Bavukanyi,
Turiko turegereza igihe ca Pentekoti, umuzi wa Mutima Mweranda ku bemera Yezu Kristu, bakamukunda kandi bakamugamburukira. Ico gihe catanguye aho Yezu Kristu aviriye kw’isi, gutyo akadusigarana twebwe abiwe ubutumwa bw’ugushingira intahe ukuri. Ukwo kuri na kwo turazi ko ari We nyene, nk’uko twabizirikanye ku musi w’Imana aho yatubwira ati : »Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima ». Ico gihe rero carashitse, tukirimwo mu buzima bwa misi yose. Igitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa tasomewemwo igisomwa ca mbere, kitwereka iki gihe ca Mutima. Nkako, imbere y’uko Kristu Yezu aza kw’isi, tocita igihe ca Data, imyaka yamaze nayo yigisha Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana tukacita igihe ca Mwana, iki gihe turimwo naco kikaba igihe ca Mutima yikorera muri Ekleziya ngo abantu baronke urukiza. Duhamagariwe rero kubaho nk’abari kumwe na Mutima wa Data na Mwana, tugashingira intahe ukuri.
« Ni mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero »
Bavukanyi, imisi ya mbere y’Ekleziya ntiyari yoroshe namba. Uruhamo rwateye rwatumye abakristu ba mbere bashwiragira, ariko bakagira bati : »uko twaguye tuvuga ni kwo tuvyuka tuvuga », iyo bashitse bakabandanya gushingira intahe izuka rya Kristu, batavanguye abantu n’abandi kuko bari barategereye ko mu rupfu n’izuka vyiwe, Kristu yasenyuye rwa ruhome rwatanya abantu n’abandi. Uyu musi turumvise umudiyakoni Filipo ko ageze muri Samariya. Yahunze igihe hiciwe umudiyakoni Sitefano, ume muri bamwe ndwi twumva batowe ku musi w’Imana. Ng’uyo asigaye yigenza nka Shebuja Yezu, kuko ariko yigisha muri Samariya, kandi avuye i Yeruzalemu. Twibuke ko mbere, abo bantu batagenderanira (Raba Yohani). Mbere turibuka ko igihe Yezu yariko aja i Yeruzalemu agashaka guca muri Samariya, abantu baho bamwankiye kuhaca kubera agiye i Yeruzalemu, gushika n’aho bamwe mu bigishwa biwe bamusaba ko yobareka bagahimiriza umuriro ngo ubarigite (Raba Luka 10).
Uwo Kristu yapfuye akazuka, ni na we ahaye abanyasamariya umutima w’ukwakira n’ukwumviriza Filipo kuko twumvise ko igisagara cose cari mu kanyamuneza. Izuka rya Kristu ryavukanishijr abantu. Mbega ubwo turakira iry’ab’Imana batubwira? Turemera ko urupfu n’izuka vya Kristu vyatuvukanishije, tugasigara tuvuga tutabudeha duti « Dawe wa twese » ata n’umwe dukuyemwo »? Bavukanyi, ukuri kwa mbere twoshingira intahe, ni uko twese tuvukana, ko dusangiye umuvyeyi. Ababitegereye, barabatijwe, ngo bavukane na Kristu Yezu. Twumvise ko mu nyuma yaho, Petero na Yohani babasabiye Mutima Mweranda, bakabubikako ibiganza, bagakomezwa nk’uko natwe twakomejwe ngo dushingire intahe Kristu Yezu. Ng’iryo ishimikiro rya ya masakramentu twese twahawe ngo tubeho nk’abamenye Kristu: ibatisimu, Ugukomezwa muri Mutima Mweranda biheza bikaza biragaburirwa n’Ukaristiya, turonka twavyiteguriye.
Abamaze kuronka Mutima Mweranda, baraheza bakivako, bagasokoroka nk’uko twavyumvise. Aba bakristu ba mbere bakomejwe na Mutima, umwe Yezu yabemerera igihe yagira ati : « muzoronka ubukomezi bwa Mutima Mweranda, muce muja kumbera ivyabona hose, i Yeruzalemu, mu Buyuda no muri Samariya » (Ibik. vy’Abatumwa 1,8). Natwe rero uyu musi Petero adutumiriye gusohoka kandi tukama dufise ico twishura kuko ari Mutima azodushigikira. Papa Fransisko ni we adutumirira gushira ubwoba kuko agira ati « yopfuma abona vyatugoye mu butumwa twagiye gukora hako tuguma tujunje mu nzu dutinya ko hari ico twohava tuba ». Abarundi bati : « hakunigwa n’ijambo…. », « ukuri kurazirwa ubusa butaraza ».
None ubwo butumwa tuzobukora dute?
« Ni mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero »
Biratomoye. Ugushingira intahe Kristu n’aho bigoye, birashoboka. N’aho tutogendana igitabu c’Ijambo ry’Imana ngo tugende turarisigurira bose, Petero adusavye kugira imigenzo myiza. Yongeyeko ati : mwopfuma mubabara muhorwa iciza.
Egome cane, uruhamo ntirwobura, n’aho batodufatirako inkoho canke inkota. Ubuzima bwisunga Inkuru Nziza ntibushobora kwama butekanye. Nkako, iyo dushingiye intahe ukuri muri iyi si yuzuye ikinyoma, iyo duhisemwo kugendera urukundo rudacagura (amoko, intara, imigambwe, ubutunzi canke ubukene…) hagati y’abantu banyengeterewe n’amacakubiri bacisha utwo bahereza inda zabo (kuko ata n’ikindi gituma abantu bacanamwo), iyo dushimye kuba mu bintu bitonze, bizira amanyanga, tugatunganiriza abo tujejwe tutondeye gupfumbatishwa, ubuzima bwacu buca butangura gutera gutera ikibazo mu kibano. Iyo tudashimye gutwarwa n’ibihuhusi vyose bihuhuta, ngo tugire duti : ubu ni ko bimeze, ni ko bipanze, abantu baca baduhanahana, gushika n’aho twogirirwa nabi kuko ubuzima bwacu buca buba nk’icagiriziri kuri abo bantu. Petero atubwiye ati « Ni mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero », turonke ico twishura abo batubaza igituma tutigenza nka bo.
« Ni mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero »
Egome cane, umwizero wacu ushingiye kuri Kristu Yezu twemeye kandi dukunda, tugamburukira. Ariko ntivyoroshe. Twavyumvise no ku batumwa. Aho Yezu atanguriye kubategura, abasezera, baragize ubwoba, bati mbega ba bantu bahora bahangana na we tuzobakira? Uyu musi, Yezu, atwemereye ko atazodusiga twenyene, turi impfuvyi. Ariko hari igihe twifata nk’impfuvyi. Kubera twese twumva tunyotewe ukwishira n’ukwizana, hamwe twumva ko atawuduhagaze ku gakanu, hari igihe twitiranya ibintu n’ibindi tugaca twibaza ko atawoba akigira ico aduhanura. Tukaba nk’abadafise abavyeyi canke abaryango, tukaba ba nyamwigendako, ivyo dukora tugapfa kubita mu rudubi atan’uwo duhanuje. None wumva uri impfuvyi canke urafise abakuba hafi?
Aratwemereye umutabazi, Mutima w’Ukuri adufasha mu rubanza twamamwo duhanganye n’isi iyo dushimye kugendera amabwirizwa y’Umukama. Yezu yatubwiye ati : » nta kindi canzanye atari ukugira nshingire intahe ukuri, kandi uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje » (Yohani 18,37). Ivyo yabivuze ari mu ntahe kwa Pilato. Mbega urwo rubanza rwaraheze?
« Ni mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero »
Bavukanyi, urwo rubanza ruracabandanya, rukabandaniriza muri jewe, muri wewe. Uyu musi Yezu atubwiye ati : « nimwankunda, mukangamburukira, muzotegera ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe ». Ko turi mu rubanza rero kandi azi, atwemereye umutabazi, umu Avocat ngo adushigikire, atuburanire.
Kugira ngo tumushingire intahe, adusavye kumukunda n’ukurangura amabwirizwa yiwe. Nkako, urukundo rurafatanye n’ubugamburutsi. Iyo ukunda umuntu, wama witwararika kurangura ivyomushimisha, kandi ata gahato, ugahindura n’ama programmes wari ufise ngo muhuze n’ivyo ashaka. None ubwo butumwa turabwakiriye?
Dusabiranire kugira ngo tubishitse.