Bavukanyi
Uyu musi mukuru cane wa Pentikoti, aho duhimbaza igihe Mutima wa Data na Mwana yaza ku batumwa, ni umusi w’ugukengurukira Imana kuri iyo ngabirano yayo ihambaye, kuko kwemera n’ukwakira Mutima Mweranda ari ukwakira Imana nyene. Na kare tuvuga duti : « Nemera kandi Mutima Mweranda Umukama, ari we Sôko ry’ubuzima, akomoka kuri Data na Mwana. Arasanegwa kandi araninahazwa nk’uko bigirirwa Data na Mwana. Ni we yavugiye mu bahanuzi ».
Egome cane bavukanyi, Pentikoti ni umusi mukuru w’ugukenguruka. Nkako nyene, na kera Pentikoti y’Abayuda, wari umusi ugira 50 havuye Pasika yabo, maze bagakorana ngo bahereze Imana mu vyērakare (les prémices), gutyo bakerekana ko Imana ari yo bakesha imihezagiro, ukuramuka n’ukuramba, bakaririmba izabuli ya 66(67) bati: « isi yaratanze ivyimburwa vyayo, Umukama Imana yacu yaraduhezagiye ». Nkako nyene, iyo si ni intoranwa bari bararaganiwe n’Imana igihe bunga ubumwe kuri Sinayi, Imana ikababwira iti : nimwayoboka amateka y’aya masezerano, nzobagabira igihugu aho muzobaho neza, ndabahezagira.
Uyu musi natwe bavukanyi, twemere Imana iduhe ubuzima, kandi twige kubukenguruka, tuyikengurukira no mu vyo yaduhaye nyene. Dukenguruke uwo Mutima duhabwa we Sôko ry’ubuzima. Egome cane, ivy’Imana yagize ni agatangaza. Raba Mutima w’Imana, no mu bwuzure bushasha, aje kuri uwo musi banasznzwe bibuka amategeko n’amateka basangiye n’Imana, gutyo tugategera twe nabo ko Mutima aje ngo atubefe itegeko rishasha ry’imitima yacu, ry’ubuzima bwacu, twaryubaha tukaronka ubuzima, tukaronka imihezagiro, tukama dukengurukira Imana. Igihe twoba tutubahiriza amabwirizwa y’Imana, n’ivyo twogira ngo ni imihezagiro vyōyōka tubona, tukabibura aho twabibonye.
« Twese twumva bahaya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana »
None uwo Mutima w’Imana abakristu ba mbere, abatumwa, bamuronse gute?
Nk’uko twavyumvise mu Nkuru Nziza, ngo Yezu yarabahûshe, ababwira ati: »nimuronke Mutima Mweranda ». Mu kugira atyo, ubwa mbere yemeje ko nawe nyene ari Imana nka Data, kuko igihe yarema umuntu, yamuhuhiyemwo impwemu, uno aca aba muzima (Amamuko 2,7). Na Yohani yakoresheje ijambo ryaranze ico gikorwa. Ikiva muri izo mpwemu z’Imana rero, ni ubuzima. Mu kubahuha, Yezu abahaye ubuzima. Ni irema rishasha kuko isabato yaraye ihavuye. Ngo hari ku mugoroba w’umusi wa mbere w’indwi. Irema rishasha rivyaye abantu bashasha, umuryango mushasha w’aab’Imana, bavutse kuko bari bakoraniye hamwe. Turazi n’uko katavye kaba n’akamenyero ko gukorana ku musi wa mbere w’indwi, isabato yaraye ihavuye. Abaremwe gushasha twese, turakorana ku lusi wa mbere w’indwi, isabato yaraye ihavuye, ngo tuninahaze Imana, twakire imihezagiro yayo, kandi turonke n’intumbero y’ubuzima bwo muri iyo ndwi tuba dutanguye. None ubwo twese turabibangukamwo, ngo tuze aho abandi bakoranira kuri uwo musi, ngo Imana itureme, iduhezagire? Canke tubigira biduhaye akanya, kuko ata kindi kidufatiriye, canke ata kundi turi bugire kuko haba hakiri kare, amasaha y’ukuja guteramira aho abandi bari ataragera, gutyo rero tugahitana misa! Bavukanyi, iyi Pentikoti iduhe umuvuduko mushasha ngo ntitwirengagize iryo sango rihambaye.
Ubwa kabiri, mu guhūha abatumwa, Yezu yemeje ko ari we Músa mushasha, gutyo abasangiza Mutima wiwe. No mu gihe ciwe, Musa yakoranije abagabo 70 mu bakurambere b’igihugu, Umukama Imana yākīra kuri Mutima wayo yari yashize kuri Musq, amushira kuri ba bagabo 70, baca batangura kuvuga ka buhanuzi. Mbere na Elidadi na Medadi batari bitavye iryo koraniro, ni uko vyabagendeye. (Raba Iharūra 11,25-30). Ni navyo rero twumvisd mu gisomwa ca mbere, ko abaronse Mutima baciye batangura kuyāga ivyiza vy’Imana.
« Twese twumva bahaya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana »
Bavukanyi,
Uwu Mutima abatumwa baronse yabaye Mutima w’Ubutwari (Abanyaroma 8,14-17) kuko abari biyugaranye ku gutinya Abayuda, ng’aba barashize ubwoba, bagiye ahabona, batanguye kuvugira Imana. Ni ivy’ukuri bavukanyi, aho Mutima w’Imana atari, abantu barakanya, bagatinyabkuvuga ico bazi, ariko cane cane bakabura amahoro, abantu bagatinyana, mbere bagateba baja kwāka indaro mu bwami bw’íbikôkó, kugutinya abantu nka bo.
Aho abatumwa baronkeye Mutima Mweranda, ng’aba baciye batangura(nwa) kuyaga ivy’Imana, kandi n’abari aho umwe wese akavyumva adakumiriwe, umwe wese akiyumva mu rurimi no mu karānga kiwe. Batudondaguriye intara 12, mbere harimwo n’izo muri Afrika. None twebwe twarakiriye Mutima w’ubutwari? Ntidutinya abandi? Canke ntabadutinya? Ntidutinya gushikiriza icontwiyumvira, tukabanza kuraba irya n’ino?
Bavukanyi, kumwe n’abatumwa biwe, Yezu ashimye kuduha amahoro, ngo adukure muri ako gaheza kugaranira abantu mu nabi, muri ubwo bwoba dutera abandi canke abandi badutera. Yezu aduhamagariye kwegeranya abantu n’abandi. Adutumye nk’uko Se yamutumye, adutumye kubohra abantu, adutumye kwegeranya abantu. Nk’abaherutse gutorwa muri mwebwe ngo baje imbere abandi, abarungitse kwegeranya abantu, abarungitse ngo baremeshe amahoro Yezu abihereye, abarungitse kwubahura abantu ngo bave mu bwoba, bashikirize ico biyumvira, bashingire intahe ukuri n’umuvukano, nk’uko twumvise aba bava mu ntara z’irya n’ino umwe wese yiyumva ko Imana nawe imugendeye mu ruririmi no mu mico yiwe. Nta w’i Medi, Mezopotamiya canke ahandi, nta bumanuko nta buraruko canke ubuseruko n’uburengero, twese twagize Umuryāngo umwe.
« Mushire hamwe dushemeze Umukama, duhwanire guhaya izina ryiwe. Umvirize murabe ingene Umukama ari mwiza »(Zabuli 33)
« Twese twumva bahaya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana »
Bavukanyi,
Iyi Pentikoti ni iduhe gushira hamwe, aho guhwanira kwidoga n’ugupfundika imigambi mibi, yotera ubwoba aba canke bariya, bakama bikeka ngo ko aba canke barya bakoranye ni ukumera amagabo, iyi Pentikoti idufashe gushira hamwe dushemeza Umukama. Aha iwacu i Burundi, mbere no mu karere tubayemwo, turakeneye urwo ruririmi rw’ab’Imana, rwodufasha guhuza imitima. Urwo na rwo ni ururimi rw’urukundo n’ikigongwe, tumvise Yezu adutumye gusasagaza. Mu budasa bw’abantu, mu budasa bw’ingabirano umw’umwe yahawe n’Imana, igisoma ca kabiri catwibukije ko twese dukeneraniye, kuko tugabana Mutima umwe. Twese turi bamwe, n’aho tutoba tumeze kumwe, kandi ni vyiza ko tutamera kumwe, kuko ngo n’amashurwe ashariza arobetse, adasangiye ibara yose.
Bavukanyi
Mutima Mweranda twakira adufashe, aduhe ingoga n’ubutwari bw’ugusitura impole zitanyab abantu n’abandi, izo mpome twubaka kubera ubwoba, maze twuguruke mu mitima, tubohoke kandi tubohore abandi, cane cane abafise ubwoba, kuko ubwoba buri no mu biranga igicumuro. Nkako, igicumuro si cane cane utwo dukosa tugwamwo buri musi kubera intege nke canke ukutamenya, igicumuro ukwanka gutakarira mu Mana, kuko utinye ico yohava igusaba, bigahava bikugora kuko utazi iyo vyogushikana, nk’ukugenda ugana abo mudasa canke mudasangiye ibi na biriya, ariko muhamagariwe gusangira ijambo, gusangira umitwarariko w’ukuremesha amahoro. Ng’ico igicumuro cacu, ng’ico duhamagarirwa kugwanya muri twebwe uyu musi, ng’ico ico duhamagariwe kugwanya no muri bene wacu, twese duhwanire guhaya Izina ry’Imanq, dukenguruka ivyiza itugirira.
Tubisabiranire, dusabiranire kwemera kwakira uwo Mutima yageranya abantu n’abandi, gutyo dushire ubwoba, turonke umwidegemvyo nyakuri, turonke amahoro.
Umusi mukuru Mwiza kuri mwese.