Ijambo ry’Imana dushikirizwa mu Nkuru Nziza yo kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera iryo Imana ituyagira ngo riduhishurire abo turi mu maso yayo. Mu gisomwa ca mbere, turabona ko aho abantu ba mbere bashaka kuba nk’Imana, ntibemere kamere yabo, bagiye ku mohe, nta kindi babonye atari uko ataco bambariye, ari ba magara make, bari gusa. Ivyo twumva rero mu gisomwa ca mbere ntibitwiganira ivyabaye, kw’igenekerezo iri canke irindi, hariya…, ariko bitwereka ingene kamere y’umuntu yamye kuva na kera na rindi. Umuzi w’igicumuro cacu ushingiye habiri nk’uko tubibona muri ico gisomwa : ukutizigira iry’Imana yavuze, tukabona ko itadushakira akanyamuneza, hamwe n’ukwibaza ko hari ico twokwishoborera, kubw’ubwenge bwacu bwo kwigenera iciza n’ikibi, ngo dushikire agahimbare kacu. Vyose bica bigwa mu mazi, tugasigara tumaramara, kuko dusanga turi gusa, ataco tumaze.
Urugendo rw’Ikarema rudukomereza ukwemera.
Bavukanyi, twibukanye iyo tuva n’iyo tuja muri iyi Karema.
Mu kugeragezwa kwa Yezu, nk’uko tubisoma mu Nkuru Nziza, Umukama ashatse kutwereka ko tutota umutwe, ngo ijuru rirakorotse, kuko turi kumwe nawe dutsinda. Yaciye mu bugaragwa, ngo atwereke ko aho abavyeyi bacu batsindiwe, intsinzi ishoboka. Ariko kubera ukwemera kwacu kudakomeye, ku w’Imana wa 2 azoduha imponjo y’Ubuninahazwa buturindiriye, atubwire ati imbere ni heza, gumya umutima n’aho ubuzima bugoye. Ku w’Imana ugira agatatu, atwereka ko ari isoko ry’ingoga zacu, mu buzima no mu butumwa, aciye kuri wa Munyasamariyakazi yari aje kuvoma. Inyuma yaho akatwugurura amaso ngo tumubone, tumumenye, kandi tumushingire intahe, nka wa muntu yari yavutse ari impunyi, hanyuma agakira. Hazoba hasigaye intambwe ya nyuma, hafi ya Yeruzalemu, aho azura Lazaro ngo atwereke ko urupfu rudafise ijambo rya nyuma, ko nawe nyene atazohereza mu cobo. Gutyo rero tuzoshobora kwinjirana na We i Yeruzalemu ku musi w’Ibisandasanda, duhimbazanye ukwemera amabanga y’icungurwa ryacu. Tuzoze turibuka aho tugeze rero mu rugendo.
Imisi mirongo ine y’Ikarema.
Guhera ku musi wa 3 w’iminyota, twaratanguye rwa rugendo rw’imisi 40, rudushikana ku kwigina intsinzi ya Pasika. Nk’uko tubizi canke tuvyibuka, iyo misi 40 yibutsa igihe Abanyisraeli bamaze mu bugaragwa, bagana igihugu Umukama Imana yari yabageneye. Baragendanye rero n’Imana, barabona ingene Imana ibitaho, naho vyaba vyabagoye nyene. Ikindi iyo misi 40 ivuga, ni uko abagize urwo rugendo bashitseyo bamaze kubona vyinshi/menshi, baragize experience idasanzwe y’ubuvyeyi bw’Imana. Nico gituma badakekereza mu gushikanira Imana mu vyo yabahaye.
Iyo misi 40 kandi, iranatwibutsa imisi 40 Umuhanuzi Eliya yamaze mu gahinga igihe yariko ahunga Yozabeli, akabonana n’Imana kuri Horebi. No mu bitugeramiye nyene, Imana ntiduheba. Iratwibutsa kandi ya segenya yo kuri Nohe, iyo nayo ikaba itabaye iherezo, ahubwo yabaye itanguriro ry’Ubuzima bushasha. Erega bavukanyi, Pasika dushemeza, ni intango y’isi nshasha. Kandi ga, n’umuntu avukira ubundi buzima iyo haheze indwi 40 (amezi 9). None rero, bitubera akaryo keza ko kuvukira ubundi buzima, kandi ivyo ntivyorinda kudushikana ku musi mukuru wa Pasika.
Inkuru Nziza : Imana ntiyaduhevye.
Mu kugeragezwa nk’uko twese tugeragezwa, ni ijambo rihambaye Imana ishimye kutubwira muri Yezu Kristu. Twihweje ingene Luka atwiganira vya Yezu, Yezu ahejeje kubatizwa, Luka abanza kutwereka Amamuko ya Yezu. Matayo we abiherako. Ayo mamuko nayo, nk’uko tubizi, aratwiganira ababaye intwari mu bakurambere, ariko hadasizwe inyuma n’abo vyagiye biragora nyene, nk’uku kwacu. Yezu rero yinjiye muri abo, abaye umwe muri bo. Yinjiye muri ako kahise katamye kagororotse igihe cose. Arageragezwa, ariko agatsinda inyosha mbi zose. Ntabaye nka Adamu na Eva bumviye Sêkíbi. Yagumye mu bunywanyi n’Imana, mu gutega yompi iry’Imana iyaga. Aho rero urukiza ruradusaga, ivyeremwe vyose bikahatorera akoyoko. Nkako nyene, igicumuro ca Adamu cahindanije Iparadizo, ubumwe bwari bwaharangwa burasambuka. Iyo dusomye Inkuru nziza ibangabanganwa n’iyi muri Mariko, turabona ko havugwamwo Mutima w’Imana, Shetani (ariyo igerageza Yezu), Abamalayika, ibikôkó vyo mw’ishamba. Bitwibutsa ubumwe bwaranga ivyaremwe n’Imana. Ng’uyu Yezu, asubiyeyo, kandi ivy’ukugeragezwa bimaze guhera, abamalayika ngo baramwagereye, baramusukurira. Ng’uwo rero arasubije hamwe ivyaremwe vyose. Erega bavukanyi, mu gucumura, isi hamwe n’abayibako birahindana, tukahagorerwa. Ngo n’ibidukikije bikahahonera….Papa Fransisko ati « ni muze tubungabunge isi, yo burâro rusangi » (Laudato si).
Ivyo navyo ntibishoboka tutagize urukundo.
Twese (nako nivuge jewe gusa !), nama nabonye ko ataco nambariye, ko nambaye ubusa, iyo ncumuye. Ariko ngejeje aho honyene, notimamukwa, ngahunga, kuko ntoturukira mu nyonga z’Imana. Ariko nibutse ko Imana inkunda, ishaka ko nokira, ndaheza nkababazwa n’ukuntu nahemukiye urwo rukundo, nkagira nti, noja kwihamba (nako Izabuli y’136 ivuga ko aho tuja hose ukuboko kw’Imana kutatuvirira !), noba ngira nongereze umubabaro w’Umukunzi wanje : Imana. Ndaheza rero ngahaguruka, nkagira nti ndagiye, Imana inyuhagire, nsubire mu bumwe nayo. Urukundo rw’Imana ni rwo rukwegakwega umutima wacu, kuko waremewe gukunda n’ugukundwa. Ni vyo tuzirikana mu gisomwa ca kabiri : kubw’urupfu n’izuka vya Yezu Kristu, ubutore bw’Imana (inema) buradusāga, kuko busumvya ubukomezi urupfu twikwegeramwo. Ntidukwiye rero guta ukwizigira, kubera igicumuro cacu canke ivyo tubona abandi bakora, vyose birashoboka ku wemeye kugaruka ku Mukama. Ni ukwo kwizigira ko dukira dusanga mw’Izaburi ya 50 twitabirije Ijambo ry’Imana. Ni yo nyishu yacu iyo twacumuye, kuko ngo « igito gitabwa iwabo ».
Ukugeragezwa kwa Yezu : igipimo c’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira.
Yezu yarageragejwe mu buryo bwose. Kandi nk’uko abanditsi b’Inkuru Nziza babivuga, ukugeragezwa kwiwe ntikwamaze iyi misi 40 gusa, vyabaye ivy’ubuzima bwiwe bwose. Nk’uko bene Israyeli bageragejwe ku vyerekeye ivyo bafungura (Ihūngūka 16), bakageragezwa igihe basenga ishūri y’inzahabu (Ihūngūka 32,34) hamwe no mu kurondera ibitangaro vy’akamarampaka (Ihūngūka 17), Yezu asubiyemwo urwo rugendo bagize ngo atwereke ivyo twokwama twisunga mu buzima bwa misi yose. Sintangajwe na gato n’uko inyishu zose za Yezu ziva mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (8, 3 ; 6,13 ; 6, 16). Nta rundi rukiza dufise, ngire nti nta kandi « gasabiko » Yezu atweretse atari ukwama twibuka iry’Imana ituyagira. Ivyo navyo bica bidufasha kubaho neza mu mitigiri itatu igize imibereho n’imigenderanire yacu : agaciro duha ibintu (ivyo dufungura, amatungo…), ingene tubana n’abandi (Shetani iti : simba bose bagukomere amashi !) hamwe n’ingene dushira Imana mu kibanza ca mbere mu kuyipfukanira Yo nsa. Ngira ngo nari guhera kuri iki mperejeko !
Bavukanyi, ukugeragezwa nya kugeragezwa gufatiye ku kuntu twemera Imana, akaba ariyo itwihishurira yo nyene iyo ari yo. Tubirabiye hafi, aya mageragezwa yose ni aho afatiye. Shetani iti : gira ico ugize nyene, tubone ko uri Imana ; hindura iri buye ribe umukate ; simba abantu bose bajinjibuke ; akira kandi werekane ubukuru bwawe. Erega n’igihe yari ku musaraba, ni ko vyageze. Umwe muri vya bisuma ari : Ikure ku musaraba, wikize, natwe tubonereho ; abasikirikare bati : nawe nu nta mwami yopfa ukuri hano…ni waba uri Umwami, vyerekane, utuve mu minwe ; abakuru mu vy’ukwemera nabo bati ukaba uri Mesiya, erekana ko muri kumwe n’Imana (nk’uko bogize bati simba none !).
Uwokwumva ibi yogira ngo twebwe ntibitwerekeye. Iyo dusenga tuvuga duti : ntudutererane inyosha mbi, sinzi ivyo umwe wese yiyumvira. Ico mbona co, ni uko Imana ihora iradutungura, ikadutangaza kweli. Uwo Yezu atandika izina ryiwe mu kirere ngo bose baribone hanyuma bemere, uwo Yezu anareka abantu bakabamara babamuhora, mbega agenze ate ? Ubwo ntaho tuvuga nk’abari aho (Ivyabona vya Yehova), mu bihe vy’ingwano (muri za 94) bagira bati : « Mbega abantu b’Imana baroye hehe ? » Ariko ikibazo nticari ico ! Ikibazo nyaco bagira bati : uravye ivyo duhitiyemwo, mbega Imana yari hehe ?
Ikibazo rero ni twebwe, igihe cose dushatse ko Imana iba uko dushaka. Nivyo Shetani yashatse gutsindikira kuri Yezu, nivyo duhora tugira. Amageragezwa ya mbere rero, ni ugusaba Imana ngo ive mu gacererere irimwo, yiyerekane (isimbe iva kw’isunzu ry’igisengero). Kandi ivyo tubiravye, umwe wese hari ico yoba ahora asaba Imana, ati : wonkorera iki, emwe nanje nobikwereka basi. Tuba twibagiye ko ubwa mbere Imana iduhunda ivyiza vyayo, maze mu nyuma ikadusaba ko twoyizigira. Iyo habuze urukundo rero (kuko Shetani iryo jambo URUKUNDO ataryo izi !), haca itangura ivya « sekura ungurane », iti niwagira iki, nanje nca ndaguha iki. None ubwo turavye ntaho tubona mu buzima bwacu bwa misi yose hari ibisa n’ivyo ? Muri uru rugendo twatanguye ku wa 3 w’iminyota, dusabe cane cane ingabirano y’ukwemera ngo « dukurikire Yezu we Ndōngōzi y’ukwemera kwacu » (Raba mu vyibukiro vy’umuco).
Mukama, ni uduhe Mutima wawe atwame hafi kandi aduherekeze muri uru rugendo, kugira ngo dutsinde inyisha mbi zose. Dufashe twame dutega yompi kandi twibuka Ijambo rya Yezu, Umwana wawe, akaba n’Umuvukanyi wacu, We twizigiye ko azodushikana iwawe aho uvyagiye, tukakubona nk’uko uri, tukabana imyaka yose. Amen.