Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » « Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko ». Ukuja kwa Data tuvyitegurira tukiri hano kw’isi.

« Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko ». Ukuja kwa Data tuvyitegurira tukiri hano kw’isi.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IMG_20170415_232932 Bavukanyi,
Turabandanya kwigina intsinzi ya Pasika, twashikanweko na Kristu Yezu, mu rupfu n’izuka vyiwe, ivyo navyo bigakomeza umuryango w’abemera mu kubungira ubumwe n’ab’ijuru, hamwe n’ukwungira ubumwe abantu n’abandi. Kukaba nkako, Kristu Mahoro yacu, ni we yasenyuye rwa ruhome rwatanya abantu n’abandi. Abamutoyeko iragi nabo bagaheza bakagera ikirenge cabo mu ciwe mu kwegeranya abantu n’abandi. Nta Mugreki rero, nta Muyahudi…. Aha iwacu twari kugira duti : nta Mutwa, nta Mututsi, nta Muhutu, nta w’aha canke uwahariya.

Ugutorera inyishu ibibazo vyacu.

Nk’uko twavyumvise mu gisomwa ca mbere, ahari abantu hama urunturuntu. Wa muryango w’abakristu ba mbere Umwanditsi Luka yatwereka ko wari ushize umutima hamwe, ng’utu utugorane turadutse. Ngo hari abidodombera abandi, ngo abapfakazi babo ntibitaweho neza. Abo Bagreki ntibabura kwibaza bati: ubwo abacu ntibarabwa irarari kubera twahora turi abapagani? Ubwo ntibaduhora amamuko yacu?

Bavukanyi, mu vyo twumvise, Petero aratwigisha ibintu bine twogenderako iyo hagize ikigorana mu mibano y’abantu:
1. Ukwihweza neza ibituma abantu bidodomba. Abarundi bati : »urukurukuru ni yo nkuru ». Kenshi na kenshi twokwumva ibintu, cane cane bivuye ku bantu bato bato, tukabikengera. Petero ntiyaravye ngo bivuye mu bakristu bashasha, Abagreki, yarafashe mu minwe ico kibazo, arabona ko bibereye ko cokwigwa n’abanyamuryango. Natwe twige kwumviriza abandi, abashaka guserura ivyiyumviro vyabo, mbere n’aho twoba twibaza ko bihenda, tubumvirize, hanyuma tubereke aho bihendera, gutyo dusangire urugendo dufise umutima umwe.

2. Ugukoranya abagize umuryango bose ngo ikibazo cigirwe mu muryango mu gusangira ijambo n’ingendo. Nta gusahaka gutora umuti w’ingorane abantu barimwo ariko utaravye uruhara rwabo. Hati igihe twohava dufatwa n’ubwishime, tukibwira ko twotora umuti w’ingorane kubera ubwenge bwacu, ugasanga turiko dufata akajiginya abantu mu kubanywesha umuti ataruhara bagize mu kuvunja ishamba ngo tuwahire hamwe, maze uwuri n’ico ategera akereka abandi akayira muri iryo shamba ryokwahwamwo uwo muti. Tumenyere rero gushira ivyiyumviro hamwe. Tuvyakire nk’ingendo ruktristu tuvoma mw’Ijambo ry’Imana, nakare ngo « ibigiye inama bigira Imana ».

3. Uguha agaciro umw’umwe wese mu vyo ashoboye, kubw’ingabirano yahawe n’Imana. Petero yabwiye abo yari yakoranije ati: « nimwitorere muri mwebwe abantu indwi b’imigenzo myiza, buzuye Mutima Mweranda n’ubwitonzi… » Bavukanyi, iri jambo riri n’ico ryotwunganira muri iyi misi turimo iwacu i Burundi, mu kivi turiko twumviriza imigambi y’aba na bariya bariko bahiganirwa kurōngōra igihugu cacu ku nzego zitandukanye. Kw’iteka n’ubwenge Imana yaduhaye, ntawokwemera ko bamuhomekako uwumutunganiriza ivy’ubuzima bwa misi yose, abanje kwakwa ijambo. Nk’Abakristu, duhamagariwe kwubahana, umwe wese agashingwa ico afitiye ubushobozi n’ingabirano, kuko twese tutokora bimwe, tutoshobira vyose. Ikindi, ni uko twokwubahiriza iteka n’uburenganzira bwa muntu, mu kumureka agashikiriza ico yiyumvira mu gutora ata musunikano, uwurushijwe agashira aho intahe ishize.

4. Ijambo ry’Imana n’ukumenyesha inkuru nziza bigumana ikibanza ca mbere. Kugira ngo ivyo vyose tuvuze bigire aho bidushikanye, intumbero tuyivoma mw’Ijambo ry’Imana. Duhamagariwe rero gutega yompi abaduha umuco w’Imana, ngo utyorore imitima n’ivyiyumviro vyacu, kenshi usanga vyarakomerekejwe n’ivyo twabayemwo mu buzima bwa misi yose. Duhamagariwe kubashigikira n’ukubasabira kugira ngo ubwo butumwa bw’ukutuboneshereza baburaángūre neza, bisunga Kristu nyene, we Mwungere mwiza yipfuza ko twese twotekanirwa, maze ijuru yaduteguriye,dutangure kuribamwo aha nyene, mu mibereho yacu misi yose. Ukuzirikana n’ugusabikanya iryo Jambo ry’Imana mu mibano yacu bidufashe kwama twisunga ishaka ry’Imana mu vyo dukora vyose.

« …mube ubusaserdoti bweranda mu guhereza amashikanwa ashimisha Imana ku bwa Yezu Kristu. »

Jésus, Voie, Vie, VéritéBavukanyi, ku bw’ibatisimu twaronse, twavukanye na Kristu, we yamye ari Umusaserdoti, Umuhanuzi n’Umwami. Ni vyo Petero Mweranda atwibukije ati : « muri indanga zitorewe n’Imana, musangiye Ubusaserdoti na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzweko ubweranda… ». Kubera ivyo rero, twese turashobozwa nz Kristu guhereza amashikanwa asmisha Imana. Ku bw’ubusaserdoti rusangi, umwe wese arihereza, agahereza umutima wiwe, ubuzima bwiwe, n’ibibugize, akabicisha mu minwe ya Kristu, Umusaserdoti Mukuru, ngo bihinduke inkuka itagira agahonzi ishobora kurenguka kuri Altari Nyeranda y’Imana. Ni naco bivuga igihe cose dusozera igisabisho cacu nk’Abakristu tugira duti: « ku bwa Kristu, Umukama wacu ».

Kugira tubishikeko, Inama Nkuru y’Ekleziya yabereye i Vatikano ubugira kabiri (Vatican II) iraduha intumbero zibiri: kwihereza rwose Kristu ngo yiganzire ubuzima bwacu, hamwe rero n’ukwitwararika ivyo dushinzwe mu buzima bwa misi yose, tumurikiwe na Kristu nyene. Izo nyifato bavukanyi ntizisamburana, zirunganiranira. Twohava twibaza ko kuja mu mugambwe, guhiganwa n’abandi, kuja mu mashirahamwe aharanira iteka n’inyungu za bene yo, kudandanza,….vyohava bitanywana n’ingendo y’Abakristu. Haba namba.

Pawulo Mweranda ati: « ivyo mukora vyose, murabikore kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu » (Abanyakolosi 3,17), ati :« iyo munywa canke iyo mukora ikindi ic’ari co cose, ni mukore vyose kugira ngo muninahaze Imana » (1Abanyakorenti 10,31)
Ivy’Imana yaremye, ni vyo yacunguye, na twe iduhamagarira kwifatanya na yo mu kubitunganya. Na none, « ibiremwa vyose birindiranye igishika cinshi igihe Ilana izokwerekanira abana bayo…. birizigiye na vyo nyene ko bizokira bwa buja bw’ibibora ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana »., (Abanyaroma 8,19-21)kandi muri Kristu, We vyose vyamukako, Imana « yashimye kwuzuza vyose na We ngo birore kuri We, ivyo kw’isi n’ivyo mw’ijuru, mu kubizanira amahoro ku bw’amaraso yasheshe ku musaraba wiwe » (Abanyakolosi 1,20).

Ku bw’ukuvukana na Kristu rero we musaserdoti mukuru, twese, cane cane abakristu-balayike, duhamagariwe gukora ngo duteze imbere isi n’ibiri kuri yo, munmirimo yacu yose, hanyuma tubihereze Imana mu kubicisha mu minwe ya Kristu kugira abityorore, bibe ishikanwa rizima rihimbara Imana. Ivyiza vy’ijuru rero Pawulo avuga (Abanyakolosi 3,1), ni ivyo vyose vyacungujwe amaraso y’igiciro ntangere ya Kristu, bikinjizwa mu ntumbero nshasha, kugira ntibibe bikituremera ngo bitubuze gushikira ijuru, ahubwo tuvyifashishe, nari bwavuge nti « tubihagarareko »ngo dushike mw’ijuru. Bwa busaserdoti dusangiye na Kristu bufatiye aho kandi butwerekeza aho nyene.

Ni uko twiheka kuri Kristu, we Nzira, Ukuri n’Ubuzima ngo dushikire Data, iyo yagiye kudutegurira ikibanza.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi