Bavukanyi,
Uyu musi turasubiriye gukorana kuko twemera Kristu yapfuye akazuka. Ntawobikeka, abaje ng’aha, turemera kandi turemeza izuka. Nka ko nyene, abantu bose ntibemera izuka. Hari abazindutse biryamiye, ngo baruhuke, abandi bazinduka muri sport mu kurindira ko haca ngo baje aho abandi bagabo bari. Twebwe turi aha uyu musi tuje gusaba ngo Umukama adukize ibiduhanamiye vyose, tubone gutekana ku mutima no ku mubiri, ngo dushobore gushira mu ngiro ivyo Imana idushakako. Twebwe turi aha, nizeye ko twemera izuka. Hasigaye ko dusaba Umukama ngo adukomereze ukwo kwemera kuko gushobora kugira ibikubangamira, nk’uko twayumvise mu gisomwa ca mbere. Nk’abo twumvise bavyifashemwo neza, dutumiriwe kwumira kw’ibanga kuko hari ico twizigiye: ubuzima buzokurikira. Ngo « uheza kugoka ibigori bikera ». Ngo « hakuramba worangwa ».
Bavukanyi, iri jambo twumvise ntiryamye ryemerwa gutya muri Israeli. Abatwandikiye iki gitabu twakuyemwo igisomwa ca mbere, mu kinjana ca kabiri imbere y’uko Yezu Kristu avuka bari bamaze gutegera ko umuntu adapfa ngo ahere. Ko Imana ishobora kumusubiza ubuzima, umutima n’umubiri, igihe yoba yamye ayizigiye.
Nkako nyene, iryo jambo baritegereye rivuye kure kuko si irya vuba kuko n’Umuhanuzi Ezekiyeki yari yarabihanuye mu kigabane ca 37 aho yerekwa amagufa yuzuye akabande, atagira inyama, ata buzima afise, ariko ububasha bw’Imana bukayasubiza ubuzima. Noneho n’umwanditsi w’izabuli ya 16,10 arabivumera ati: « na none ntiworeka umusuku wawe ngo apfe rubi, ahereze mu cobo ».
None iryo zuka twebwe turitegera dute? Ubwo ntitwiyumvira nk’aba Basadusayo begereye Yezu, ubutigu bugeze kuko Yezu ari hafi y’i Yeruzalemu, kandi umugambi w’ukumwica wamaze gupfundikwa, maze bakamubaza bati: ubu ho noneho vyishure kuko nawe birakwerekeye; bati: abantu bazozukira ubuzima bumeze gute? Rya zuka wama uvuga ku vy’ukuri rimeze gute?
Uko babitegera, biyumvira ko ubuzima buzokurikira buzoba bumeze nk’ubwo bahoramwo, aho ku babira canke ababira ata kizoba cahindutse. Twavyumvise ingene babajije bati: « none ku musi w’izuka uwo mugore azoba uwa nde ko bose bamwabiriye uko ari indwi? »
Tugerageze gutegera neza ivy’izuka.
Ubwa mbere: Yezu ati: ijuru si ikuburiro ry’abatigeze bagira ico bibanga mu buzima. Avuze ati: « abazoba babereye kwinjira mu buzima buzokurikira ».
Mu yandi majambo agize ati: abazoba bagumije ibanga, abumiye kw’ibanga no mu bigoye, ntibate ubwoko, ntibagoke, abo ni bo bazoragwa ubuzima buzokurikira. Twumvise akarorero mu gisomwa ca mbere aho abavukana indwi bafatiye akarorero ku mutama Eleazaro yanse guhemuka mbere aranka n’ukwigirisha kuko yohava atirimutsa abakiri bato canke abagoyagoya mu kwemera, aba nabo bakemera gupfa hakurenga ku karorero n’inyigisho nziza za basokuru.
None ko twe nawe twama twaronse inyigisho nyinshi, ko twama twaronse impanuro, ko turi n’amabanga twemeye (ubuzima bwihevyi , amabanga mu vy’intwaro….), ubwo ntaho tuvuga ngo : « hagupfa uyu musi wopfa ejo? », ngo « hagupfa wozanzama? », ngo « uwutabeshe ntasumira umwana »? Ngo « ntaguhandwa ku rurimi ikirenge kiriho » kandi hageze ko dushingira intahe ukuri?
Ubwa kabiri: abo bazokwinjira mu bwami bw’ijuru bameze nk’abamalayika, kuko batazoba bagipfa. Ntibakeneye gusiga akabuto, ntibagikeneye kwabirana.
Bavukanyi,
Agatima ko kwamaho kari mu biremwa vyose. Rabe ingene ibiti iyo bibuze umuco bica bitanguranwa mu kuba birebire. Rabe ingene ibikoko vyigenza. Rabe umwana ashonje ingene aca arira kuko yumva ubuzima bubangamiwe.
Itegeko rya Musa twumvise ryari ryanditse mu kwibutsa amategeko 25,5-10 ryerekeye ukuvyura umuryango: Ni haba hari abavukana babiri, umwe muri bo agapfa ata kabuto asize (umuhungu), umugore w’uwo mugabo ntaze yabirwe n’umugabo w’ahandi. Muramuwe azomwinjirira, amucure gutyo umuhungu wa mbere avutse abone kuvyura izina rya se yitavye Imana, gutyo ntirizimangane muri Israyeli. Vyanse, uwo mugore azokwega muramuwe imbere y’abakurambere, amwambure ibirato ku birenge, amucire amate mu maso….maze muri Israeli bazomwite « inzu y’uwambuwe ibirato ». Ntivyari vyoroshe.
Aba babajije ikibazo Yezu bibaza ingene bizogenda mu bundi buzima, kuko bari bibuka ko Lazaro yazutse ariko agasubira gupfa (Yohani 11), canke wa mukobwa wa Yairo (Mariko 5,21…) bazutse ariko bagasubira gupfa mu nyuma.
Yezu ati : tuzoguma turi ba bandi ariko tuzoba twahindutwe ukundi. Umubiri wacu ntuzoba ugishobora gupfa. Ntituzoba tukuvuga ngo « ndarandutse, ndahonye » nk’uwabuze umwana w’ikinege (umuhungu, kuko umukobwa bamwita « imbuzakurahira »).
Dufatire kuri izi ngeranyo zibiri:
– Hari uwokwemera ko ikinyugunyugu kiva mu kinyabwoya? Ariko ku vy’ukuri ni ubuzima bw’ikinyabwoya buhinduka, kikaguma ari ca gikoko nyene, ariko gisayanganira mu bundi buzima, corohewe, kiguruka, gifise n’amabara meza kitahorana.
– Kiretse twebwe tubizi, hari uwokwemera ko igiharage gihibagira, gifise amababi (imikubi), urushurwe…hari ico gipfana n’urutete rutembagara ng’aho, rutagira ubuzima, mbere rimwe na rimwe tukaruteka tugasanga ni intumva?
Bavukanyi,
Izuka si ugusubira mu vyo twahoramwo (kwabirwa, kabira…). Ni uguhindurwa n’ububasha bw’Imana, tukamera nk’abamalayika badapfa.
Ubwo buzima na bwo tuzobutorana kubera uwo twamye dukesha ubuzima, uwo twamye twizigiye. Abasadusayo bari kumwe n’Abafarizayo mu kwama batega imitego Yezu. Ntibigeze rero bamwemera. Ni naco gituma bazohama n’abiwe, babatoteze amaze gusubira mw’ijuru. Bazokwama babahagarika umutima. Uyu musi twasavye Imana ngo idukize ibiduhagarika umutima. Ico twomenya, iyo dusavye Imana duca tubigiramwo uruhara ngo idufashe kubirangura. None ubwo ntawe duhagarika umutima, tukamutoteza mu kumuremēra ku mutima no ku mubiri?
Mbega twebwe turakira Yezu nk’umukiza wacu? Nk’uwo tuzeyeko ubuzima? Twakira abiwe gute?
Musa yaravyemeje…..
Abamye bizeye Umukama twumvise ko Imana iguma yemeza ko ari abayo. Ndi Imana ya Ibrahimu, iya Yakobo, iya Izahaki. Yezu ashimye gusangira Ijambo n’abasadusayo mu guca mu bitabu vya Musa aba nyene bishimikije, bikatwigisha kumenya kurondera aho twohurira n’abandi ngo tugire ico dushitseko.
Uyu musi ico natwe cotubera inyigisho n’urugero, aho guhangana n’ugushamirana tukarondera ico twoherako ngo dusangire ikiyago n’abo tutumva ibintu kumwe. Ko abandi bishimikije Ibitabu vya Musa, Yezu na we nyene yishimikije igitabu ca Musa, gutyo amaze kuronka aho ahurira n’abo bahanganye, aca aragorora ivyari bigoramye. Ng’iyo ingendo ibereye abakristu. Ng’iyo ingendo twogira, cane cane muri uwu mwaka dushaka kwiga kuba abaremesha amahoro aho tubaye.
Uyu musi bavukanyi twibaze ingene twemera izuka, ingene dushaka guhoraho, ingene tubana n’abashingira intahe ukuri, maze duhindure ivyiyumviro vyacu n’ingendo yacu, twiture Kristu yaducunguye. Amen.