Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Actu-Analyse » IDOMINIKA Y’7 YA PASIKA. Umwaka C

IDOMINIKA Y’7 YA PASIKA. Umwaka C

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa (7, 55-60)

Ndiko ndabona Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana

ASt Etienne-martyreho bamucira urubanza, Sitefano yari yuzuye Mutima Mweranda. Muri ico gihe, yaciye araramura amaso araba mw’ijuru, araheza abona ubuninahazwa bw’Imana, na we Yezu ahagaze iburyo bw’Imana. Ni ko kuvuga ati: «Ubu mbona ijuru ryuguruye, na we Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.» Ngo bumve batyo, baca baja mu vyo kugazuka bahogora, bazibira amatwi. Baraheza bamurwako, bamukwegera inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye.

Umusore yitwa Sawuli ni we abamwagiriza bari bashinze imitamana yabo. Mu gihe bariko baramwicisha amabuye, Sitefano yasaba avuga ati: «Mukama Yezu, akira umutima wanje.» Araheza arapfukama, ashira ijwi hejuru ati: «Mukama, ntubahore akabi bangiriye.» Avuze atyo, aracikana.

IZABURI 96 (97) 1. 2b, 6. 7c, 9

Icit: Ni Wewe Mwami wacu,
         niwe Rudasumbwa asumba vyose.
Canke : Aleluya.

Umukama ari ku ngoma! Isi n’itarike!
Kandi amazinga menshi n’atarike!
Ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo.

Ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zibona ubuninahazwa bwiwe,
ibigirwamana vyose nibikubite ibipfukamiro imbere yiwe.

Ni Wewe Mukama,
ukaba uri Rudasumbwa asumba vyose;
ukaba hejuru y’ibigirwamana vyose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (22, 12-14. 16-17. 20)

Ingo se Mukama Yezu

Jewe Yohani, numvise ijwi rimbwira riti:
«Raba nzoza vuba, nzanye impembo,
kugira ngo ngerere umwe wese,
ibikwiranye n’ivyo yakoze.
Jewe ndi Alufa na Omega, ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma,
ndi Itanguriro n’Iherezo.
Hahiriwe abamesura ivyambarwa vyabo,
kugira ngo bashobore kwegera igiti c’ubuzima
kandi kugira ngo bace mu birimba bashike mu gisagara.
Jewe Yezu, narungitse Umumarayika wanje
gushingira intahe iwanyu ivyo vyose vyerekeye amakleziya.
Jewe ndi wa munago wo ku gishitsi ca Dawudi n’akabuto kiwe,
ndi inyenyeri yo mu mutwenzi isayangana.»
Mutima na wa Mugeni na bo bavuga bati: «Ngw’ino!»
Uwumviriza na we n’avuge ati: «Ngw’ino!»
Uwunyotewe na we n’aze,
kandi uwubishaka niyakire amazi y’ubuzima,
ata co arinze gutanga.
Uwushingira intahe ivyo, avuga ati:
«Egome, nzoza vuba.»
Amen! Urakaza, Mukama Yezu!

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Sinzobasiga muri impfuvyi;
ndagiye, mpeze nze ngaruke muri mwebwe,
umutima wanyu wuzure akanyamuneza.»
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

 Babe umwe nk’uko natwe turi umwe

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa.

Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :