Kimwe bintu bibabaza cane umuntu, ni ukudashobora kuronsa ivyiza uwo ukunda kandi ujejwe kwitwararika. Bigera ku bavyeyi, ba serugo, ba inarugo, bikabábabaza iyo badashoboye gutunga n’ugutunganiriza umuryāngo.
Mwibaze bamwe: Umuvyeyi aba asigaranye irihe teka iyo adashoboye nk’ukugaburira abo ashinzwe?
Ibi tubizirikane twiyumvira Yozefu Mweranda, igihe yashika i Betlehemu, ari kumwe n’Umukunzi wiwe agira yibaruke, akabura aho uwo Muvyeyi atabârukira. Yashoboye kuronka mu ruhôngore gusa kugira ngo uwo Muvyeyi ahibarukire umwana atari n’uwiwe, umwana w’íntīzo, nyenéwe yashobora kuza gutora umwanya uwari wo wose! Yabwirizwa gusanga n’imiburiburi akomeye, atagwaye umusonga watewe n’imbeho y’ukubura utwo amwambika, akariro amucanira, utwo ahembuza Umuvyeyi (indeshi) ngo ntarye urubútiro….
Ikindi kinagoye gutegera: nyen’umwana ntibigeze bivuganira amaso mu yandi, ngo bagire ico basezeranye. Aho tubisanga hose, yabonekewe mu ndoto, ataco ari bubaze, ngo asobanukirwe nk’uko vyagenze kuri Mariya, Umukunzi wiwe. Muvyumva gute? Ntivyoroshe pe!
None yavyifashemwo gute?
Nibwiye nti hari ikintu gihambaye yari yarategereye: ko inzu, umuryāngo, ukubaho neza… atari ubwa mbere ba mbere « ahantu canke ibintu », ariko ari « abantu » ukunda,
abantu bakundana. Inzu yiwe, umuryāngo wiwe, si ntayegayezwa i Nazareti. Uwo muryāngo wari cane cane aharí Yezu na Mariya. Kuri we, abo babiri ni vyose kuri we. Ni umuryāngo, ni uburuhukiro, ni ijuru, ni bo bamuha insiguro y’ubuzima butoroshe ariko aracamwo.
Ni co gituma ashobora no kwakira neza abaje bagana urwo rugo, uwo muryāngo, bába abatobato canke abakuru, aba hafi n’aba kure: abungere, abamajusi (abantu batohoza ibihanitse mu bwenge kandi baje bava kure…). Kandi abo bose bakagenda bahimbawe, bahezagira Imana, bakinjira mu mugambi wayo wo gukiza isi. Abungere bagiye babimenyesha abatabizi, Abamajusi ntibasubiriye guca kwa Herodi yariko ahíga gukora ibara.
Mbega jewe, wewe,… twakira gute ibishika mu buzima? Iyo tubonye tubuze ivya nkenerwa bitugendera bite? Ntitwigûnga, tukiyugarana, ntihagire uwo tuvugisha, uwo twakira, uwo dufasha gutegera ko ubuzima bugumana akanovera n’insiguro, muri bike canke muri vyinshi?
Hari icodufasha kubishikako, caranze aberanda twama twisunga mu kwemera. Barizigiye Imana muri vyose, ivyo bategera n’ivyo badahamvya nyene, bisa n’indoto umuntu bishika ntanibuke neza ivyari bízigize. Mu ndoto ziwe Yozefu yagira ati: ibi bintu n’aho ntabitegereye, ntihabuze ico Umukama ashatse kunshikanako. Agaheza akabikora. N’ibindi bisomwa tuzirikana uyu musi bifatiye aho: Ukwizigira Umukama, n’aho ata vyemezo ubwenge bwabo buhamvya vyoba biriho. Ni ko vyagenze kuri Dawudi (raba igisomwa ca mbere: 2 Samuweli 7,4…16), ni ko vyagenze kuri Iburahimu avugwa mu gisomwa ca kabiri (Abanyaroma, 4,13…22).
None ubwo ntidusaba Imana cane cane ibīntu aho gusaba ingabirano y’ukwemera n’ukuyiyegurira rwose? Erega ivyo ni vyo vyoha insiguro n’akanovera ubuzima bwacu, ubona ko ibitugora, ibiduhanamiye bikaduhagarika umutima bitabuze! Mbere ni vyinshi. None tuvyifatamwo gute?
Yozefu Mweranda ni atubere akarorero, yongere atubere mu ngoro.
Umusi mukuru mwiza.