Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » « Murabe maso, ntihagire uwuzobahuvya. Murinze rugabo, niho muzokiza imitima yanyu »

« Murabe maso, ntihagire uwuzobahuvya. Murinze rugabo, niho muzokiza imitima yanyu »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


HomélieIbīza, intambara, ugukubagurwa kw’abantu n’ubundi bugome ni ivyo tubona, hamwe n’ingaruka zavyo. Twumvirije ibisomwa vy’uyu musi, duca dusanga umengo bivuga ibihe vyacu. Duhanzwe na vyinshi. N’aho biri uko, Umuhanuzi Malakiya hamwe na Luka, Umwanditsi w’Inkuru Nziza, badushikiriza ivyo vyoduhagarika umutima ariko ntibahereza aho: baraduha umwizero, bakakira bati ivyo vyose ni bidufashe gukomeza ukwemera kuko duhamagariwe kukugaragaza aho nyene.

Twavyumvise mu gisomwa ca mbere. Umuhanuzi Malakiya ntibimworoheye kuko ahamagariwe gutera intege abantu bajonjogoye, bagira bati : ntakivamwo, ntagashoboka. Babona ko ivy’Imana yabemereye biriko biratebabkuja mu ngiro, bagata umwizero: bemerewe kuva mu buja muri Babiloni, none vyatevye; igisengero c’i Yeruzalemu carasambuwe n’abanyakabi, none ntikirubakwa. Nta mwami bagifise. None bokwishimira iki? Umuhanuzi Malakiya ati: « nta mvura idahita », iry’Umukama yavumereye rizotaha. Umusi w’Umukama uzoza nk’akazuba gasusurutsa abipfumbereje kuko babona bazigirijwe n’abansi, bazigirijwe n’inabi, abo bose babona ko umengo ntaco bakimaze. Mbega twe nawe, iyo bitugoye, tugasenga umengo ntitwumvirwa, duca dutana n’akabando? Ng’iri ijambo ry’umwizero Umukama ashize mu kanwa kacu: « Umukama azoza gucira urubanza isi, urubanza ruciye ku butungane » (Zabuli 97).

Bavukanyi, iry’Imana yari yaremereye igihugu cayo ko bazosubira mu zabo, bagasubira kugira iteka n’itekane, bafise aho baba kandi bubahwa, ryararangutse. Barasubiye mu gihugu, barasanura n’igisengero c’i Yeruzalemu, bagiheza mu mwaka wa 19 imbere y’ivuka rya Kristu Yezu. Ng’ico mbere bariko baragitangarira. Nibatangare ni ko. Ngo cari gitātse ku buryo bavuga ko uwutakibonye ataco yabonye, ko ata kanyamuneza yigeze agira.

Nk’uko tumaze imisi duberekeza Yezu i Yeruzalemu, uyu musi turashitse. Ni vyiza. Ariko Yezu ashimye ko batera iyindi ntambwe aho abatangaje mu kivuga ngo : « nta buye rizosigara rigeretse ku rindi » muri ivyo vyose mushima kandi mwishimira. Nk’uko nabivuze, ico gisengero cari imwe mu nkingi z’ubuzima bw’Israyeli (Isi, Igisengero, Umwami). Turibuka ingene bacuze intimba aho bari mu buja i Babiloni bagira bati: « ku nkengera z’inzuzi za Babiloni, ni ho twari twicaye, tukarira twibutse Siyoni, inanga zacu twazimanitse ku biti vy’aho hantu (…) Mbega twari kuririmba gute ururirimbo rw’Umukama turi ku butaka bw’abanyamahanga? Ninaramuka ndakwibagiye Yeruzalemu, ukuboko kwanje kw’i buryo kuragaca kwuma, ururimi rwanje ruragahoma mubmagage nintakwibuka » (Zabuli 137).

Mu kubabwira atyo, Yezu ashatse ko batera iyindi ntambwe mu kurindira amaza yiwe, akabatumirira gukura umwizero wabo mu vy’isi bihinda bihera, eka no mu gisengero nyene cubatswe n’amabuye, n’aho yoba ay’agaciro. Turazi ko yubaha ingoro y’Imana kuko yaheruka n’ukwirukana abari bayihinduye ikibanza bironereramwo inyungu zabo (Luka 20,45-46). Ashaka ko bakomeza igisengero c’umutima wabo (2Abanyakorenti 6,16) kuko « igihe gishitse, kandi ni ubu nyene, aho abasenga nya gusenga bazosengera Data mu mutima no mu kuri » (Yohani 4,23). Igihambaye ubwa mbere rero, ni ingene dutegura iyo ngoro y’umutima wacu, kuko ari nawe tujana muri iyo ngoro yubatswe n’amabuye, tukagira ico dutahanye. Wewe witwararika kwubaka iyo ngoro ute? Nk’uko iyi habaye ibihuhusi, vya nyamugigima n’ibindi biza, biheza bigahinyuza Hingene umwubatsi yubatse inzu yiwe, ko yakoresheje neza amabuye, amatafari, umusenyi n’ibindi, ni ko ibihuhusi vyo mu buzima vyerekana ico twashngiyeko mu kwubaka ubuzima bwacu. Ayo maguey pero atātse ico gisengero c’i Yeruzalemu atwubwira ingene twokwubaka umutima wiwe.

Abigishwa n’ubu ntibategereye kuko baciye vpbatera ikindi kibazo bati : « none ivyo bimenyetwo vyose bizoshika ryari? »
Yezu ati : muragabe kuko iyo abantu batazi iyo bava n’iyo baja, baca bazungagizwa n’ibihuhusi vyose, n’ama idéologies atandukanye, abantu bakiruka irya n’ino, bakagira ubwoba, bakita no mu bibasambura canke bisambura abo bari basangiye uburaro n’uburamuko. Aho gukora bakiruka muri utu na turiya, bakarera amaboko, bakabura ico biha n’ico baha ababo, ivyo navyo bikavamwo izindi ngorane. Ku bwa Yezu, igihambaye si igihe ivyo bizobera, ahubo ni ingene tubaho uyu musi, muri ivyo vyose tuzi ko bitazokwamaho.

Muri ibi bihe turimwo iwacu i Burundi, kumbure ntiturindiriye umuhero w’isi. Umengo turindiriye amatora, bamwe bakiruka irya n’ino, abandi bakagira ubwoba bati lbega azodusiga amarembe…. Ibikorwa bagaterera aho, bakagira bati: « uwabirimye si we yabiriye » n’izindi ngendo zisa n’izo.
Twigire kuri Pawulo Mweranda yabereye akarorero Abanyatesalonika mu kutarera amaboko.

Yabigirira imvo nyamukuru zitatu:
Ubwa mbere, kwari ukugira ntihagire na kimwe comubuza kurangura ubutumwa. Ariko arigisha ariko adáshērá, bibineka ko ata zindi nyungu abironderamwo, vyatuma abamwumviriza bakira iryo jambo. Uyu musi timirije amatora nogira nti: vyotubereye vyiza abazoza ngo tubatore batweretse ko bataje kwironderera ingene bobaho, bakatwereka ko bari n’ico bimariye, ko bataje gutuburura, ngo bavuge nka babandi ngo  » ntikiribwa ivu », « ngo impene irisha aho iziritse »… Ariko iri jambo ntirivuga ko umutumwa adafatwa neza n’abo ashinzwe kumenyesha Kristu, kuko na Pawulo yagiye arakenera ko balufasha utu na turiya atari ahambije: « mwagize neza kuntabara mu marushwa yanje….. Kandi i Tesalonika mwandungikiye ivyo nari nkeneye, si rimwe ni kabiri kose…. (Raba Abanyapfilipi 4, 10-20). Kandi noneho Yezu agira ati: « muryarya, munywe ivyo basanganywe kuko umukozi akwiye impembo yiwe »(Matayo 10,7).
Ubwa kabiri, udukorwa twatumye Paulo Mweranda ashobora gushikira n’abanyamyuga batobato, ngo baganire, basangire imyitwarariko y’ubuzima n’igihe yari i Korenti.
Ubwa gatatu, ugukora udukorwa vyatuma Pawulo abera n’akarorero abo ashinzwe kumenyesha Inkuru Nziza. Ni navyo rero abwiye Abanyatesalonika ati : »aho twari iwanyu ntitwareze amaboko, ntawe twaririye ivya gusa… »
Aha hantu hari inyigisho twohakura: kumbure ntidufise umanya ahariwe kwigisha Inkuru Nziza. Ariko duhamagariwe twese kuba akarorero aho tuba, aho dukora, aho twiga, aho tugeza ijisho n’ikirenge, ku mbuga nkoranyashengero (les réseaux sociaux) kuko hose tuhatumwe n’Umukama aduhuza n’aba canke bariya ngo dusangire urugendo.
Pawulo Mweranda rero ati: uwishinga kurera amaboko, uwutaco ahereza iminwe, ntatonde igihe c’isahani kigeze.

Irindi Jambo Yezu adutekereye uyu musi, ni ukutumara ubwoba. Ngo « ivyo ntivyobura kubanza gushika… » Ntatwemereye rero iparadizo ng’aha kw’isi, ariko adusavye kudata ubwoko, adusavye kudahugumbwa tuzi uwo twizeye. N’aho vyoshika tukankwa, tugatabwa mu mvuto kubera intahe tumushingira n’akarorero keza tugerageza gutanga muri abo bose dusangira urugendo (iyo wigenza neza ushobora kuba nk’icagirizi c’abataco bibanga, bagaca bakugwanya), adusavye kugumya umutima kuko « twegamiye umugabo akomeye » nk’uko duhora tubiririmba. Ati : « murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu ».


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :