IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 15-17. 20a. 20c-26)
Matiyasi atorerwa kuba icabona c’izuka ry’Umukama
Muri iyo misi, Petero ava hasi hagati ya benewabo bari nk’ijana na mirongo ibiri, ababwira ati : « Benewacu, Ivyanditse vyabuwe na Mutima Mweranda aciye kuri Dawudi, vyerekeye Yuda yarongoye abaje gufata Yezu, vyategerezwa kuranguka, Yuda yari uwo muri twebwe kandi yari yara gize uruhara muri ubu butumwa. Kandi handitswe mu gitabu c’Amazaburi ngo: “Uwundi n’asubire mu gikorwa ciwe”. Birakwiye rero ko muri abo bantu bakurikiye Umukama Yezu igihe cose hamwe natwe, kuva kw’Ibatisimu ya Yohani gushika ku musi yavanwa muri twebwe, umuntu umwe yoba icabona hamwe natwe mu vyerekeye izuka rya Yezu. » Abari bakoraniye aho batora babiri ari bo Yozefu bita Barasaba bari bataziriye Munyakuri, na Matiyasi. Hanyuma rero barasenga bavuga bati : « Mukama, wewe uzi akari mu mitima ya bose, twereke uwo watoye muri abo babiri, kugira ngo asubire mu kibanza c’ubwo busuku n’ubutumwa Yuda yataye, akagenda mu kibanza kimubereye. »
Baraheza batera ubufindo, bufindukura kuri Matiyasi, aca aja yiyongera kuri ba batumwa icumi n’umwe.
IZABURI 112 (113), 1-2. 5-6. 7-8
Icit : Uragashemezwa, Mukama,
Wewe wama ubogora abakene.
Canke : Aleluya.
Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama !
Izina ry’Umukama ni rininahazwe
Ubu no mu myaka yose.
Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe,
ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe,
akururuka kuraba
ibiri mw’ijuru no kw’isi ?
Umukama akura ku musenyi abatagira amagara,
umukene na we akamukura mu mwavu ;
kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru,
hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje ;
na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 9-17)
Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe
Mu gihe yari mu kuva kuri iyo si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Uko Dawe yankunze, ni ko nanje nyene nabakunze. Nimugume mu rukundo rwanje. Nimwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. Nababwiye ivyo, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamuneza kanyu kuzure. Ng’iri ibwirizwa ryanje : Nimukundane nk’uko nabakunze. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Muzoba abagenzi banje mukoze ico ndabategetse. Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico shebuja akora ; nabise abagenzi banje, kuko ivyo nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje. Si mwebwe mwantoye, yamara ni jewe nabatoye, nabashinze kugenda ngo mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho, kugira ngo Data abahe ico muzomusaba cose kw’izina ryanje. Ico ndabategetse, ni uko mwokundana. »