo mu ntara ni ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluya, Alleluya
Mutima w’Imana ari kuri jewe
kuko yandungitse kumenyesha Inkuru Nziza aboro.
Alleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10,1-9)

Ivyo biheze rero, Umukama atora abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, arungika babiribabiri ngo bagende imbere yiwe mu gisagara no mu kigwati cose aho yagira ngo aje hose. Arababwira ati: «Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Sabe rero Nyene umurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Gende! Ehe ndabarungitse nk’imyagazi y’intama mu mfyisi. Ntimutware umupfuko w’amahera canke isaho canke inkweto, no mu nzira ntihagire uwo muramutsa.

Inzu yose muzokwinjiramwo, ubwa mbere muvuge muti: “Amahoro muri iyi nzu”.  Nayo nihaba hari umuntu akwiye amahoro, amahoro azomujako, ahandiho, azobagarukako. Iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo basanganywe, kuko umukozi akwiye impembo yiwe. Ntimuze mute umuhana mutora uwundi. Igisagara cose muzokwinjiramwo bakabazimana, murarya ivyo babazimanye; kandi muhakirize abarwaye, mubabwire muti: “Ubwami bw’Imana buri hafi yanyu”.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :