IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 14. 43-52)
Umusi umwe, Paulo na Barnaba barashitse i Antiyokiya ya Pisidiya ku musi w’isabato, baragenda mw’isinagoga. Bavuye mw’ikoraniro, benshi mu Bayahudi no mu banyamahanga bemeye Ubuyahudi bakwirikira Paulo na Barnaba; baraganira na bo, babahanura kugumya inema y’Imana. Kw’isabato ikwirikira, igisagara nka cose kirakorana ngo cumve ijambo ry’Imana. Abayahudi ngo babone ico gihugu cose, bavyura ishari, bahinyuza Paulo mu vyo yavuga vyose, bamutuka. Paulo na Barnaba barashira amakenga, bababwira bati: “Ni mwebwe mwategerezwa kubwirwa ubwa mbere ijambo ry’Umukama; none ko muryanse, mukaba ari mwebwe nyene mwikengereye, mubona mudakwiye ubuzima budahera, hinge twigire mu bapagani. Kuko ari ko Umukama yadutegetse ngo: Nagutoye ngo ube umuco w’amahanga, ngo ujane ubukiriro hose gushika ku mpera y’isi.” Abapagani bumvise ayo majambo baranezerwa, baninahaza ijambo ry’Umukama; n’abo bose bari bagenewe ubuhirwe budahera baca baremera. Naryo ijambo ry’Umukama rikwira igihugu cose. Ariko, abagore n’abapfasoni bakunda Imana, n’abakuru b’igisagara, bohejwe n’abayahudi, bagirira nabi Paulo na Barnaba, barabirukana babakura mu ntara yabo. Paulo na Barnaba na bo babakunkumurirako inkungugu yari ku birenge vyabo, bigira muri Ikoniya. Abigishwa na bo bari buzuye akanyamuneza na Mutima Mweranda.
IZABURI 99 (100) 2, 3, 5
Icit: Turi mu ntara Umukama ayobora we nyene ubwiwe.
Canke: Alleluya.
Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu,
nimukorere Umukama n’akanyamuneza,
muze mu nyonga ziwe muririmbe.
Mumenye yuko Umukama ari we Mana:
Ni we yaturemye natwe turi abiwe,
Turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.
Erega, Umukama ni mwiza,
urukundo rwiwe rwamaho,
arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (7, 9. 14b-17)
Jewe Yohani, mbona isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye amakanzu yera, bafise n’ibisanda mu minwe.
Umwe wo mu Batama ambwira ati: “Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye amakanzu yabo, bayeresha amaraso ya wa Mwagazi. Nico gituma bahagaze imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera ijoro n’umutaga mu ngoro yayo; na we Uwuvyagiye ku ntebe azosanza ihema ryiwe hejuru yabo. Ntibazoba bagisonza, ntibazoba bakinyoterwa, ntaho izuba rizoba rikibarabika canke intuguta yose iyo iva ikagera, kuko wa Mwagazi ubavyagiyemwo hagati ku ntebe uzobaragira kandi uzobashora ku mazi y’ubuzima. Imana na yo izohanagura amosozi yose mu maso yabo.”
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya
Jewe ndi wa mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 27-30)
Umusi umwe, Yezu yabariye Abayuda ati: « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, kandi ndazizi vyongeye zirankwirikira. Ndaziha ubuzima budahera, ntizizokwigera zipfa, bisubiye ntawuzozinkura mu minwe. Data yazimpaye aruta bose kandi ntawuzoshobora kuzikura mu minwe ya Data. Jewe na Data turi umwe. »