Bavukanyi,
Uyu musi turiko duhimbaza umusi mukuru cane w’Umushaha Mweranda wa Yezu, ukaba n’umusi mpuzamakundu w’ugusabira ubweranda abasaserdoti basanzwe badushikiriza ivyiza vy’Imana, mu nyigisho, ariko cane cane muri ya masakramentu adudubiza ava mu mushaha wasogoswe wa Yezu, umwe wavamwo amazi n’amaraso bitumenyesha ubuzima bw’Imana iduha ataco yisigarije. Mu bisanzwe, uyu musi uhimbazwa ku musi wa gatanu ukurikira uw’Imana kuva duhimbaje Isakramentu Ryeranda. Hano iwacu i Burundi, Abepiskopi bashimye ko tuwuhimbaza ku musi w’Imana kugira abakristu baronke akaryo keza ko kuwuhimbaza batabangikanije.
Uyu musi rero ni uwacu, aho Umukama atwereka urukundo adufitiye nk’uko twagiye turavyumva mu bisomwa vyeranda vy’uyu musi. Twumvise ingene ijambo ry’urukundo ryagiye riragaruka. No mu Nkuru Nziza, ni ryo Yezu yagarutseko mu yandi majambo, atwereka umwitwarariko adufitiye, ati : ni muze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira, muheze muronke akoyoko k’imitima yanyu. None ubwo iryo jambo riratwerekeye? Ni twaba tubona tutarushe cane, ubwo abarushe canke baruhijwe bari aho mbaye canke aho nkorera, ndabitwararika? Canke mbona iwanje bukeye nti: ni amarame!
Ico mbona ga bavukanyi, abantu barushe canke baruhijwe bariho, abantu batuntuye bariho. None baruhishijwe n’iki? Yezu abemereye iki?
« Ni muze mwebwe mwese murushe, nzobaruhurira »
Bavukanyi,
Ari abarushe, ubwo ubona Yezu yari kwiherako. Ariko kubw’urukundo adufitiye, ashimye kwemera kuruhurira twebwe n’aho nawe nyene mu bihe vyiwe ibimuruhisha bitabuze. Muti gute?
Uyu musi, twumvise Inkuru Nziza itangura iti « muri irya misi ». None muri irya misi habaye iki? Bavukanyi, ako kajambo n’aho tukamenyereye, uyu musi ntigasanzwe. Turiko dusozera gusoma n’ukuzirikana ikigabane ca 11 c’Inkuru Nziza nk’uko yashikirijwe na Matayo. Mu ntango y’iki kigabane, Yohani Batista, umucâcūzi wa Yezu yari apfungiwe mw’ibohero ry’i Machéronte, arindiriye ko uwo yateguriye amayira amuserukako, arabura. Ni kwo gutuma abiwe ati : gende mumumbarize muti: « uri umwe yimirije kuza canke canke turindire uwundi? » (Matayo 11,3). Ukwo gukekereza vyari kuruhisha Yezu. Mbere agira ati: harahiriwe uwutazotirimuka ku bwanje, kuko ashobora gutangazwa n’ingene nigenza, uko atari avyiteze.
Muri gice gikurikira (Matayo 11,16,19), turabona ingene abo Yezu yaje gukiza twigenza nk’abana bahīyé mu kwaha. Ni ba ntahomfatwa, bagereranywa n’abana bari ku kibuga bikinira ataco binona, vyaba ibibabaje canke ibinezereye: havuga umwironge canke havuga induru, vyose ni co kimwe.
Mu nyuma y’aho (Matayo 11,20-24), tubona Yezu aririra ibisagara vyanse kwemera ijalbo ryiwe: Korozaini, Betsayida na Kafarnaumi. Mbere atanga urugero ku bisagara vy’abapagani (Tiri na Sidoni), ngo bene Israyeli bikebuke. Ubu ntariko abwira abantu, abwira ibisagara kuko yemeza ko abantu ari magiriranire.
Bavukanyi,
Inyuma y’izo « échecs » zose, dutangarire ingene Yezu ashemeza Imana Se! Ati : « ndagushemeza Dawe, Mukama w’ijuru n’isi ». Ahereje kuri « Louange« , ahereje ku kuninahaza Imana. Mbega natwe ni ko twogira ivyo twari twizigiye bifyondotse, bidutekurukanye? Ni ko twokwifata abo twari twizeye batwizerutse? Ng’ako akarorero Yezu aduhaye. Mbere aciye adutumirira akaruhuko. None ako karuhuko kameze gate?
