Bavukanyi,
Turabandanya rwa rugendo rw’Ikarema rudushikana kuri Pasika y’Umukama, kuri kwa kujabuka imanga y’umwijima n’igicumuro, tukajabuka tuva mu rupfu twerekeza mu buzima, ubwo nabwo tukabugana dufashijwe n’intambe dutera. Ni navyo ibisomwa vyeranda vy’uyu musi bitubwira, aho Abayahudi bamenyeshwa n’umuhanuzi Ezekieli ko bazosubira mu ngo zabo, bava iyo bari bangarijwe, mbere n’umwizero wabo ugahera. Kuri bo rero iryo ni nk’izuka. Kandi n’Inkuru Nziza yagarutse kuri iryo jambo : umuntu amaze mu cane mu cobo, ivyiwe vyaba vyarangiye.
Nk’uko tuvyibuka, ku w’Imana wa mbere twarabonye ko urwo rugendo rugoye kuko rurimwo amageragezwa aduhamagarira kugaragaza ukwemera, twisunze iryo twapfunditse n’Imana. Ku musi w’Imana ukurikira turibuka ko Yezu yaduhonjeje ku buninahazwa buturindiriye ngo ntiducike ivutu kuko iyo tuja ari heza kandi ari inzira ishika. Ku w’Imana ugira gatatu naho, turibuka ko yaduhaye amazi y’ukunywa, kuko nawe nyene azi ko urugendo ari rurerure, bigatuma tubura utuguvu two kurubandanya. Ku w’Imana ugira kane w’i Karema, yaraduhumuye amaso ngo tubone ikibereye, gutyo dushobore kumukurikira n’ukumushingira intahe n’imbere y’abamaze gutimbira mu kabi, badashaka kubona ineza, maze bakiyugaranira mu kwiyemera, ntibashaka ko hari n’umwe yobakura mu vyo bamenyereye. Gutyo turashobora rero n’ugutegera ikimenyetso co kuri uyu musi aho azura Lazaro, ngo atwereke ko n’urupfu ari urupfu rutamufiseko ijambo rya nyuma. Tuzoba rero twiteguriye kwinjirana nawe mu mabanga y’icungurwa ryacu dutangurana n’Idominika y’ukubabara kw’Umukama, ku musi w’Ibisandasanda.
Bavukanyi, turi ku rugendo rero, urugendo rw’ukwemera. Iyi Nkuru Nziza twasomewe igaruka kuri ico ciyumviro incuro 23 zose: hogi dusubire mu Buyudeha…. none ugira usubireyo?…uwugendagenda ku mutaga…. uwugenda mw’ijoro…. ngira ngende kumukangura…. hogi tuje kumuraba… ngo ashike…. hogi rero tuje kumuraba… Abayahudi bari baje kugandara…. Marita yacice aza kumusanganira. Murumva ko bose baticaye. Mbere na Lazaro, bavuze ko bamuhamburura, bagaca bamureka akagendagenda. Abagendagenda babwirizwa rero gushika iyo bariko baja. Aho naho tahumvise: « benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baca baramwemera. Bari baje kugandara, ariko ntibahereje ku marira, batahukanye ukwemera. Dutegere rero ivy’uru rugendo kuko rwerekeye ivy’ukwemera. Mbega wewe urugendo urimwo ruva he rukaja he? Ni urw’ukwemera? Uremera ko Imana yogukura muri ivyo urimwo, utabona iyo uva n’iy’uja nk’uko vyabaye ku Bayahudi canke izi mvukane zibiri zabuze musaza wabo?
Bavukanyi, batubwiye ko Yezu yegereye Bethania (Beith Aneiah), ni ukuvuga « inzu y’umukene ». Uwo nawe twamwumvise avugwa. Ni Lazaro, canke Eleazaro (El azar) ni ukuvuga : Imana irafasha, Imana ni igire impuhwe. Twese rero Lazaro araduserukira kuko twama dusaba ngo Imana itugwaneko, na cane cane mu bukene bw’ukwemera kwacu. Kira noneho, ibihe turimwo kw’isi kubera ikiza cazigirije isi (Coronavirus). Turakeneye ko Imana itugwanako pe! None muri Lazaro ni nde atiyumva? Ni nde yokwemeza ko ataco yumva akeneye ku Mana? Kera ni ho bavuga ko atawize yosubira kuja mu vy’ubujuju bw’ugusenga. Ni vyo? Hari n’abasenga batarubaka, bamaze kwubaka bakagira bati : ico narondera nararonse! Ni vyo?
Bavukanyi, uru rugendo turimwo rutujana ku kwemera kandi n’Ikarema nta yindi hangiro yogira atari iyo. Ni naco Yezu agarutseko mu gisabisho ati: « Dawe, ndagushimiye kuko wanyumviye….ariko mvuze uko kubera iri shengero rinkikije ngo babonereho KWEMERA ko ari we wantumye ». Bose rero barakeneye gutera iyo ntambwe.
Abatumwa ntibashaka kugira urwo rugendo, baratinye. Bamubwiye bati: ejo bundi bashatse kukwicisha amabuye none usubiyeyo? Bariko bavuga ku vy’ukuri bati « none dusubiranyeyo? »
Marita nawe nyene ntari kure y’abo. N’aho womengo aremera kuko agize ati: « iyo uba aha musanzanje ntiyari gupfa », hari urugendo ataragira. Mu nyuma aranka ko bakura ibuye ku mva, akagira ati: « aramaze kunuka », vyovuga biti: ntiwigore, akaba karabaye. Yezu ati: uribuka ivyo twavuganye kare? Bavukanyi, na twebwe ntihabuze ibibuye tugereka ku rugi rw’umutima wacu, bigatuma tugenda dusubiza ibirenge inyuma nka Marita, tukaja kwa Yezu ariko yagira ati ugurura, tukishura ko atacovamwo, duti naramaze kwiyakira, niko meze, nta kundi,… Umwe wese arabe ibuye ryugaye umutima wiwe.
N’abo Bayahudi ni uko: bagize urugendo baza kugandara ariko impinga iracari ndende. Umutima mwiza w’ugushigikira abandi barawufise, nk’uko natwe twavuye irya n’ino tuza gusenga kumwe n’abandi banyamuryango. Ariko bararira vyonyene, barariragurika. Muri bo mbere hari n’abagize bati: uwahumuye uwavutse ari impumyi (raba ku w’Imana uheze) yananiwe n’ukubuza uwo gupfa? » Hari intambwe bataratera. Hari intambwe tutaratera, ni twaba tugira duti: mbega ya Mana numva yagiriye abandi ibi na biriya yagiye he ko jewe umengo ntinyibuka. Ubwo turiteguriye kubandanya urugendo na Yezu? No mu rupfu nyene? (Ku w’Imana uza). Erega ukwemera kuraca no mu bigoye, kandi ubu turazi ko urwo rupfu rudafise ijambo rya nyuma ku wishimiye Umukama. Na twebwe bigora rero aradusabiye aha yiruhutsa.
Bavukanyi, irindi jambo twokura muri iyi Nkuru Nziza, ni uko twumvise ko Yezu adatwarwa n’ibishobisho ngo ni uko yumvise umukunzi wiwe agwaye. Mwumvise yaciye yihuta kugenda? Ariko imbere y’ivyo, iyo tugwaje twitura nde? Umupfumu? Imana? Ubwo ntiduca dutangura kwiyumvira uyu canke uwundi ngo yaturogeye umuntu? Iyo ubishize mu gisabisho naho ukabona biratevye uca wibaza ko atavyumvise? Twumvise ko Yezu aje ku musi ugira kane kandi babimubwiye ari nko ku bilometero bitatu gusa. Ico ashira imbere ni ishaka ry’Imana. Raba Yohani 4,34; 7,18; 8,29… None ubwo turarindira iry’Imana? Erega bavukanyi igihe c’Imana cama ari nyaco. Agize mbere ati « yapfuye kandi ndanezerewe ku bwanyu kuko atariho nari ndi kugira ngo mushobore kwemera ».
Egome cane bavukanyi, Yezu ntiyaje gukura ilibabaro yose kw’isi. Tubwirizwa guhangana nayo. Ntitwomera na Petero kuri wa musozi aho yagira ati: hano hatumereye neza none tuhace insago, akibagira abandi basigaye bahangayitse mu kabande (uw’Imana wa kabiri w’Ikarema). Yezu yaje kudufasha guha intumbero nshasha n’ivyo nyene bitugora. Ni co gituma n’urupfu ataruhunze, ariko yaratweretse ko na rwo nyene rutidutera ubwoba gushika aho duta ubwoko.
Ni co cigwa twokura mu gisomwa ca mbere: Imana yararetse ko igihugu cayo caciye mu bitaroranye kijanwa mu buja. Mu nyuma yarabahaye umwizero iciye ku muhanuzi Ezekiyeli. Iti: » mwana w’umuntu, ayo magufa aracasubira kubaho? » Nawe ati : »ni we wobimenya ». Mu yandi majambo twogize duti: ko umengo ntacoba kikivamwo? Tukiyishura duti: n’ibidashobokera abana b’abantu, imbere yawe birashoboka.
Bavukanyi
Umukama ntatwibagira. Ngo asanze abandi barira, bavuza induru (klaiein), nawe bimwanka mu nda, ararira, asimbwa n’umutima. Yohani atubwiye ko akoroye amosozi (dakruein), ariko nta nduru avugije. Nkako, ugukiza urupfu Lazaro bizonyarutsa ingingo y’ukumwica nawe nyene. Bivuga ko mu kudukiza ibiduhanamiye, Yezu yemera gupfa, kudupfira. Biragoye. Ni naco kimusimbisha umutima. Erega ni Imana, ariko ni umuntu (Raba Turirimbire Umukama H1). Aratwigisha rero ko ibitugora nawe abizi. Ukumwemera biduha ubuzima kuko yashimye gusangira natwe ibitugora ngo ntidutunguruke umutima, ngo tuvuze induru. Ariko ukurira si bibi, ntiyotuma twigirisha.
Gutyo rero turi kumwe na we, tugana heza. Na Lazaro aho bamuhambururiye, yaciye asangira nawe. Ahereje ku meza na Yezu (Raba Yohani 12,2). None ibitugora biratwegereza Imana?