Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » « Ni mube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari Mweranda »

« Ni mube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari Mweranda »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


HomélieBavukanyi, turabandanya kuzirikana inyigisho nshasha ya Yezu Kristu twatanguye haraheze imisi, kuva dutanguye kuzirikana ivyerekeye ingendo y’abamenye Kristu nk’uko tubishikirizwa na Matayo, guheranmu kigabane ca gatanu. Gutyo rero tuzoshobora kumenyera ingendo nshasha iranga abari muri bwa bwami bushasha bw’abamenye Kristu. Abari muri bwo, barahiriwe (Matayo 5,1-12), maze bakagengwa n’ibwirizwa shingiro rishasha: tubandanye tuzirikana ingingo zirigize. Ico twomenya, ntirije gukura ivya kera vyose, rije kubihinyanyura n’ukubitumbereza neza ari naco gituma twumva Yezu avuga ati: « mwarumvisd iryavuzwe ngo…. Jeho ndababwiye nti…. »
Uyu musi rero atubwiye ati: « ni mube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda ». Twavyumvise mu bisomwa vyose, iyo ngendo irafise intimatima yayo: kugira urukundo rutagira imbibe, urukundo rwitwararika bose, na cane cane abazingamitswe n’inabi, ngo nabo nyene baronke ubuzima.

Mu gisomwa ca mbere twabwiwe ngo « urakunda uwo musangiye igihugu », ariko twomenya ko urwo rukundo rwugururiwe n’abanyamahanga kuko mu nyuma bagira bati: « Umunyamahanga ni yaza iwawe, uramukunda nk’uko wikunda wewe nyene kuko na mwebwe nyene mwabaye abanyamahanga mu gihugu ca Misiri »(Bene Levi 19,33-34).
Ni rwo rukundo Pawulo Mweranda yatwibukije atubwira ko twese turi ingingo z’umubiri wa Kristu, turi ingoro y’Imana. Ivyo rero bituma dukundana, tukubahana kuko ngo « uwusambura ingoro y’Imana, Imana nayo izomusambura ». Bavukanyi, iryo jambo rurahambaye cane kuko hari abatabizi, canke bakavyiyobagiza mu gutoteza abandi, mu kubaturubika, mbere harimwo n’ukubaka ubuzima. Rabe umwe wese aho aherereye.

« Ni mube beranda »
Bavukanyi, iyi nyigisho iva kure cane. Nk’umwigisha mwiza, Imana yagiye irategura igihugu cayo, mu kugicisha ku ntambwe nyinshi cane, kugira ngo dushikire urwo rukundo rutagira imbibe, urukundo rurenze igipimo nk’uko bamwe bamwe mubiririmba. Ibi twumvise ngo  » ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi » vyashitsweko abantu bamaze gutera intambwe nyinshi. Tubirabire hamwe.
Gahini amaze kwica mwenewabo Abeli, Imana yamuciriye igihano c’ukwangara, uno nawe agira ubwoba ati: uwo tuzohura wese azonyica. Imana yagize iti: « ari uko bigenze, uwuzokwica Gahini wewe bazomuhora incuro indwi »(Amamuko 4,15). Vyosa n’uko bogira bati: mu muryango w’uwo muntu ntawuzorokoka. Nkako,mu ndirimbo ya Lameki bavuga ngo : »Gahini azohorwa incuro indwi, Lameki nawe incuro mirongo indwi n’indwi » (Amamuko 4,24). Ni hamwe mu Kirundi tuvuga duti : « ihôrihôri ryamaze umuryango ». Bavuze rero bati « ijisho ku rindi », mu ca mwumva ko iki gitabu ca Bene Levi cateye intambwe.

Mu nyuma Imana yarafashije abayo gutera iyindi ntambwe mu gusaba abayo kutagira inabi iti : »ntugirire mugenzawe ico udashaka ko nawe bokugirira » (Tobito 4,15), iti ntimugakore inabi. Murategera ko itaratangura kubasaba gukora ineza! Ibasavye gusa kwirinda gukora inabi.
Bavukanyi, uwobiraba neza yosanga abatari bake tukiri ng’aho, kuri urwo rugero rwo kudakora inabi. Yoba ari intambwe ariko ntivyoba bikwiye. None si kenshi tuvuga ngo: « jewe ntawe ntuka, ntawe niba, ntawe nica…. » Ariko uwotubaza ineza dukora, ugasanga turabuze ico twishura kuko twibera iwacu, mu vyacu, atavy’abandi twivangamwo. N’abari badukeneye ngo tugire ico tubamariye ugasanga ntitababonye. Twibuke ko wa mutunzi atigeze atuka Lazaro, ariko ntiyigeze amubona ngo hagire ico amumarira. Mwibuke ko ducumura, mu mvugo, mu ngiro no mu kwiyobagiza ivyo twategerezwa.
Intambwe rero y’abari mu bwami Kristu yaje gushinga, ni iy’abantu bakuze, badacunganwa gusa n’ivyo bihava bonona, ariko barazwa ishinga n’ukugira ico bamariye abandi. Yezu ati : « ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe » (Matayo 7,12). None wewe ugejeje he? Ubwo nturindiriye ko ari abandi batangura? Umukama adusaba kuba ari twe dutera intambwe ya mbere mu kugirira abandi ivyo tubitezeko.

Mbere aradusavye gutera n’iyindi ntambwe inagoye, ati:  » jeho ndababwiye nti: kunda abansi banyu, musabire ababahama ». Bivuga ko n’uwo atatwipfuriza ineza, tweho duhamagariwe kuyimwipfuriza. Kandi ineza ya mbere twomwipfuriza, tukanayungukiramwo, ni uko yohinduka, akava mu nabi kuko ukwizizirwa n’inabi bijana mu rupfu. Twibuke ko ku w’Imana uheze yadusavye ko twoba aba mbere begera abo badufitiye akajirya, baducumuyeko, tukabanza gusubiza hamwe imbere y’uko tuja guhereza ishikanwa ryacu ku ruhimbi rw’Umukama. Erega nta n’ukundi nyene vyogenda. Iyo umuntu yiziziwe n’inabi, aba ariko arapfa, kumwe tuvuga duti : « yarapfuye agenda », abavyeyi nabo bati : » ese ukuburira hejuru ». None uwapfuye ninwe yōkwībíka? Twebwe tugira ngo turakomeye, nitwe tubwirizwa gutera iyo ntambwe tumusanga iyo ari ngo tumushayure, tugasangira umutima n’Imana yo yagiye kurondera Adamu na Eva iyo binyegeje, aho baboneye ko bacumuye. Muri ibi bihe vyacu naho, muri Kristu Yezu Imana yateye intambwe iza iwacu kudukiza : Kristu yadupfiriye tukiri abanyabicumuro(Abanyaroma 5,7-8).

Bavukanyi, duhamagariwe kwimenyereza iyo ngendo nshasha mu kugira ico abandi batari batwitezeko. Dufatiye akarorero ku nkino, umwe wese arondera kugira ico uwundi atari yiteze, uno nawe agaca ahindura umukenyuro kuko asanze yariko arihenda. Ni vyo twumvise mu Nkuru nziza Yezu adusaba kudahangana n’abahambazi. Ntiboza bahaya inguvu, bashira urwamo hejuru ngo natwe duce tugira nka bo. Mu kirundi bagira bati : « iyibize nabi uyima ifu ».

Ariko rero ivyo ntibisigura ko dukingira inabi ikibaba. Igihe Yezu yakubitwa, ntiyaciye akoresha inguvu (yavuze ko iyo abishaka Se yari kumurungikira inteko z’abamalayika zikamugwanira), ariko yabajije ati: ninaba mvuze nabi erekana aho ikibi kiri; naho ni naba mvuze ukuri, unkubitiye iki? » (Yohani 18,23).

Tudashinze imizi muri Kristu ivyo ntitwobishikako. Kuba umukristu biri n’agaciro, biragoye. Ni co gituma ari ibanga ribangirwa ingata. Duhamagariwe gusangira ingendo n’Imana iba muri twebwe, nk’uko twavyumvise mu gisomwa ca kabiri. Twemere rero dukure, ntitwame ha handi, kugira dushobore gusangira umutima n’Imana, dusangire ingendo n’Imana, dusangire umwitwariko n’Imana yo ishaka ko abantu bose bokira.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :