Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-5. 17-19)

Nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu

JeremieMu gihe c’umwami Yoziyasi, Umukama yambwiye aya majambo, ati : « Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu. Kenyera rero zigume ; va hasi uje kubashikiriza ivyo jewe ubwanje nzogutegeka. Ntugire ubwoba imbere yabo, ahandi ho nzogutera ubwoba imbere yabo. Jewe nyene, imbere y’iki gihugu, uyu musi, ndagushinze nk’igisagara gikomeye, nk’inkingi y’icuma, nk’urugo rw’ifeza : abami ba Yuda, abategetsi, abaherezankuka n’igihugu cose bazokurwanya, ariko ntibazoshobora kugutsinda, kuko ndi kumwe nawe nkaba umuvunyi wawe. »
Iryo ni ijambo ry’Umukama.

IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4a, 5-6ab, 15ab.17

Icit. : Mpoza mu kanwa urukiza rwawe, Mukama.

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera uteterwa ;
unkize ku bw’ubutungane bwawe,
ntega ugutwi, kandi unkize.

Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigiriye inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye kuva nkiri muto.
Nakwishimiye nkiri mu nda ya marna,
warantoye urantonesha ntaranavuka.

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,
ku musi wose mvuga ko uzi gukiza.
Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,
gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 31-13, 13)

Igisomwa kigufi : 13, 4-13

Ukuvuga amazina urukundo

Ncuti zanje,
Mu ngabirano z’Imana nimurondere iy’agaheta. Ubu ngira ngo ndabereke inzira iruta izindi zose. N’aho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika, ntafise urukundo, noba meze nk’icuma gihuhuma canke nk’ikinjanja casirana ; n’aho nogira ingabirano y’uguhanura kw’izina ry’Imana, nkamenya amabanga yose n’ubwenge bwose, n’aho nogira ukwemera kwuzuye gushobora n’uguterura imisozi, ntafise urukundo, nta co noba maze ; n’aho notanga ivyanje vyose ngo ngaburire abarushwa kandi n’aho nokwita mu muriro, ntafise urukundo, nta co vyomarira.

Igisomwa kigufi gitangurira aha

Urukundo ruriyumanganya ;
urukundo rugenza runtu ;
nta shari rugira ;
urukundo ntirwihayagiza, ntirwishira hejuru ;
ntirukora ikitaroranye ;
ntirurondera akunguko ;
ntirugira ishavu ;
ntirubika akabi mu nda ;
ntirunezerezwa n’ubugunge,
ariko runezerezwa n’ukuri ;
rurenzako muri vyose, rwemera vyose,
rwizigira vyose, rurinda vyose.

Urukundo ntiruhera.
Ubuhanuzi ?… buzotinda buhere.
Indimi ?… zizotinda zihere.
Ubumenyi ?.. buzotinda buhere.
Na none, tumenya agace kandi duhanura agace ;
ariko aho ikirangutse kizoshikira,
ivy’agace bizoca vyibagirwa.
Aho nari nkiri umwana, navuga nk’umwana,
nkiyumvira nk’umwana, ngasobanura nk’umwana ;
maze kuba umugabo na ho,
naciye mpeba ivy’ubwana.
Ubu, tubonera mu cirore ivyijiji,
ariko hanyuma tuzobona imbonankubone.
Ubu, nzi agace,
ariko hanyuma nzomenya nk’uko nanje menywa n’Imana.
None rero, ikigumaho ni ukwemera, ukwizigira n’urukundo :
ariko muri ivyo bitatu, ikibiheta vyose ni urukundo.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yandungitse ngo mburire Inkuru nziza aboro
andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 21-30)

 Nka kumwe kwa Eliya na Elize, Yezu ntiyatumwe ku Bayuda bonyene

Jésus à NazarethUmusi umwe, Yezu yari mw’isinagoga y’i Nazareti ; amaze gusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya, ababwira ati : Uyu musi, ivyanditswe vyarangutse imbere yanyu. » Bose baramwemera, bagatangazwa rwose n’amajambo meranda yavuga. Hanyuma baribaza bati : « None, uwo si wa muhungu wa Yozefu ? »

Arababarira ati : «Ndabizi ko muhava muncira uyu mugani ngo: Muvûzi, bānza wīvûre wewe nyene ! Ivyo twumvise vyose wagize i Kafaranawumi, bigire ngaha mu mavukiro yawe. » Atako avuga ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : nta muhanuzi n’ mwe yumvirwa aho yavukiye. »

Kandi ndababwiye ukuri : muri Israyeli hari abapfakazi benshi mu gihe ca Eliya, hamwe imvura yatara mu myaka itatu n’amezi atandatu, hagatera inzara kw’isi yose, ariko Eliya ntiyarungitswe ku mugore n’umwe atari ku mupfakazi w’i Sarepta muri Sidoni. Hari kandi abanyamibembe bensbi mu gihe c’umuhanuzi Elize, ariko nta n’umwe muri bo yatyorowe, atari Nahamani Umunyasiriya. »

Mu kwumva ivyo, baciye bose banigwa n’ishavu mw’isinagoga ; bavuye hasi, bamuhindira inyuma y’igisagara, baramujana gushika hejuru ku musozi igisagara cari cubatsweko, ngo bamucuranguze. Ariko we, abaciye hagati, arigira.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :