Menya neza:
Ku gushaka kw’Umwungere w’Ekleziya Papa Fransisko, Igisata co ku kirimba c’Ekleziya kijejwe ivy’Amasabamana n’Ihimbazwa ry’Amasakramentu (Congrégation pour le Culte Divin et la Discipline des Sacrements) carateye igikumu kw’itegeko ryo ku wa 11 ruhuhuma 2018 (décret Prot. N.10/18), rishikirizwa ku wa 3 ntwarante 2018 rishinga ibijanye n’ihimbazwa ry’uwo musi (mu vyerekeye ibisabisho vyo mu Nkuka ya missa, ibisomwa hamwe n’igisabisho c’Amashemezo y’Ekleziya vyo kuri uwo musi.
Tugira dutange rero ibisomwa tuzoshikirizwa kuri uwo musi twibuka (Mémoire) Bikira Mariya, Nyina w’Ekleziya.
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Amamuko (Gn 3, 9-15.20)
Umukama Imana ahamagara Adamu amubwira ati: «Uri hehe?» Yishura ati: «Nakwumvise ishwashwa mu murima, nca ngira ubwoba kuko ndi gusa, ni ko kwinyegeza.» Umukama Imana asubizayo ati: «Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku giti nari nakubujije kurya?» Adamu yishura ati: «Wa mugore wampa ngo abane nanje, ni we yampaye ivyamwa vya ca giti, nanje ndarya.» Umukama Imana abwira umugore ati: «Ivyo wagize ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze hanyuma ndarya.»
Umukama Imana abwira inzoka ati:
«Ko warikoze,
uragacibwa mu bitungwa vyose,
no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba.
Uzogenda urakuba inda yawe hasi, kandi indya yawe ibe ivu,
imisi yose y’ubuzima bwawe.
Nzoshira urwanko hagati yawe n’umugore,
hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe,
ruzoguhonyora umutwe,
nawe urukomore ku gitsintsiri.»
Adamu yita umugore wiwe Heva, kuko yabaye nyina w’abazima bose
Canke:
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1,12-14)
Abatumwa bagaruka i Yeruzalemu, bavuye ku Gasozi k’Imizeti kabangabanganye na Yeruzalemu. Hari urugendo umuntu agenze ku musi w’Isabato. Bashitseyo, baca burira mu nzu yo hejuru aho bari basembereye. Hari Petero na Yohani, Yakobo na Andreya, Filipo na Toma, Barutolomeyo na Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni umunyabwira na Yuda mwene Yakobo. Bose bari bafise umutima umwe mu kubandanya gusenga hamwe n’abagore barimwo Mariya nyina wa Yezu na benewabo
Izabuli 87
Icitabirizo : Bakuvugako ibintu bininahaye, gisagara c’Imana we!
Umushinge wa Siyoni uri mu misozi myeranda!
Umukama akunda amarembo ya Siyoni
kuruta insago zose za Yakobo
Bakuvugako ibintu bininahaye,
gisagara c’Imana we!
Ariko bashitse kuri Siyoni bati: «Uwu n’uriya ni ho bavukiye,
kandi ni Rudasumbwa ahakomeza.»
Mu gutondeka ibihugu, Umukama yandika ati:
«Aha ni ho yavukiye.
Abaririmba n’abavyina bashira mw’ijwi bati:
«Amasôko yanje yose ari muri wewe.»
INKURU NZIZA
Ivyo dusomwa mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (19,25-34)
Ng’uyo Nyoko wawe
Iruhande y’umusaraba wa Yezu, hari hahagaze nyina wiwe na nyinabo Mariya muka Klopasi, na Mariya Madalena. Yezu rero abone nyina wiwe ahagararanye na wa mwigishwa yakunda, abwira nyina wiwe ati: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.» Hanyuma abwira wa mwigishwa na we ati: «Ng’uwo nyoko wawe.» Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Ivyo biheze, kubera ko Yezu yari azi ko vyose birangutse, kandi kugira ngo Ivyanditse biranguke, aca avuga ati: «Ndanyotewe.» Hariho agakono kuzuye isiki. Bashira rero ipampa ku nkoni, barikoza muri iyo siki, bararimuha ngo anunuze. Yezu amaze kunywa nya siki avuga ati: «Vyose birarangutse.» Araheza ajondamika umutwe, aracikana.
Kubera ko wari umusi w’ukwitegura, nkako iyo sabato wari umusi mukuru uhambaye, Abayuda rero basaba Pilato ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureko boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’Isabato. Abasirikare rero baraza bavuna amaguru y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri muri bamwe babambwe hamwe na Yezu. Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana; ntibamuvuna amaguru. Ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu, haca hisuka amaraso n’amazi.