IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Nehemiya (8, 2-4a.5-6.8-10)
Ishengero ry’Imana ritegera ijambo ryiwe
Umusi umwe, umuherezankuka Esidarasi yazanye igitabu c’amabwirizwa imbere y’ishengero, ryarimwo abagabo, abagore n’abana bari bamaze guca ubwenge. Hari ku mubarwa wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Esidarasi aja ku nama, asomera ca gitabu imbere y’urugi rw’amazi, kuva bugica gushika ku mashōka, imbere y’abagabo, abagore n’abana bamaze guca ubwenge bose ; abantu bose baramutega amatwi, barumviriza ivyo asoma muri ca gitabu c’amabwirizwa. Umwanditsi Esidarasi yari ahagaze ahakirurutse hateguriwe urwo rubanza. Araheza arugurura igitabu bose babona, kuko yari ahantu hakirurutse.
Ahejeje kucugurura, abantu bose barahaguruka. Esidarasi aca arahezagira Umukama, Imana nkuru, abantu bose bashira amaboko hejuru bishura bati : « Amen ! Amen ! » Hanyuma baca barunama bakubita ibipfukamiro hasi basenga Umukama. Esidarasi arasoma igitabu c’amabwirizwa y’Imana, Abalevi bakayabasigurira ; abantu na bo baca barategera ivyo basomye.
Umutware Nehemiya, na Esidarasi umwanditsi akongera akaba umuherezankuka, hamwe n’Abalevi bashinzwe kwigisha abantu, babwira igihugu cose bati : « Uyu musi wagenewe Umukama Imana yanyu ; nezerwe, mwoye kurira ! » Ugasangwa igihugu cose cariko kirakorora amosozi aho cumviye amajambo yari muri ico gitabu. Esidarasi yongera kubabwira ati : « Gende murye inyama zinuze, munywe n’inzoga zisosa, mwibuke n’abatavyiteguriye, kuko uyu musi wagenewe Umukama wacu, kuko akanyamuneza k’Umukama ari ko nkinzo yanyu ! »
IZABURI 18 (19) 8, 9, 10, 15
Icit. : Amajambo yawe, Mukama,
ni yo Mutima n’ubuzima.
Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.
Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.
Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yāmá itunganye.
Amajambo yanje ava mu kanwa
be n’ivyiyumviro biva mu mutima wanje,
nibigushike ku nyota, Mukama,
Wewe nkinzo yanje kandi Mukiza wanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 12-30)
Igisomwa kigufi : 12, 12-14.27
N’aho ingingo ari nyinshi, zigize umubiri umwe wa Kristu
Ncuti zanje,
Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe, n’aho ari nyinshi, ni ko Kristu ameze na we. None natwe, muri Mutima umwe, ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe, baba Abayuda canke Abagereki, abashumba canke abidegemvya ; bisubiye, twese twagabanye Mutima umwe. – Kuko, umubiri ntugirwa n’ingingo imwe, ugirwa n’ingingo nyinshi. –
(Igisomwa kigufi kiba kirageze aha)
N’aho ikirenge covuga kiti : « Ko ntari ikiganza, sindi ku mubiri. », si ico cotuma kitaba ku mubiri. Ugutwi na kwo, n’aho kwovuga kuti : « Ko ntari ijisho, sindi ku mubiri. », nticotuma kutaba ku mubiri. Iyo umubiri wose uba wari ijisho, ugutwi kwobaye hehe ? Iyo vyose biba vyari ugutwi, izuru ryo ryobaye hehe ? Eka noneho, Imana yashinze ingingo imwe imwe mu mubiri, nk’uko yabishatse. Iyo zose ziba zamara kimwe, umubiri wobaye hehe ? Noneho, ingingo ni nyinshi, ariko umubiri ukaba umwe. Ijisho ntiryoshobora kubarira ikiganza ngo : « Nta co umariye. », canke umutwe ntiwoshobora kubarira ikirenge ngo : « Nta co umariye. » Nkanswe rero, za ngingo z’umubiri twiyumvira ko zirusha izindi intege nke, ni zo mbere nkenerwa kuruta. Kandi za ngingo twiyumvira ko zidafise icubahiro nk’izindi, ni zo mbere duha icubahiro kuruta izindi. Kandi za ngingo twiyumvira ko zirusha izindi gutera isoni, ni zo mbere tugirira ubupfasoni kuruta izindi ; na zo ingingo z’impfasoni nta co zikeneye. Ariko Imana yaringanije umubiri, ingingo ibuze iteka yarushirijeho kuriyitera, kugira ngo ntihabe mu mubiri ingingo zitana n’izindi, ariko ingingo zose zigiriranire umwitwarariko umwe. Iyo ingingo imwe ibabaye, ingingo zose zibabarira hamwe ; cabure, iyo ingingo imwe itewe iteka, ingingo zose zihimbarirwa hamwe.
(Igisomwa kigufi kibandaniriza ng’aha)
None namwe muri umubiri wa Kristu, mukaba ingingo ziwe, umwe wese mu ruhara rwiwe.
(Igisomwa kigufi giherera aha)
Bisubiye, bamwebamwe Imana yabashinze muri Ekleziya kuba ubwa mbere abatumwa, ubwa kabiri abahanuzi, ubwa gatatu abigisha, hanyuma hakaba ibitangaro, ingabirano y’ugukiza n’iy’ugutabara abandi, iy’ugutegeka n’iy’ukuvuga mu ndimi. Ariko, bose si abatumwa, bose si abahanuzi, bose si abigisha, bose ntibakora ibitangaro, bose ntibafise ingabirano y’ugukiza, bose ntibavuga mu ndimi, bose ntibazi kuzisigura.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yandungitse ngo mburire Inkuru nziza aboro,
andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 1-4 ; 4, 14-21)
Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse
Nk’uko benshi bagerageje kuyaga uruhererkane rw’ivyagizwe muri twebwe, kumwe nyene twabishikirijwe n’ababibonye bigitangura kandi babaye intumwa z’ukuvyigisha, ni ko nanje navyitondeye kuva kera nkabitohoza vyose. None nsanze vyiza ari ukubikwandikira ido n’ido, Tehofilo ntore nkunda, ngo umenye ukuri kw’inyigisho waronse.
Aho rero Yezu asubiriye mu Bugalile, afise ububasha bwa Mutima, yaciye amenyekana muri iyo ntara yose. Kandi yarigishije mu masinagoga yose, aninahazwa na bose. Araheza aza i Nazareti, aho yari yararerewe ; arinjira mw’isinagoga, nk’uko yahora abigenza ku misi y’isabato ; arahaguruka ngo asome.
Bamuhereza igitabu c’Umuhanuzi Izaya ; azingurura ahanditswe ngo :
« Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko yansize amavuta
ngo mburire Inkuru nziza aboro.
Yandungitse kumenyesha ababoshwe ko babohowe,
abahumye ko bahumutse,
kurokora abababaye n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukiza. »
Ahejeje arazinga igitabu, agihereza uwahakora, acabaricara. Abari mw’isinagoga bose bari bamuhanze amaso. Aca atangura kubabarira ati : « Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse imbere yanyu. »