Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » Ubutatu Bweranda: « Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege »

Ubutatu Bweranda: « Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


« Kw’izina rya Data, na Mwana, na Mutima Mweranda »

« Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege »

TRINITEBavukanyi,
Uyu musi turakoranye kw’izina rya Data, na Mwana na Mutima Mweranda, twebwe duhuzwa n’Imana muryango wa Data na Mwana na Mutima Mweranda, bagize Umwe n’aho ari Batatu, urukundo rubaranga rukabagira Umwe. Twakoranye rero ngo twinovore urwo rukundo, cane cane uyu musi, ngo tururahureko, maze abe ari rwo rwama ruturanga. Iyo Mana yadukunze ni yo sôko ry’imigisha, sôko ry’urukundo n’isangiramutima, sôko ry’urukundo rwuzuye imbabazi n’ubuntu, ntikaza ishavu, ni ikigongwe cinshi, ikazira guhemuka, nk’uko twavyumvise mu gisomwa ca mbere. None rero, « muragahorane inema y’Umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rw’Imana, mwuzure Mutima Mweranda ». Ni yo ndamutso twumvise Pawulo Mweranda akoresha mu kuramutsa Abanyakorenti. Ni muze natwe itwinjize mu kinyegezwa c’Ubutatu Bweranda.

None ico kinyegezwa tugitegere dute? Mbega birashoboka ko tugitegera? Duhere he? Tugarukire he? Mbega Ijambo ry’Imana twumvise hari ico ryodufasha? Reka tugerageze turabe, tumve!

« Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege »

Ng’iryo ijambo nshimye gufatirako ngo rituje imbere mu kugerageza gutegera ivy’Ubutatu Bweranda. Nibwiye nti ikinyegezwa c’Ubutatu Bweranda, si ikibazo c’akamenamutwe (casse-tête), nk’uko nigeze kwumva bavuga ko Agostino Mweranda yashatse kukigira akamenamutwe bigaca bimugora, Imana ikamuha ikimenyetso gisanzwe c’akana gato kariko kavoma ibahari Méditerranée, kayikwize mu kanogo kimvye mu musenyi, ku nkengera y’iyo bahari.
Ikibazo c’Ubutatu Bweranda, numva kandi ntegera ko cerekeye imibereho n’imigenderanire y’urukundo (expérience d’amour), urwo rukundo tugiriranira n’iyo Mana yamye yiyerekana ko ari Rukundo, n’aho urwo rukundo twoba tudashobora kurutegera bukwi na bukwi, ngo dutegere aho rugera n’aho rwotugeza igihe twokwemera kurwisunga.

Muri iyi Nkuru Nziza twasomewe uyu musi, imbere y’ibi twasomewe, ku karongo k’icumi (Yohani 3,10) Yezu abaza Nikodemu ati : « uri umwigisha muri Israeli, ariko ukayoberwa ivyo? » Natwe uyu musi Nikodemu yoduserukira, agaserukira incabwenge z’ubu nk’uko yaserukiye incabwenge z’igihe ciwe. Araduserukiye muri iki kiyago bagiranye na Yezu, kugira ngo nitwakurikira inzira Yezu yamucishijemwo, bigire ico bituzaniye mu gutegera no mu kunywana n’Ubutatu Bweranda.

Egome cane bavukanyi, Imana ni Rukundo, ngo yuzuye imbabazi n’ikigongwe. Urwo rukundo narwo, rwariyerekanye. Rurafise isura: ni Kristu, Umwana w’Imana nzima yapfuye akazuka, ni Kristu we gashusho ka Mana itaboneka. Twagiye kubitegera neza aho yitangiye ku musaraba. « Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege », ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera.

SteTrinitéBavukanyi,
Urwo rukundo, ni rukundo rutanga kandi rwitanga. Mu kuduha Umwana wayo w’ikinege, Imana yarerekanye ko idukunda. Ni yo yatwihaye. Yuzuye impuhwe, yuzuye imbabazi idufitiye, kuko turi « bura bw’Imana », gutyo bikayanka mu nda igihe cose ikibi cononye isura twaremanwe. Papa Fransisko ati : « Izina ry’Imana, ni impuhwe », ari zo zatumye itanga vyose, ngo dukire. Ntaco yisigarije. Tweho bite? Turatanga? Turitanga? Canke turi « maboko » nk’uko Abarundi babivuga! Bavukanyi, ica mbere tokwirimburako kuri uyu musi ni ico: ugutanga, ukitanga twitangira abandi.

Urwo rukundo kandi, rubonekera mu kigongwe Imana itugirira ubudasiba, kuko « Imana itatumye umwana wayo w’ikinege gucira urubanza isi ». Ng’ico iciyumviro gishasha muri Israeli, yahora yiyumvira ko aho Imana izozira, izotikiza abayobe bose. Bibaza ko umuzo wayo uzoba « agaterabwoba ». Ni wa musi Yohani abūrá agira ati: « ishenyo iraneze ku mizi y’ibiti, igiti cose kitama vyiza kiza gucibwa gitabwe mu muriro…. Afise urutaro mu minwe, none aza gukubura imbuga yiwe, yimburire ingano mu kigega, ibikumbi navyo abiturire mu muriro utazigera uzima » (Matayo 3,10-12).

Yezu azanye iciyumviro gishasha, aho urwo rukundo rutarenza uruho rw’amazi ku kibi, ariko kandi rukagira ibishoboka vyose ngo abantu bakire. Ntirwitwara nka ba batumwa Yezu yita « abana b’umuturagaro » (Luka 9,51-56). Ni urukundo rwihangana, ridatikiza, rurindira abantu ngo bisubireko. Ruterwa impuhwe n’ukubona hari ibitaratonda. None twebwe turarindira? Ntidukoreraho nk’umunyu? Ntiducira imanza abandi, mbere tukibaza ko n’uguhinduka batohinduka?

Urwo rukundo kandi, ni urukundo rusabikanya, rukagomeza isangiramutima. Ubwa mbere, urwo rukundo rudutumirira gusangira ubuninahazwa n’Imana, twese abo yaremye mbere n’ivyo yaremye kuko vyose birindiranye igishika ubuninahazwa (Abanyaroma 8,19ss). Ico tuzi kandi tutihenda: Imana iradukunda, twese, kandi irakunda ivyo yaremye vyose kuko yabiremanye ubwiza. Nta migwi rero y’ukuvangura abantu n’abandi. Nta banyamahanga, nta bana bo mu nzu. Erega bavukanyi tudafashe iyo ngendo y’urukundo, ubwo Butatu Bweranda kizoguma ari ikibazo c’akamenamutwe, kizoguma ari iciyumviro gusa. Twige kurabana dushimana, aho gushihana, twige kuramukanya nk’aberanda nk’uko Pawulo yabiduhanuye (kiretse muri iki gihe c’íkīza-karānda ca Covid-19).

« Nkako nyene, Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege »

Uyu musi mweranda duhimbaje, ni umusi w’urukundo rw’Imana runayituma yisubirako kugira ngo itugirire ineza. Twumvise Musa asaba agira ati: « Mukama, ni waba unkunda, ndagusavye utuje imbere. » Imana iciye ivyemera n’aho imbere yaho yari yagize iti: « sinzosubira kudugana namwe kuko muri abantu badadaza igikanu »(Ihunguka 33,3). Ubwo muri twebwe nta bantu bafata ingingo ntabanduka, n’indahiro bakagerekako ngo nta ciza tugisangira n’uwu canke uriya? Kandi wosanga bari mu bagira urumenyetso rw’umusaraba kenshi ariko bikaba nk’ibikino gusa!

Bavukanyi,
Kumwe n’iyindi misi mikuru nyene twama duhimbaza, uyu musi mukuru udufashe kumenya n’ukumenyera kunywanisha ubuzima bwacu bwa misi yose n’Ijambo ry’Imana. Ukwinjira muri uwo mugambi, ni ikibazo c’urupfu canke c’ubuzima. Gukunda n’ugukundana bituma dusubiriza mu ndumane urw’Imana yadukunze, n’aho nyene vyama vyatugoye. Ni naco kiduha ubuzima nyabwo kuko uwemeye aronka ubuzima.
Iryo jambo ry’urukundo tuvoma mu bumwe bwa Data na Mwana na Mutima Mweranda, rirahambaye cane. Si iry’ejo canke hirya y’ejo. Ni intumbero duhamagariwe guha ubuzima bwacu uyu musi nyene kugiranuku guhimbaza ikinyegezwa c’Ubutatu Bweranda kugire ico kidusigaranye uyu musi, mu mibano no mu kibano cacu.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :