IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (26, 2.7-9.12-13.22-23)
Dawudi yanka kwihora
Muri irya misi, Sawuli yarahagurutse afata urugendo amanuka mu gahinga ka Zifu, ajana n’abantu ibihumbi bitatu, intwari z’Israyeli, ngo baje gufata Dawudi mu gahinga ka Zifu. Dawudi na Abishayi na bo bagenda mw’ijoro aho ba bandi bacumbitse, basanga Sawuli araryamye yasinziriye mu rusago, icumu ryiwe rishinze ku musego, Abuneri n’ingabo ziwe zose basinziriye iruhande yiwe.
Abishayi araheza abwira Dawudi ati : « Uyu musi, Umukama yakugabiye umwansi wawe. Ndeka ndamusogoteshe icumu ryiwe rimwe rudende, ndamumatanishe n’isi. » Dawudi ni ko kumwishura ati : « Ntumwice. Ni nde yoshobora kwica umuntu yahezagiwe n’Umukama ngo aheze arokoke ? » Dawudi afata rya cumu ryari rishinze ku musego ne n’umukuza w’amazi : baca barigira. Nta n’umwe yababonye, nta n’uwabaciye n’ikanda, nta n’uwikanguye, bose bari basinziriye, kuko bari bahwikiwe n’itiro Umukama yabasutsemwo.
Dawudi arajabuka, ahagarara kw’itaba ry’umusozi, hari akarere katari gato hagati yabo. Dawudi arasemerera ati : « Icumu ry’umwami riri hano. Nihagire uwujabuka, aze aritore. Umukama azohera umuntu wese ku butungane bwiwe no ku bweranda bwiwe : uyu musi, Umukama yari yagutaye mu maboko yanje, ariko nanse kukwica, kuko wahezagiwe n’Umukama. »
IZABURI 102 (103) 1-2, 3-4, 8-10, 12-13
Icit. : Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze nom hagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni we akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni we agukiza indwara zose,
ni we akugarurira ku cobo,
ni we atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Umukama ni we Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo ;
uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.
Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu ;
nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
ni ko Umukama akunda abamwubaha.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 45-49)
Kristu, Adamu mushasha
Ncuti zanje,
Adamu wa mbere yari umuntu yagabanye ubuzima, Adamu wa nyuma na we, ari we Kristu, ni we wâ mutima utanga ubuzima. Mugabo, ntihatanguye kuboneka uw’umutima, hatanguye uwugenzwa n’umubiri, hanyuma haza uw’umutima. Kubera ko yabumbwe mw’ivu, umuntu wa mbere yavuye kw’isi ; umuntu wa kabiri we yavuye mw’ijuru. Uko uwavuye mw’ivu ameze, ni ko kandi abavuye mw’ivu bazoba ; uko uwavuye mw’ijuru ameze, ni ko kandi abavuye mw’ijuru bazoba. None rero, nk’uko twashushanijwe n’uwavuye mw’ivu, ni ko tuzoshushanywa n’uwavuye mw’ijuru.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Ndabahaye itegeko rishasha :
Nk’uko ndabakunze, nimukundane namwe. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 27-38)
Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe
Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Mwebwe munyumviriza ndababwiye : Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka, muhezagire ababavuma, musabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi ; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi uwuzogutwara utwawe ntutuburane. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe.
Nimwakunda ababakunda gusa, vyobamarira iki ? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, vyobamarira iki ? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, vyobamarira iki ? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino. Mweho, nimukunde abansi banyu, mugire ineza, mugurane ata co mwishimiye ; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira nez à intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa ; nimurekurire abandi, niho muzorekurirwa. Nimutange, ni ho bazobaha ; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye ; ingero mugererako abandi ni yo namwe muzogererwako. »