« Ni muze mwebwe mwese murushe, nzobaruhurira »
Bavukanyi,
Ako karuhuko Yezu adutumiriye sinukwigaramira ng’aho ataco duhereza iminwe, si ugutera ryarenga k’irigara dutanye ibikorwa abandi. Ni yaba atuhutse mw’ijuru iyo aturorereye mu buninahazwa, turazi ko yafashe inzira y’i Golgota, ku wa 5 Mweranda, wa musi asogotwa, n’akari gasigaye akakaduha. Ariko inyuma y’aho turazi ko hari ubuninahazwa bw’izuka. Ntitwota umutwe rero bigoranye, ntitwota ubwoko, ntitwogoka. Ngo « uheza kugoka ibigori bikera », ngo « inzara irahera ariko igihému ntigihera ».
Nta bwo rero Yezu adutumiriye kurera amaboko. Aduhamagariye guhangana n’inabi, adutumiriye kugwanira ico cose gifutanya iteka ry’ab’Imana nk’uko nawe yahanganye na vyo, gushika yemere n’ugupfa kuko yanse guhemukira ukuri. Adutumiriye kugera ikirenge mu ciwe, ngo tugendere urukundo twumvise ruyagwa mu bisomwa vy’uyu musi, tugendere mu kuri, gutyo bituronkere ubuzima, biburonkere n’abandi.
Bavukanyi,
Uyu musi mukuru rero ni umusi mukuru w’ukwakira n’uguhimbaza ubuzima, kuko urukundo Yezu yadukunze gushika adupfire rwadusubije ubuzima, mbere ubuzima budahera. Ubwo buzima bwatanguye kwibinekeza akiri ku musaraba. Mwibuke ko bavuga ko wa musoda (Longino) yamusogota icumu mu rubavu, hakisuka amaraso n’amazi, yaciye ahúmūka. Mwibuke ko na wa musuma yari abambanwe na Yezu yahavuye agabanye ubuzima budahera (n’aho indimi mbi zivuga ko Dismasi yivye, agahēmūka yivye n’ijuru). Natwe refo ni uko, igihe cose turiko turitanga twitangira abandi, abantu batangura gukira n’ico turondera tutaragishikako, kuko abantu bashobora kwumva bubatswe n’ukwo kwitanga kwacu nyene.
Ni aho rero urukundo rubwirizwa kudushikana: gutanga ubuzima. Mwibuke ko Abarundi bavuga ko uwugufashije, uwukubaye hafi aba akuvyaye! None twebwe tugendera urwo rukundo gute ngo dutange ubuzima, gutyo tube turiko dusa n’Imana yo itanga ubuzima? Bavukanyi, uguhimbaza uwu musi mukuru, ni ukwemera kwinjira muri iyo ntumbero (logique) y’Imana, tukaba abatanga ubuzima, atari ababúhōhōsha.
« Ni muze mwebwe mwese murushe, nzobaruhurira »
Bavukanyi,
Iyo tutagendeye mu rukundo, tuba dusa n’abapfuye bagenda, nka kumwe nyene abavyeyi biyambagura bagira bati : « ewe kubúrira hejuru birababaza »! Ico gihe rero turaruha, tukaruhīsha n’abandi. Erega nta muntu yiziziwe n’inzigo yigera aruhuka! Nta muntu aguma ahekenya imisaya (yiwe!!!) yongera yidoga nk’agakecuru kamaze abagabo yigera aruhuka! Uwo rero aba yikoreye umuzigo, gutyo akaruha, agaca aruhisha n’abandi bafatanije akayira, tugahava tumwikorera nk’umupfu nyene, tukamwikorerana n’umuzigo yikoreye. Uwutakiriye Yezu nta buzima agira.
« Ng’iki icatumenyesheje urukundo rw’Imana muri twebwe, ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege kw’isi, kugira ngo tube bazima ku bwiwe ».
Tumwakiriye, turaheza tukaba bazima, kandi twese. None ubwo turashaka kuba bazima? Twese? Atawipfuza ko hari uwutoba muzima ngo dusangire ivyo vyiza?
Bavukanyi, mu gutanga ubuzima, Yezu ntabuduha twenyene, abuduha nk’umuryango, akabuha abuzukuru n’abuzukuruza, gushika ku ruvyaro rw’igihumbi, nk’uko tavyumvise mu gisomwa ca mbere. None twitwararika gute abariho ubu n’abazoza ejo?
Uyu musi mukuru turiko duhimbaza ni udufashe kwakira Ubuzima n’ukubuzigama, kwakira ubuzima n’ukubutanga, gutyo dusangira na bose gushemeza Imana nk’uko Umukama yabiduhayeko akarorero.
Ni tugire Kristu.