Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA C

IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA C

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (27, 5-8) (gr. 4-7)

Ntihagire uwo uhayagiza utaramwumva imvugo

Iyo bahejeje kugosora, ntihabura agakumbi gasigara ;
ni ko kw’uko no ku muntu ; mu mvugo yiwe ntihabura akagorame.
Nk’uko umuriro ugaragaza ubupfu bw’inkono y’umubumvyi,
ni ko n’ururimi rw’umuntu rugaragaza ico umuntu arimwo.
Umurima bawushimira ku vyimburwa,
Umutima w’umuntu na wo userurwa n’amajambo yiwe.
Ntihagire uwo uhayagiza utarumva imvugo yiwe,
kuko ari yo karangamuntu.

IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16

Icit. : Birabereye, Mukama,
          ko twokuririmbira.

 Birabereye gukengurukira Umukama,
birabereye gucurarangira izina ryawe, Rudasumbwa,
n’uko twoyaga urukundo rwawe bugica bukadukerako,
tukivuga ko utigera uhemuka.

Intungane izokure bwa kigazi,
isagarare nk’isederi ryo muri Libani ;
ababaditswe mu ngoro y’Umukama
bazokurira hafi y’uruhimbi rw’Imana yacu.

No mu busaza bazovyara,
bagumye iremba n’mnugisha,
kugira ngo bayage ubutungane bw’Umukama
kandi ko ari we muzirakinyoma.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 54-58)

Imana yaduhaye intsinzi ku bwa Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Ku musi w’imperuka, gishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Niho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo :
« Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa Rupfu we, intsinzi yawe iri hehe ?
Wa Rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe ?

Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduba intsinzi ku bwa Yezu Kristu Umukama wacu. Ni uko rero, benewacu nkunda, nimugumye umutima, mube intayegayega, nimutere imbere imisi yose na hose mu gikorwa c’Umukama, muzi neza yuko uburuhe bwanyu budapfa ubusa muri Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Murasayangana nk’amatara kw’isi,
uko mutwara ijambo ry’ubuzima.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-45)

Yezu yama yigisha mu migani  

Umusi umwe, Yezu yabwiye abigishwa biwe mu migani, ati : « Mbega, impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira ? Ntizogwa zompi mu manga ? Nta mwigishwa aruta umwigisha ; ariko umwigishwa nyawe wese azomera nk’umwigisha wiwe. Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu ryawe ? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti : “Mugenzi, hinge ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, wewe utabona urugiga ruri mu jisho ryawe ? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gukura akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu. Kandi nta giti ciza cama ivyamwa bibi, nta n’igiti kibi cama ivyamwa vyiza. Igiti cose cerekanwa n’icamwa caco bwite : ntawamura amatenahi ku mahwa, nta waha ivyamwa vy’imizabibu ku mikere. Umuntu w’intungane akura mu ntabonwa yiwe y’ubutungane ibintu vyiza, na we umuntu mubi agakura mu vyiwe bibi ibintu bibi ; na none, umuntu avuga irivuye ku mushaha. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :