Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » Mukama, dukize uruhumyi rw’umutima ngo tubashe kubona ibibereye vyodukiza.

Mukama, dukize uruhumyi rw’umutima ngo tubashe kubona ibibereye vyodukiza.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Bavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro. Nkako, Pasika bisigura kujabuka. Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ni  ko Kristu yatsinze Shetani. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa butuA Lambertrindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana w’Ikarema ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Uyu musi rero araduhumura amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashake ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo tuzoshobora rero n’ugutegera ikimenyetso co ku musi w’Imana uza, aho azozura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.

Bavukanyi, Yezu amaze kuduhumura amaso, duca tubona ikibereye: ni vyo twumvise mu gisomwa ca mbere aho duhamagarirwa kugira « regard » nk’iy’Imana, tukabona ibintu nk’uko Imana ibibona, gutyo ntitube tukigendera ku vyo twiyumvira gusa. Umuhanuzi Samuweli yabanje kwisung ivyiyumviro vy’abantu, araba uburerbure, igihagararo, nk’uko natwe bihora bitubako tukarabira ku tuntu dutoduto: amazuru, ubugufi canke uburebure, akaryango, intara,…

Twavyumvise rero no mu Nkuru Nziza. Kenshi na kenshi, ivyo twiyumvira ntibitanga ubuzima, ntibitanga umuco. Aho kubona amagorwa ya muntu, ngo tugire ico tumumariye ngo nawe aronke agahengwe, dutangura kubaza isôko ry’iyo nabi. Ni nk’uko aho kuzimya inzu iriko irasha, twobanza kurondera uwayituriye, ngo tuze gutangura kuzimya twamufashe. Murumva ko vyoba bitugoye. Yezu we si uko agira. Arabonye uwo yavutse ari impumyi, atan’ico asavye, raba aciye amukiza. Ng’iyo inyigisho ya mbere aduhaye. Igihe cose hari uwukeneye ko tumurasanako, nk’abakristu, nta kindi duhamagariwe kuraba kiretse ubwo bukene bwiwe. Hari igihe twohava titwaza utu canke turiya, amamuko y’izo ngorane tukagira duti ni ivyo yikwegeye none ni abe arawota, canke nyene tukitwaza amamuko yiwe, ubwoko canke akaryango vyiwe, umugambwe n’ibindi bidusubiza hasi mw’iteka rya muntu twaremanywe n’Imana.

Bavukanyi, uru rugendo twatanguye ntirworoshe namba. Abatazi iyo baja bashobora kutubera intambamyi, bagatambika imitego imbere yacu ngo ntitubandanye urugendo, tukaba nka ba bandi bagira ngo « muntu wikoreye, tura tugabane, wanse bimeneke », ngo « hako naka aronka ntaronse, twopfuma tubura twese ».
Uwu muntu yakijijwe uruhumyi yashizwe mu rubanza incuro nyinshi, abamudedaguza batarondera kumenya imvo n’imvano y’ivyamubayeko ngo bemere, bategere hanyuma batere intâmbwé mu kwakira urukiza. Ntawuzi ico barondera.

Rabe namwe:
1. Ababanyi bagumye bamubazagiza ngo bamenye ingene vyamugendeye ariko nta ntâmbwé y’ukwemera bateye, kandi yababwiye ko ari Yezu yamukijije. Uwobiraba, yosanga na twe tutabuze ingendo isa n’iyo. Ko twama turiko turumva Ijambo ry’Imana, ubwo koko turitonderana umutima ushaka guhinduka? Nta bwo tuja gusenga ku musi w’Imana kuko ari ku w’Imana gusa ariko ata mugambi dufise wo gutera intâmbwé ngo duhinduke? Usanga tugira duti: emwe, umusaserdoti araho yasiguye pe! Twabaza ico yadusiguriye n’ico vyadusigaranye mu buzima, ugasanga ntaco twatahanye ariko dukunda kumwumviriza kuko kumbure afise ijwi ryiza, atunezereza uku canke kuriya, n’ibindi. Turonderera iki Yezu?

2. Bamujanye ku bafarizayo. Nabo nyene nta ntâmbwé bateye kandi bari bazi ivy’Imana. Aho kubona ko iry’Imana yatumye abahanuzi rirangutse kuko Mesiya yari uwoje akiza abantu uruhumyi, ubumuga,…. babonye ko Yezu ari umugumutsi ariko uno yahora ari impumyi yamubonyemwo umuhanuzi. Ubwo ga bavukanyi nta bwo tubona ko ibintu vyirabura kandi ku vy’ukuri vyera, tukabibona dutyo kubera vyavuye kwa kanaka tudahuza muri utu canke turiya? Ni vyaba bikimeze uko, dusabe Umukama adukize kuko n’urwo ni uruhumyi, kandi rugoye gusumba uruhumyi rw’amaso y’umubiri. Twibuke ko kwitiranya ineza n’inabi ari igicumuro kigoye, nka kimwe aba bafarizayo nyene bakora mu kuvuga ko Yezu akoreshwa na Beelzebuli, umukuru w’amashetani. Ni « akânkánzi » kajana mu gucumura kuri Mutima Mweranda, tugahava twiyugaranira mu nabi kuko dusigaye tuyitiranya n’ineza.

3. Abavyeyi biwe baratinye gushingira intahe ukuri, basha côba kuko batinye ko bobaca amasakramentu (mvuge nk’uko tubivuga ubu). Bagize bati: « hagupfa uyu musi wopfa ejo », bati « nta guhandwa ku rurimi ikirenge kiriho », bibagira ko « hakunirwa n’ijambo (igihe kwoba ari ukuri) wopfuma unigwa n’uwo uribwiye », kandi ko Abarundi bayamaze ngo « hākurāmba wōrāngwa ». None ga bavukanyi ubwo ntaho duhora ukuri tukuzi, ngo vyohava bidukwegera? Erega « ukuri kurazirwa, ubusa butaraza »! Duhitemwo rero kuzira ukuri canke ubusa, tutibagiye ko igihe twabatizwa twemeye gukurikira Yezu yapfuye kuko yanse guhemukira ukuri, ariko inyuma y’aho akazuka, agatsinda urupfu. Yezu ni we Kuri, ni we Nziza, kandi ni we Buzima nyabwo.

Abafarizayo bashimye kwigumira mu vyo basanzwe bazi, ariko ntibiyugururira Kristu kandi ari we ivyo bazirikana vyerekezako. Ntibemeye gukúra mu kwemera, ngo batere intâmbwé begera umuco. Bavukanyi, hari igihe tugira ngo ibintu turabibona, ngo nta gishasha twokura kwa kanaka, kuko vyose tuzi iyo biva n’iyo bija. Twemere dutere intâmbwé, n’aho nyene vyoduhungabanya, twemere Kristu atuje imbere, tujane i Yeruzalemu, dusangire nawe amabanga y’icungurwa ryacu, hanyuma urwo rukiza turushikirize abandi aho kubashira imitego imbere ngo tubure twese.

Turemeye kuguma duhanze amaso Kristu, we Ndōngōzi y’ukwemera kwacu, nk’uko rya jwi twumva ku w’Imana wa kabiri w’uru rugendo ryavuga?


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :