Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » Ugusaba ni uguhozako ngo dushobore kwinjira mu ntumbero Imana ishaka.

Ugusaba ni uguhozako ngo dushobore kwinjira mu ntumbero Imana ishaka.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


HomélieBavukanyi, uyu musi dusenga dusaba Umukama ngo atwigishe gusaba, kandi duhozako kandi tutarambirwa. Kuva aho ama téléphones akwiragiriye mu bantu hamwe n’ubundi buryo nk’ubwo bunyarutsa uguhanahana amakuru, hari vyinshi vyiza vyahindutse. Ariko kandi hari n’ibindi bitari bike vyatanguye kutugora. Uyu musi turashobora kubona ko bitugora gutenyenya na bukebuke. Ariko kandi twokwibaza no ku vyo dusaba, kuvyo tuba twiteze ko Imana itugirira canke abo dusangiye ibi canke biriya.

Ugusaba ni uguhozako

« Amaboko yiwe araguma gushika izuba rirenge »(igisomwa ca mbere). Nk’uko twavyumvise, ngo Musa ntiyigeze arambirwa, ahubwo batevye bamushigikira kuko bamugumye hafi. Ng’uwo rero amaze umusi wose asabira igihugu c’Imana. Ni navyo twumvise mu Nkuru Nziza aho urya mupfakazi atahengeshanije gutakamba asaba ngo bamutunganirize.

Iri jambo ridufashe iki mu buzima?
1. Twumvise ko Musa yihebeye ico gikorwa c’ugusaba n’ugusabira abana b’Israeli ngo baronke ubwigengé batekane, bishire bizane, bikureko abashaka kubakandamiza. Ukwo nakwo kwari ukuronka aho baba ngo bubahwe, bo n’amatungo yabo, babanje kwirukana abanyakabi, abapagani (abatamenye Imana, Abamaleki). No mu Nkuru Nziza nyene uguhozako mu gusaba bije imbere.

Mbega twebwe twitangira gute abo tujejwe? Ni twaba turi abatware, umwe wese ku rwego rwiwe, ico gikorwa kiraturaza ishinga ngo abo tujejwe batekanirwe? Mbega turibuka gusengera ivyo tujejwe? Ubwo ntaho tugira ivyitwazo tukagira ngo nta kanya dufise ko gusenga kubera udukorwa, ivyigwa, ukudandaza… Mbere wosanga hari n’abagira bati : iyi ndwi yose nararushe none reka ku w’Imana nduhuke na gatoyi, nje hamwe n’abandi bagiye muri sport… Erega bavukanyi kuri twebwe twemera Kristu yapfuye akazuka, umusi w’Imana ni wo musi wa mbere w’indwi. Ni wo utanga intumbero y’ivyo tuzokora n’ivyo tuzobamwo mu ndwi yose.
Ntitwihiroshe rero ikinyamutwe, ngo twihe pole duti: nta mwanya mfise, birumvikana ko ntoja gusenga. Twohava tuba ibitimbayi, tukamenyera akabi kurya kw’impuzu yashimye umucafu iteba igata ibara yaguranwe.

2. Batubwiye ko Musa yagumye asabira igihugu ciwe umusi wose. Ngo Aroni na Huri baraje kumushigikira: « bagumya amaboko yiwe. »
Bavukanyi, iri jambo ritwigishe gufashanya gusaba, gusabiranira, gushigikirana kuko ari ko karanga kacu nk’abakristu. Isangira ry’aberanda tuvuga muri ndemeye riratubwira ubumwe buri hagati y’Ekleziya ikigwana (twebwe turiho), Ekleziya ibabara (mw’ipurgatori) hamwe na Ekleziya imaze gutsinda. Ubwo turategera neza akamaro k’ugusabiranira? Iyo tubonye ibintu bitugendera neza ubwo turibaza ko hari n’abandi badushigikije udusabisho twabo?
Musa, Aroni na Huri batubere akarorero mu kwitwararika ko abandi bogira iteka n’itekane, gutyo tugire umutima wagutse, umutima w’aba-gatorika nyene.

Igisabisho ciza ni ikijanye n’ivyo Imana idushakako

Bavukanyi, iyi Nkuru Nziza y’uyu muwi iratangaje, mbere nogira nti irashobora n’ukudutirimutsa. Twibuke ko turiko duherekeza Yezu mu rugendo ruja i Yeruzalemu aho araririwe n’urubanza rudatunganye. Twibuke ko yafashwe mw’ijoro ariko ku mutaga bari bageze no muri gasamburamanza, aciriwe urwo gupfa.
None uyu musi agize ati :Imana irarasana ku bayo bayitakambira. Yongeyeko ko ishobora n’ukubatevya! Ibwo iyo dusavye ntiduce twumvirwa ntiduca twihebura, tukagira duti: mbona vyose ari co kimwe? None haba habuze iki?

Yezu ati: « Umwana w’Umuntu aho azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi? »
Erega bavukanyi, ukwemera ni kwo guha intumbero vyose. Ni kwo kudushoboza kwinjira mw’ishaka ry’Imana. Iyo tutinjiye muri iryo shaka ry’Imana yipfuriza bose ineza, umwidegemvyo n’amahoro nyakuri, duca dusaba nabi.

« Wa wundi Imana yabwira ko ico ashaka cose akironka ariko yemeye ko uwo badacana uwaka aca aronka incuro zibiri ivyo aronse, uno nawe agaca asaba ko Imana yomunogobora ijisho rimwe gutyo uwo wundi acike impumyi mu kubura yose », ng’uko uko rimwe na rimwe igisabisho cacu kimeze!!! Bavukanyi, uyu musi twige kwinjira mu mugambi w’Imana mu kwama tuyitega amatwi ngo itumenyeshe ivyo ishaka.

Turiko duherekeza Yezu. Turazi ko amaganya yamwishe aho yagira ati : « Dawe, ni vyaba bishoboka, nkiza iyi kalisi. »
Mbega yarumviwe?
Egome cane, yarumviwe, ariko yumviwe ukundi. Imana yaramuninahaje mw’izuka, maze itwereka y’uko amagorwa, n’aho rwoba urupfu nyene, adafise ijambo rya nyuma ku bemera Imana. Igisabisho cacu rero kiraronka inyishu, kiretse ko hari igihe turonka inyishu tutari twiteze, gutyo ntitubone ko Umakama yatwishuye. Hari igihe rero turondera umuhori tuwufise mu kwaha. Imana iramutse idutebeje naho, hari n’aho iba irindiriye ko twotyorora ico gisabisho cacu kuko ku vy’ukuri irumva, irabona ivyo dukeneye kuruta n’ukwo twebwe nyene tubibona. Ugusaba rero si ugutsindikira Imana ku vyo dushaka. Ni ukwinjira mu mugmbi w’Imana ishakira ineza bose, na twebwe nyene turimwo.

Kugira tubishikeko, Pawulo Mweranda yaduhanuye kwama twisunga Inambo ry’Imana ati: urazigama ivyo bakwigishije, wame umenya ibitabu vyeranda kuko icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, kugorora no mu kurera mu butungane »

Ivyo rero bidukomereze ukwemera. Twumvise ko ari naco kibazo gisozera Inkuru Nziza. Imana irashima kururindiriza kugira ngo ukwelera kwacu gukomere, ibisabisho vyacu bityororwe kugira twige kwakira ivy’Imana itugabiye kuko ari vyo biba bitubereye. Tugire urunani mu gusaba n’ugusabiranira twebwe abemera ngo ishaka ry’Imana riranguke.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :