Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA C

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA C

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (17, 5-8)

Arahiriwe umuntu yishimira Umukama

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Aragowe umuntu yushimira uwundi muntu, akizigira ikiremwa, nayo umutima wiwe wiyonkora ku Mukama. Asa n’amashurwe yo mu gisaka, ubuhirwe buraza ntabimenye ; aja kugerera mu gahinga, mu gahinga ka nyaganande. Arahiriwe umuntu yishimira Umukama, akizigira Umukama. Asa n’igiti catewe ku nkombe y’uruzi, kigashorera imizi mu ruzi. Ku ruzuba nta co cinona, kiguma gitotahaye : n’aho imvura yotara, ntikibura kwama.

IZABURI 1, 1-2, 3, 4.6

Icit. : Hahiriwe umuntu yishimira Umukama.

Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu,
adahagarara mu nzira y’ibimangare,
ntiyicare mu gihari c’abacokoranyi,
ariko agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama,
akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.

Asa n’igiti catewe mu kinyotera,
hageze cama ivyamwa bihimbaye,
amashami yaco ntiyigera ahundagara ;
ivyo akora vyose vyama biroranye.

Abahemu bo si uko, haba namba :
eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuyaga ;
kuko inzira y’aberanda izwi n’Umukama,
nayo inzira y’abononyi yo ijana mu gaheza.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye
Abanyakorenti
(15, 12.16-20)

Niyaba Kristu atazutse, ukwemera kwanyu nta co kumaze

Ncuti zanje,
Ko bama bigisha ko Kristu yazutse mu bapfuye, none ni kuki hari bamwe muri mwebwe bavuga y’uko ata zuka ry’abapfuye ririho ? None abapfuye nibaba batazuka, na Kristu nyene ntiyazutse. Na ho niyaba Kristu atazutse, ukwemera kwanyu nta co kumaze, muracari mu bicumuro vyanyu ; kandi abapfuye bemera Kristu bagiye akagirire. Muri ubu buzima bwonyene nitwaba ari ho twizigiye Kristu, mu bantu bagowe turi aba mbere. Kira noneho ! Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimunezerwe, muhimbarwe,
kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 17.20-26)

Umuhezagiro w’ubwuzure bushasha

Yezu amaze kumanukana n’abatumwa biwe Cumi na babiri, ahagarara kw’itaba ry’umusozi. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu, n’abo mu micungararo ya Tiri na Sidoni.

Buno yerekeza amaso ku bigishwa biwe, avuga ati :
« Murahiriwe mwebwe boro,
kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.
Murahiriwe mwebwe mushonje ubu,
kuko muzohaga.
Murahiriwe mwebwe murira ubu,
kuko muzoronka akanyamuneza.
Muzoba muhiriwe, umusi abantu bazobanka bakabaca, bakabambika ibara kandi bagasenda izina ryanyu nk’akabi kubera Umwana w’umuntu. Nimunezerwe, muhimbarwe urya musi, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ; uko ni ko ba sokuru bagiriye abahanuzi.

Yamara mweho rero muragowe, mwebwe batunzi,
kuko mufise ikibanezereza.
Muragowe mwebwe muhimvye ubu,
kuko muzosonza.
Muragowe mwebwe mutwenga ubu,
kuko muzoganya.
Muragowe umusi bose bazobavuga neza,
uko ni ko ba sokuru babigiriye abahanuzi b’ibinyoma. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :