Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Actu-Analyse » Inzira z’ámahóro: « va hāsí, umanúkane inzira…. »

Inzira z’ámahóro: « va hāsí, umanúkane inzira…. »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Suivre JésusMw’Ijambo ry’Imana ry’uyu musi twumvamwo ibi mu gisomwa ca mbere:
« (….) Umumarayika w’Umukama yabonekeye Filipo amubwira ati: «Va hasi, umanukane inzira iva i Yeruzalemu ija i Gaza, uzoyibona ica mu gahinga.» Filipo aragenda. Ashitseyo ngo agire atya, abona Umunyetiyopiya umwe, umukuru akorera umwamikazi wa Etiyopiya amurabira itunga ryiwe ryose: yari avuye gusenga i Yeruzalemu, yisubirira iwe, agendera ku kigwingwiri ciwe. Inzira yose yagenda arasoma ivyanditswe n’umuhanuzi Izaya. Muri ico gihe, Mutima Mweranda abwira Filipo ati: «Tera imbere, uhagarare imbere ya kirya kigwingwiri.»(…)
Muri iyi misi ya Pasika, turiko tuzirikana Ijambo ry’Imana riguma rigaruka ku vy’Inzira.
– Abigishwa b’i Emausi bari mu nzira, bava i Yeruzalemu bataha iwabo kuko uwo bari bizigiye yari yahejeje nabi;
– Aho Umudiyakoni Sitefano Mweranda agandaguriwe, abigishwa baciye bashwiragira, Umudiyakoni Filipo ejo twamubonye yigisha muri Samariya

– Uyu musi uwo Mudiyakoni tumubonye afata inzira yerekeza i Gaza
– aho bukera, Sauli azofata akayira aja i Damasi, maze Yezu amubonekere, amuhindure, amugira Umutumwa w’amakungu. Guhera ubwo azokwama ku nzira, agenda yigisha yongera ashinga ama-ekleziya irya n’ino
– n’ahandi hatari hake….
 
None ivyo vy’inzira bidufashe iki? Tuvuge bikeyi:
Jésus, Voie, Vie, Vérité1. Abigishwa ba Yezu babanje kwitwa « Abakurikiye Inzira » (Raba Ibik. vy’Abatumwa 24,14) imbere y’ukwitwa abakristu. Kandi turazi ko Yezu yivugiye ko ari we « Nzira, Ukuri n’Ubuzima » (Raba Yohani 14,6) nk’uko tuzovyumva muri iyi misi.
2. Abo twumvise bafashe akayira, bagenda bayaga ivyiza, basangira ijambo n’urugendo, kandi baravyungukiyemwo. Duhereye ku bigishwa b’i Emausi bari bataye umwizero n’akanyamuneza, twarumvise ko bemeye gusangira ijambo n’urugendo n’uwo batazi, bakavyungukiramwo kuko basanze bagedanye na Kristu, Jambo w’Imana akaba ari we Mahoro yacu. « Nkako nyene, ni we mahoro yacu, we yatumye iyo migwi ibiri icika umwe, mu gusamburira mu mubiri wiwe rwa ruhome rwayitandukanya, ari rwo rwanko » (Raba Abanyefezi 2,14). Iyo nzira y’abaviriyemwo akanyamuneza, ibaha n’ingoga zo kumenyesha Kristu yazutse kuko baciye basubira i Yeruzalemu kayaga ivyo vyiza kandi ubwa mbere bagira ngo burije.
Ejo twarumvise ko Abanyasamariya bari mu kanyamuneza, mu kwakira inyigisho y’Umudiyakoni Filipo. N’uyu musi twumvise ko muny’Etiyopiya atasha yuzuye akanyamuneza, kuko yari ahejeje kubatizwa.
3. Ejo twumvise Umudiyakoni Filipo yigisha muri Samariya. Yamaze gusa na Shebuja kuko atakivangura amoko n’intara mu gutanga ivyiza vy’Imana. Twibuke ko Abayuda n’Abanyasamariya batagenderanira, ntibahana amazi (Raba Yohani 4,7-11). N’igihe Yezu yariko aja i Yeruzalemu, agashaka guca muri Samariya, barabimwankiye, bituma mbere n’abatumwa bashaka ko abo bantu botikizwa n’umuriro (Raba Luka 9,51-55).
Uyu musi naho twumwumvise yigisha Umunya-Afrika, umuny’Etiyopiya).
Inyigisho zimwe zimwe twokuramwo, na cane cane muri iyi misi turi mu bihe vy’amatora mu Burundi bwacu.
1. Abakristu, twotegera ko ugusangira urugendo n’abandi bitaduhomvya na gato. Biratwungura vyinshi. Nkako, Imana yaduhaye isi, yaduhaye Uburundi ngo budutunge kandi twese. Ugusangira urugendo, ugusangira Ijambo, ni ingendo iranga uwamenye Kristu.
2. Inzira dufise zose zibwirizwa kuba inzira z’amahoro. Ntizikiri Inzira ziva i Yeruzalemu zija i Emausi, i Gaza, n’ahandi. Ni inzira ziva aho dusengera, aho dukorera utu na turiya… zikagenda zigana abandi. Twitwararike ko ziba inzira z’amahoro aho dusangira urugendo tuyaga ivyiza, twipfurizanya amahoro. Ntibibereye ko izo nzira ziba izo gutegana imitego, ngo abantu bashamirane, bakomeretsanye, bicane.
Muri iyi misi hari abashushe imitwe mu mahiganwa y’ibibanza vya Politike, abakristu twoba abambere batanga akarorero mu kuba abanyamahoro, abantu bahumuriza abandi, abantu baremesha amahoro. Inyuma y’amatora azoshira mu bibanza abantu bake cane bariko babihiganirwa, izindi miliyoni nyinshi z’abazokwitaba amatora, tuzoguma tubana. Twibuke ko « uheza kugoka ibigori bikera ».
3. Ivyiza vy’Imana vyagenewe bose. Iyi Ekleziya yo mu misi ya mbere yiyerekanye nk’iyihamagariwe gushikiriza urukiza bose: Abayuda, Abanyasamariya, Abanyafrika,….). Ni ivy’ukuri basanzajwe n’uruhamo, ariko babaye nka ba Barundi bagira bati: « uko naguye mvuga ni kwo mvyuka mvuga ». Barahamwe kubera izina rya Yezu, ariko iyo bahungiye bagumye bamenyesha ivya Yezu Kristu, yapfuye akazuka ngo asubize hamwa abantu n’Imana, yongere abungire ubumwe hagati yabo.
Twebwe rero twahisemwo gukurikira iyo NZIRA, Inzira y’Amahoro, Inzira y’Ubuzima, Inzira y’ukunywanisha abantu n’abandi, ntitwoba aba mbere bavangura abantu n’abandi, abantu binubana ngo ni uko tudasangiye ivyiyumviro, imigambwe, intara n’uturêré, n’ibindi abantu bitwaza ngo ntibasangire ivyiza vy’Imana.
Nkako, Pasika duhimbaza isigura ukujabuka, ugusimba imanga. Izo manga nazo ni izo zitandukanya abantu n’abandi, ni izo mpome zigabura abantu n’abandi.
Twihetse kuri Kristu, tumurikiwe n’Ijambo ryiwe, tugakomezwa n’Ukaristiya, n’ibindi vyiza tuvoma i Bukama, n’iki gihe c’amatora turashobora kukibamwo neza.
Tugire Kristu.

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :